Amatangazo

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 19 RUHESHI 2023
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Politique

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 19 RUHESHI 2023

    Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yadushikanye kuri uyu musi turi bazima, tuyininahaza. Icubahiro ni icayo ibihe bidashira muri vyose na hose.   Hari ku wa 18 Ruheshi 2020, Imyaka itatu irarangiye, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, arahiye imbere y’Imana n’Abarundi mu mabanga ahambaye y’iteka ryo kurongora Uburundi n’Abarundi. Twibuka kandi…

Itangazo ku bamenyeshamakuru-Nyakanga 2022
Amatangazo

Itangazo ku bamenyeshamakuru-Nyakanga 2022

Tubanje guca bugufi no gukenguruka ikingongwe, Urukundo, Imana Nyeny’Ubushobozi ifise ikibanza ca mbere mu gihugu c’Uburundi no mu mugambwe wacu CNDD-FDD idahengeshanya kwerekana ku Barundi, abana Bayo. Ni ishemezwe hose na bose, Yadushoboje kuramuka dusangwa Amahoro, Umutekano n’impore  mu gihugu cacu ciza c’Uburundi. Kuri rino genekerezo rya 07 Nyakanga 2022, Umugambwe CNDD-FDD uramutse ushikiriza Abarundi…

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 09 RUHUHUMA 2022
Amatangazo, Communiqués et Déclarations

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 09 RUHUHUMA 2022

1. Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2022, Umugambwe CNDD-FDD wakiranye urweze ingingo yafashwe n’ibihugu bigize Ubumwe bwa Buraya bwo gukuraho ibihano vy’ubutunzi ivyo bihugu vyari vyafatiye Uburundi mu mwaka w’2016 hisunzwe ingingo ya 96 y’Amasezerano yiswe ay’i Cotonou. Iyo ngingo yo gukuraho ivyo bihano igaca ikurikizwa buno nyene igiheza gufatwa. Iyo ngingo…

COMMUNIQUE DU PARTI CNDD-FDD DU 09 FEVRIER 2022
Amatangazo, Communiqués de presse, Communiqués et Déclarations

COMMUNIQUE DU PARTI CNDD-FDD DU 09 FEVRIER 2022

Le Parti Conseil National pour la Défense de la Démocratie – Forces pour la Défense de la Démocratie, CNDD-FDD, a accueilli avec joie, ce mardi 08 février 2022, la décision prise par l’Union Européenne portant levée, avec effet immédiat, des sanctions économiques contre le Burundi dans le cadre de l’article 96 de l’Accord de Cotonou….

ITANGAZO RISOZERA IKORANIRO KAMINUZA RIDASANZWE RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KW’IGENEKEREZO RYA 24 NZERO 2021 RYABEREYE I GITEGA.
Amatangazo, Congrès, Evénements, Secrétariat Général

ITANGAZO RISOZERA IKORANIRO KAMINUZA RIDASANZWE RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KW’IGENEKEREZO RYA 24 NZERO 2021 RYABEREYE I GITEGA.

  Kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2020, Umugambwe CNDD-FDD watunganije Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe, rikaba ryabereye i Gitega, umurwa mukuru wa poritike. Ikoraniro ryabaye ku civugo :‘’BAGUMYABANGA, DUKOMEZE DEMOKARASI MU BURUNDI MU KWITORERA INDONGOZI’’ Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe riri mu rukurikirane rw’amateka mashasha y’Igihugu n’Umugambwe CNDD-FDD, ryabaye Abagumyabanga bamaze imisi itatu imbere y’Imana nkuko vyafunditswe mw’Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe ryo ku wa…

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO GUSHIMA INGINGO INAMA NKURU IJEJWE UMUTEKANO Y’ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU YARAYE IFASHE YO GUKURA UBURUNDI K’URUTONDE RW’IVYIRWA MU BIJANYE N’UMUTEKANO.
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO GUSHIMA INGINGO INAMA NKURU IJEJWE UMUTEKANO Y’ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU YARAYE IFASHE YO GUKURA UBURUNDI K’URUTONDE RW’IVYIRWA MU BIJANYE N’UMUTEKANO.

