Barundi benewacu, Ncuti z’umugambwe CNDD-FDD Imana mukama wacu ni ishimagizwe ibihe vyose; Amahanga yose abimenye ko ariyo yama irokora Uburundi ibihe vyose. Ni iyo Mana dusenga yaraye iteturuye kandi Uburundi. Kw’izina ry’abagumyabanga bose bahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, incuti n’abagenzi b’umugambwe CNDD-FDD ; Ndi n’iteka n’akanyamuneza ntangere vyo gukeza abarundi isinzi bitavye amatora yo kuri uwu…
Ijambo rishikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe
Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi, ukaba uri Imboneza mu mugambwe wacu CNDD-FDD Mwanyakwubahwa mugize Inama nkuru y’Inararibonye; Mwanyakwubahwa muri mu Buserukizi bukuru bw’umugambwe wacu CNDD-FDD; Nyakwubahwa Mukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi ukaba n’Umugumyabanga; Nyakwubahwa Mukuru w’Inama nkenguzamateka y’Uburundi ukaba n’Umugumyabanga; Nyakwubahwa Cegera ca Kabiri C’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Mwanyakwubahwa Bakenyererarugamba muri mu biro vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka;…
ITANGAZO NO 003/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 17 RUHUHUMA 2016
Ababandanya bihambirira ku vyiyumviro vy’ihonyabwoko n’ibinogo bihambwemwo abantu benshi ni abo nyene batemera ibiganiro hagati y’Abarundi na wa Mugwi ujejwe Ukuri no Kunywanisha Abarundi (CVR) 1. Mu mwaka w’1959, bamaze kunanirwa gutembagaza ubutegetsi bwariho mu Rwanda, hari abanyarwanda bamwe baciye bisukira mu Burundi gusaba ubuhungiro. Uguhunga nta kibi kirimwo kuko ivyo bishikira abantu bose bo…
IJAMBO RISHIKIRIJWE ABAGUMYABANGA KU MUSI MUKURU WO KWIGINA INTSINZI Y’AMATORA YO MU MWAKA WA 2015.
Bagumyabanga, Bakenyererarugamba, Mbonerakure, Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD; Tugire CNDD-FDD; Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Data Mushoboravyose, yoyo yadufashije tugakoranira hano, kumbure nta muntu muri twebwe yari azi ko yoba agihema aya masaha turavye ivyo duhitiyemwo. Ko rero iyo Mana yavyikoreye, twebwe ahacu n’ugushima gusa. Nihabwe icubahiro. Bagumyabanga, Bakenyererarugamba, Mbonerakure, Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD; Uyu musi rero…