Umunyamabanga mukuru arabandanya kugendera abagumyabanga abasanze mu mazone iwabo.
Actualité, Economie, Historique, Politique

Umunyamabanga mukuru arabandanya kugendera abagumyabanga abasanze mu mazone iwabo.

Kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 07 Kigarama 2023, Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka  Révérien NDIKURIYO yaragendeye amazone atandatu yo muri Komine Matana, mu ntara ya Burunga. Urwo rugendo akaba yarutanguriye muri zone Nyagasasa, abandaniriza  mu mazone ya Kibezi, Kivumu, Mugamba, Mwumba ; aca  aja kurusozerera muri zone Vyuya.

Muri ayo mazone, Umunyamabanga mukuru yari yaherekejwe n’Umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe kumenyekanisha amakuru, akaba n’Umuhetsi w’intara ya Burunga, hamwe n’ubuserukizi bw’umugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara.

Mu vyo baganiriye n’abo bagumyabanga, Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yashimikiye ku migambi y’iterambere, indero y’akanovera, amagara meza, ibidukikije no gukomeza umugambwe CNDD-FDD.

Umunyamabanga mukuru aributsa abagumyabanga ko ihangiro rya Reta y’Uburundi irongowe na Nyenicubahiro Evariste NDAYISHIMIYE, ry’uko Uburundi bwoba ari igihugu cifashe mu mwaka w’2040 n’igihugu giteye imbere mu mwaka w’2060, riraba abarundi bose muri rusangi, ariko vy’umwihariko abagumyabanga bari mu mugambwe urongoye igihugu. Umunyamabanga mukuru agasaba abagumyabanga gufata iyambere mu gushitsa iryo hangiro,  bakure amaboko mu mpuzu bitunganirize imigambi ibateza imbere.

Na yo mu ntumbero yo kwinjiza amafaranga y’agaciro no kuduza ubutunzi bw’igihugu, Nyeniteka yasavye abagumyabanga gushira mu ngiro imigambi yo kurima ibiterwa njabukamazi na cane cane ikawa n’amavoka hamwe no gukomeza umugambi wo kworora inkwavu.

Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yahamagariye abagumyabanga kugarukira indero yo haziko y’akanovera. Agira ati: « Ntawushobora kwubaka iterambere atubatse ubuntu. Abana bacu tubarere muri ya ndero nziza y’ikirundi yubakiye ku mico kama n’imigenzo ya kera. »

Kubwa Nyeniteka, iyo ndero nyene ni yo izofasha mu gutegura urugo rwiza ruzoramurira Uburundi abagabo n’abapfasoni b’ijunja n’ijambo. Amenyesha ko umugambi wa « TURERERE UBURUNDI » washizweho kugira  ngo indero n’ikibano bigarukane akanovera.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien NDIKURIYO yasavye kandi abagumyabanga gukingira ibidukikije no kugira isuku kugira bagire amagara meza. Nyeniteka abahamagarira kuvyara abo bashoboye kurera ngo kuko kuvyara benshi bisubiza inyuma iterambere ry’umuryango n’iry’igihugu.

kuvyara abo bashoboye kurera ngo kuko kuvyara benshi bisubiza inyuma iterambere ry’umuryango n’iry’igihugu.

Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yasozereye asaba abagumyabanga gukomeza umugambwe CNDD-FDD. Kubwiwe, umugambwe ukomeye utuma igihugu gitekana kandi igihugu gitekanye gica gitera imbere.

8 décembre 2023

About Author

BANGEL


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *