Igiterwa c’amateke  kiriko kirarwizwa n’Umugambwe CNDD-FDD mu Burundi biciye ku muhari w’Abakenyererarugamba.
Economie, Kirundi, Ligue des Femmes, Non classé, Politique

Igiterwa c’amateke kiriko kirarwizwa n’Umugambwe CNDD-FDD mu Burundi biciye ku muhari w’Abakenyererarugamba.

Kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 24 Munyonyo 2023, Umukuru w’umuhari w’Abakenyererarugamba ku rwego rw’igihugu Yamuremye Mariya Goreti, arikumwe n’abarongoye Umuhari mu makomine agize intara ya Gitega barifadikanije n’Abakenyererarugamba bo muri komine Kiganda, aho bari baramutse batera umurima w’amateke muri zone ya Gasura  urenza gato ihegitari zibiri.

Mariya Goreti Yamuremye yashimiye abakenyererarugamba bo muri iyo komine kubona bariyumviriye gukora ico gikorwa, agashimira kandi Musitanteri wa Komine Mbuye yatije iryo tongo abakenyererarugamba. Akamenyesha ko bishikiye aho hariko haterwa ayo mateke mu ntumbero yo kuyarwiza, kuko ngo igiterwa c’amateke cari carazimanganye mu Burundi, kandi cari gitunze abantu benshi. Yabandanije avuga ngo : « Ico giterwa kiriko kirwizwa mu gihugu cose kuko imbuto yatewe mu Gasura muri komine Rutegama, yatanguye kugwirizwa mu ntara ya Rutana mu mwaka w’2020, ibandaniriza mu ntara ya Karusi, ubu ikaba igeze mu ntara ya Muramvya ya kera,  mu mugambwe yinjiye muri Gitega yagutse. »

Agasaba abakenyererarugamba bo mu gasura gufata neza  neza ivyo biterwa, bagwize imbuto, nabo bazohereze abandi batararonka kugira ayo mateke azobandanye agwizwa mu gihugu cose gushika asubiriye gukwira mu gihugu nka kera.

Yamuremye Goreti yatanze kandi impanuro ku bakenyererarugamba aho yabasavye kutikumira ngo bareke  kwinjira makoperative, akabasaba nyabuna kuyahurumbira, kugira bakorere hamwe n’abandi, borore ibitungwa bitobito nk’inkwavu n’ibindi, mu ntumbero yo gushigikira intumbero ya Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu, « Umufuko wose uronke amafaranga, umunwa wose uronke ico ufungura. »

Kubera ko umuntu atanga ico afise, umukuru w’umuhari w’abakenyererarugamba arasaba abakenyererarugamba kugira indero ubwambere, kugira bashobore kubaka ingo zabo neza, bashobore kandi no kurera abana neza.  Aho bazoba bariko barashigikira umugambi #Turere_Uburundi, Umugambwe CNDD-FDD uheruka gutanguza mu gihugu cose.

Mwomenya ko ivyo bikorwa vyasozerewe no kugendera umukenyererarugamba Ntamuryango Marita aba muri iyo zone ya Gasura. Uwo mukenyererarugamba yujuje imyaka ijana (100) y’amavuko, ngo ageze muzabukuru yarafashije abantu benshi, canecane  mu magume yo mu mwaka w’i 1993, nk’uko bivurwa na Goreth Yamuremye.  Kubw’iwe abakoze ivyiza nk’ivyo ngo barakwiye kuja barashigikirwa bongera barashirwa ahabona.

26 novembre 2023

About Author

BANGEL


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *