Ni akanyamuneza ntangere mfise kuri uyu musi kuntera iteka kugira nze ndabaserukire. Binteye akanyamuneza kuko vyerekana neza ko igikorwa mwari mwanshinze ubwa mbere nakiranguye, kandi mukongera mugashima.
Turashimiye rero Imana Mushoboravyose kuko twarabonye ko imigambi idufitiye atari imigambi y’amarushwa, ariko ari imigambi y’amahoro kugira ngo iduhe kazoza n’ukwizigira. Ndashimiye abagumyabanga kuko mutakijuragirika; muzi neza iciza muhitamwo. Komeza rero inzira mwatanguye, mukomeze umurego kuko iyo muja murahazi. Iyo muja murahazi kuko mwansavye kubabera umudereva gusa. Nanje si ivyo niga, reka dukomeze urugendo kuko turavye aho tugeze, turahaye turabona aho tugiye. Nari kubabaza nti: « Mbega munyizigiyeko iki ko mwanyizeye?» Inyishu ndayiha. Ubwa mbere si ndi umwiga, ubwa kabiri ndashiririye.
Kugira ngo dushike neza kuri ca gihugu giteye imbere, ni uko twese tuba tugize urunani, tugasenyera ku mugozi umwe nk’inzuki mu muzinga. None, umudereva mungize azoguma yitwararika iki?
Ubwa mbere murabizi mwese, ni umutekano, ubutungane no guhagarira amategeko kugira Umurundi wese canke umunyamahanga aba mu Burundi akore umutima uri mnda kuko ndakeneye yuko nobona Umurundi wese aba ingabo mu rugamba rwo gutsimbataza amahoro no kurwanya ubukene. Dukore cane ijoro n’umutaga, ariko kandi tugavye. Dutegerezwa kubona ko ku mbibe zose z’Uburundi ata gihengeri na kimwe gihari. Kandi turi kumwe twese, birashoboka.
Umwitwarariko wa kabiri ni ukubona Umurundi wese atunze kandi atunganiwe mu vyiwe no mu biwe. Tuzokwitwararika ko iterambere rikomoka ku mwenegihugu rikongera rikamusubirako. Kubera ivyo, intwaro ibereye ni yo igiye kutubera inkoni twishimikiza. Ngiye kuba umukomanda w’abakomanda. Abo tugiye gufatanya ico gikorwa, muvyumve kare. Mutegerezwa namwe kumera nkanje, namwe mube abakomanda. Uwo bizogora na we akaba ikinebwe, canke akaba impumyi itabona iyo ija, aze yibuka ko abo turongoye atari intama, bobo babona.
Benewacu, nta wokora atagira uburyo. Sinkeneye ko tubandanya twurira indege tugiye gusega ivyo dusize ngaha. Nkeneye ko twurira indege tugiye kurondera isoko. Dutangure rero tuvyaze umusaruro itunga kama Imana yaduhaye, duheze tuwuvyaze umusesekara. Turime, dushore umwimbu. Tworore, dushore inyama. Duhe agaciro igihugu cacu kugira abanyamahanga bagihurumbire. Twimbe ubutare kandi tubuhingure kugira dushore ibifise agaciro. Kugira ivyo tubishikeko, dushaka Abarundi baciye ubwenge kandi b’ibishirira. Ni co gituma twipfuza gusohora uruvyaro rushasha rufise indero n’ubumenyi. Dukeneye kurema uruvyaro rushasha rufise indero n’ubumenyi kuko naho wogira ubumenyi utagira indero nta na kimwe wopfa ushitseko. Dushaka Abarundi b’imico myiza kandi babona neza iyo baja. Ivyo ni twabikora, nta kibuza ko tuzokwubaka ya mazu meza meza dushaka, ya mabarabara meza meza dukeneye, ya mashure meza, ndetse n’amavuriro. Bavukanyi, mu kurindira iyi ngingo muhejeje gufata, hariho abo wamenga bari mu karuhuko, wamenga bibereye muri transit. Kuva ubu rero turahagaurutse, tugana kuri rya sango ry’igihugu giteye imbere. Abari barindiriye umuhini mushasha, ni muhumure nta mabavu mukigize. Twaramaze kubivuga «Amajambo make, ibikorwa vyinshi. Umwimbu ni wo uzokwivugira». Ni kuri aya majambo dusezeraniyeko, Imana Mushoboravyose ibahezagire. Ni aho ku kivi aho bukera.



Laisser un commentaire