Umugambwe CNDD-FDD wifatikanije n’abagumyabanga bose, ndetse n’abarundi bose muri rusangi kugira ugaragaze icese ko wakiranye urweze ingingo rugabo iherutse gufatwa n’urwego rujejwe umutekano mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, iyo ngingo ikura Uburundi ku rutonde rw’ivyigwa mu bijanye n’umutekano n’agateka ka zina muntu. Iyo ngingo irerekanye neza ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryatahuye ukuri ko Uburundi buhagaze neza mu…

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA YAHO SENTARE YUBAHIRIZA IBWIRIZWA SHINGIRO ITANGARIJE IBIHARURO NTABANDUKA VY’IVYAVUYE MU MATORA YO KU WA 20 RUSAMA 2020
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA YAHO SENTARE YUBAHIRIZA IBWIRIZWA SHINGIRO ITANGARIJE IBIHARURO NTABANDUKA VY’IVYAVUYE MU MATORA YO KU WA 20 RUSAMA 2020

Kuri uyu munsi mwiza ku bakunzi b’amahoro na demokarasi, Umugambwe CNDD-FDD uri n’akanyamuneza ntangere ko gushimira ubwa mbere Imana Mushoboravyose yagiye imbere abarundi mu nteguro no mu matora nyezina yabaye ku wa 20 rusama 2020.   Umugambwe CNDD-FDD urakeje abarundi isinzi bitavye amatora yo kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020   bagatora batekanye, umutima uri mu nda,…

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE NO KWIBUKA IMYAKA 26 IRANGIYE UMUKURU W’IGIHUGU AKABA N’ INCUNGU YA DEMOKARASI  NYENICUBAHIRO MERIKIYORO NDADAYE AGANDAGUWE
Actualité, Amatangazo, Communiqués de presse, Espace Presse, Politique

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE NO KWIBUKA IMYAKA 26 IRANGIYE UMUKURU W’IGIHUGU AKABA N’ INCUNGU YA DEMOKARASI  NYENICUBAHIRO MERIKIYORO NDADAYE AGANDAGUWE

    Mu gihe Abarundi twibuka imyaka mirongo ibiri n’itandatu irangiye Nyenicubahiro Prezida Ndadaye Merikiyori n’abo bafashanya kurongora igihugu bagandaguwe bunyamanswa n’abari bajejwe kubakingira, Umugambwe CNDD-FDD wongeye kwifatanya n’Abarundi bose bakunda igihugu cabo, mu gutera ivyatsi abo bansi b’igihugu abateguye n’abashize mu ngiro iryo bara ryakwegeye Uburundi mu kaga k’intambara yamaze imyaka irenga icumi.  …

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA Y’IMYAKA INE UHISEMWO NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA NGO AWUSERUKIRE MU MATORA Y’UMUKURU W’IGIHUGU
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA Y’IMYAKA INE UHISEMWO NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA NGO AWUSERUKIRE MU MATORA Y’UMUKURU W’IGIHUGU

    Guhagararira Demokarasi niyo nzira iha uburenganzira bungana abenegihugu bose.   Kuri iri genekerezo rya 25 Ndamukiza 2019 imyaka ibaye ine aho twibuka umunezero waranga abagumyabanga mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ku cicaro c’umugambwe CNDD-FDD, umunsi nkuyu mu 2015, abagumyabanga basubiye kwizera Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA ngo asubire kurongora igihugu c’Uburundi mu kiringo c’imyaka itanu.   Iyo…

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N’UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N’UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA

Turujuje imyaka 25, Nyenicubahiro Prezida Sipiriyano NTARYAMIRA n’abashikiranganji babiri ba Reta yari arongoye, Berenarudo Ciza na Siriyako Simbizi bagandaguriwe mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Hari ku wa 06 Ndamukiza 1994, aho indege yari ireruye Prezida w’Urwanda, Juvénal Habyarimana, n’izindi ntumwa zari zimuherekeje, ari nayo izo ndongozi z’Uburundi zarimwo, yaraswa igisasu ca missile, kigahitana abarimwo bose, aho…

1 2 3 4