Xanax Uk Order Buy Herbal Xanax Ordering Xanax Online Illegal Alprazolam Ordering Buy 3 Mg Xanax
Abagumyabanga bahamagarirwa gukomeza inyifato nziza n’urukundo mu benegihugu.
Non classé

Abagumyabanga bahamagarirwa gukomeza inyifato nziza n’urukundo mu benegihugu.

  Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka  Révérien Ndikuriyo, aherekejwe n’umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe ajejwe inkino, imibano, imicokama n’ubuhinga ndangakaranga Calinie Mbarushimana, yazindukiye mu ntara ya Gitega kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 08 Kigarama 2023, aho yagendeye abagumyabaga bo mu mazone atatu, ariyo  Bisoro, Kanka zo muri Komine nshasha ya Mwaro na Ryansoro yo muri komine Gishubi.

Muri ayo mazone, Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka Révérien Ndikuriyo yahamagariye abagumyabanga gukomeza inyifato nziza n’urukundo mu benegihugu. Kubwiwe, Umugambwe CNDD-FDD ubandanya wakira ku bwinshi abanywanyi bashasha bawitura bavuye mu yindi migambwe kubera banyuzwe n’inyigisho umugambwe uha abanywanyi bawo, hamwe n’inyifato iranga abagumyabanga. Akabasaba kubandanya uko nyene.

Mu ntumbero yo kwubaka urugo rw’akarorero n’ikibano ciza, Nyeniteka yasavye abagumyabanga guhagurukira indero y’akanovera no kurera abana babo mu ndero nziza y’ikirundi, indero yo haziko yubakiye ku mico n’imigenzo ya ba sokuru kugira baramurire Uburundi abantu bakunda igihugu kandi b’umwete mu bikorwa vy’iterambere. Amenyesha ko umugambwe CNDD-FDD wahagurukiye indero n’ikibano biciye mu mugambi wa TURERERE UBURUNDI.

Mu gutegura igihugu gihagaze neza, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien NDIKURIYO yamenyesheje  abagumyabanga ko hateguwe inyigisho z’ibiswi vy’inkona zijanye no gukunda igihugu n’ibikorwa, kugira abana bakure bazi neza igihugu cabo

Mu gusozera, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien NDIKURIYO yasavye abagumyabanga gukomeza imigambi basanzwe baratanguye yo kworora inkwavu, gutera ikawa n’amavoka kugira igihugu kiduze ubutunzi n’amafaranga y’agaciro, hamwe no gutera ibiti mu ntumbero yo kubungabunga ibidukikije. Nyeniteka amenyesha ko mu gihe ibidukikije bigeramiwe, amagara y’abantu n’iterambere bica bihungabana.

8 décembre 2023

About Author

BANGEL


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *