Kirundi

Igiterwa c’amateke  kiriko kirarwizwa n’Umugambwe CNDD-FDD mu Burundi biciye ku muhari w’Abakenyererarugamba.
Economie, Kirundi, Ligue des Femmes, Non classé, Politique

Igiterwa c’amateke kiriko kirarwizwa n’Umugambwe CNDD-FDD mu Burundi biciye ku muhari w’Abakenyererarugamba.

Kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 24 Munyonyo 2023, Umukuru w’umuhari w’Abakenyererarugamba ku rwego rw’igihugu Yamuremye Mariya Goreti, arikumwe n’abarongoye Umuhari mu makomine agize intara ya Gitega barifadikanije n’Abakenyererarugamba bo muri komine Kiganda, aho bari baramutse batera umurima w’amateke muri zone ya Gasura  urenza gato ihegitari zibiri. Mariya Goreti Yamuremye yashimiye abakenyererarugamba bo muri iyo…

Umugumyabanga wese asabwa kuguma mw’isezerano ry’Imana n’Umugambwe CNDD-FDD.
Actions de grâce, Arts & Culture, Kirundi, Politique

Umugumyabanga wese asabwa kuguma mw’isezerano ry’Imana n’Umugambwe CNDD-FDD.

Nk’Umugambwe washize Imana imbere, buri wa kane wa nyuma w’ukwezi, Umugambwe CNDD-FDD wama utunganya amasengesho mpuzamadini mu ntumbero yo kuzigama no kwibukanya isezerano ry’Imana n’Umugambwe CNDD-FDD.  Mu ngoro nkuru y’umugambwe CNDD-FDD iri mu Gisagara ca BUJUMBURA, amasengesho yo kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 26 Gitugutu 2023, yari yatewe iteka n’Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka…

Ijambo rishikirijwe na Nyakwubahwa Gen Maj Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 rusama 2020.
Actualité, Espace Presse, Kirundi, Politique

Ijambo rishikirijwe na Nyakwubahwa Gen Maj Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 rusama 2020.

Barundi benewacu, Ncuti z’umugambwe CNDD-FDD Imana mukama wacu ni ishimagizwe ibihe vyose; Amahanga yose abimenye ko ariyo yama irokora Uburundi ibihe vyose. Ni iyo Mana dusenga yaraye iteturuye kandi Uburundi.   Kw’izina ry’abagumyabanga bose bahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, incuti n’abagenzi b’umugambwe CNDD-FDD ; Ndi n’iteka n’akanyamuneza ntangere vyo gukeza abarundi isinzi bitavye amatora yo kuri uwu…

Ijambo rishikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe
Discours, Kirundi

Ijambo rishikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi, ukaba uri Imboneza mu mugambwe wacu CNDD-FDD Mwanyakwubahwa mugize Inama nkuru y’Inararibonye; Mwanyakwubahwa muri mu Buserukizi bukuru bw’umugambwe wacu CNDD-FDD; Nyakwubahwa Mukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi ukaba n’Umugumyabanga; Nyakwubahwa Mukuru w’Inama nkenguzamateka y’Uburundi ukaba n’Umugumyabanga; Nyakwubahwa Cegera ca Kabiri C’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Mwanyakwubahwa Bakenyererarugamba muri mu biro vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka;…

Kirundi

ITANGAZO NO 003/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 17 RUHUHUMA 2016

Ababandanya bihambirira ku vyiyumviro vy’ihonyabwoko n’ibinogo bihambwemwo abantu benshi ni abo nyene batemera ibiganiro hagati y’Abarundi na wa Mugwi ujejwe Ukuri no Kunywanisha Abarundi (CVR) 1. Mu mwaka w’1959, bamaze kunanirwa gutembagaza ubutegetsi bwariho mu Rwanda, hari abanyarwanda bamwe baciye bisukira mu Burundi gusaba ubuhungiro. Uguhunga nta kibi kirimwo kuko ivyo bishikira abantu bose bo…

Kirundi

IJAMBO RISHIKIRIJWE ABAGUMYABANGA KU MUSI MUKURU WO KWIGINA INTSINZI Y’AMATORA YO MU MWAKA WA 2015.

Bagumyabanga, Bakenyererarugamba, Mbonerakure, Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD; Tugire CNDD-FDD; Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Data Mushoboravyose, yoyo yadufashije tugakoranira hano, kumbure nta muntu muri twebwe yari azi ko yoba agihema  aya  masaha turavye   ivyo duhitiyemwo. Ko rero iyo Mana yavyikoreye, twebwe ahacu  n’ugushima gusa.  Nihabwe icubahiro. Bagumyabanga, Bakenyererarugamba, Mbonerakure, Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD; Uyu musi rero…