Kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 24 Munyonyo 2023, Umukuru w’umuhari w’Abakenyererarugamba ku rwego rw’igihugu Yamuremye Mariya Goreti, arikumwe n’abarongoye Umuhari mu makomine agize intara ya Gitega barifadikanije n’Abakenyererarugamba bo muri komine Kiganda, aho bari baramutse batera umurima w’amateke muri zone ya Gasura urenza gato ihegitari zibiri. Mariya Goreti Yamuremye yashimiye abakenyererarugamba bo muri iyo…
Politique / 28 avril 2026 IJAMBO NYENICUBAHIRO Evariste NDAYISHIMIYE YASHIKIRIJE KU WA 26 NDAMUKIZA 2026 INYUMA YO KWEMEZWA N’IKORANIRO KAMINUZA RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD NGO AZOSERUKIRE UWO MUGAMBWE MU MATORA Y’UMUKURU W’IGIHUGU YO MU 2027.
Ni akanyamuneza ntangere mfise kuri uyu musi kuntera iteka kugira nze ndabaserukire. Binteye akanyamuneza kuko vyerekana neza ko igikorwa mwari mwanshinze ubwa mbere nakiranguye, kandi mukongera mugashima. Turashimiye rero Imana Mushoboravyose kuko twarabonye ko imigambi idufitiye atari imigambi y’amarushwa, ariko ari imigambi y’amahoro kugira ngo iduhe kazoza n’ukwizigira. Ndashimiye abagumyabanga kuko mutakijuragirika; muzi neza iciza...









