Nyenicubahiro Mana Data Muremyi w’isi n’ijuru, Mana y’Uburundi n’Abarundi, we watuzigamye ukaduha kunezerererwa hamwe uyu musi; nuhabwe icubahiro uyu musi n’ibihe vyose.
- Banyakwubahwa muri mu nama nkuru y’inararibonye z’umugambwe CNDD-FDD n’abakenyererarugamba banyu,
- Nyeniteka Mukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi n’umukenyererarugamba wanyu,
- Banyakwubahwa muri mu buserukizi bukuru bw’Umugambwe CNDD-FDD,
- Nyakwubahwa Murongoye Umuhari mwiza w’Abakenyererarugamba ku rwego rw’igihugu,
- Na mwebwe Mukenyererarugamba wanje sinabibagiye,
- Banyakwubahwa bakenyererarugamba mwese muri ngaha mwaserukiye abandi mwaje muva mu ntara zose,
- Bagumyabanga, Mbonerakure, Bahumure na mwe ncuti z’Umugambwe wacu CNDD-FDD,
TUGIRE CNDD-FDD!
CNDD-FDD, KOMERA!
CNDD-FDD, RAMBA!
ABAKENYERERARUGAMBA, KENYERA ZIGUME!
- Nihaninahazwe Imana Rugiravyose Yoyo itugejeje kuri uno musi udasanzwe, igihugu cacu kiri mu mahoro, abenegihugu twese turi ku kivi.
- Reka kandi ndabashimire mwebwe bakenyererarugamba ko mwadukoranije kw’ijambo rikomeye. Ijambo ryo kwibukanya uruhara rw’umukenyererarugamba mu kuramurira igihugu abagabo n’abakenyezi b’ijunja n’ijambo. Mwebwe mwatahuye ko imbuto itewe ari yo imera! None nimukomere kw’ibanga ryo kurerera Uburundi.
- «Bakenyererarugamba, turerere Uburundi, turamure abahizi mu gukunda igihugu no mw’iterambere».
Iki civugo mwatoye kikatwibutsa ko abakenyererarugamba bafise uruhara rudasanzwe mu ndero y’abana bacu.
Aha mvuga abakenyererarugamba ariko kandi ntibagiye abakenyezi bose kuko abana ari ab’igihugu, twese turamurira Uburundi.
Muraraba, umwana mu kwonka yama ahanze nyina mu maso. Nico gituma, ukazobona umwana atamwenyura, uzorabe, uzosanga na nyina yamana umujinya.
Ukazosanga umugore w’ingare mu rugo, n’umukobwa wiwe uzosanga ari ingare murwo yubatsemwo.
- Iki civugo mwatoye rero, kitwibutsa ko igihugu cubakwa n’abo cibarutse. Nico gituma tugomba tuzirikane uruhara Umukenyezi w’Umurundikazi muri rusangi, ategerezwa kugira mu ndero y’ibibondo vy’Uburundi no mu guteza imbere igihugu ciwe, eka mbere adasize inyuma no kugikingira.
- Umukenyezi w’Umurundikazi muri rusangi, na canecane umukenyererarugamba twipfuza ko yokwama ari akarorero keza kuko afise uruhara ntangere mu kurerera Uburundi no mu kubwubaka.
Umukenyezi ni we mutima w’urugo; kanatsinda ni we aba hafi y’abana umwanya munini mu buzima bwa misi yose. Ehe raba, umwana basangira amaraso na nyina amezi icenda, akonka ibere rya nyina imyaka ishika itatu, akamukurikirana gushika ageze mu bigero.
Umwana atangura kwigana se wiwe amaze kumenya gutandukanya icatsi n’ururo.
Ivyo bituma umukenyezi agira ikibanza gikomeye mu ndero y’abana no mu kubategurira kazoza keza.
Bakenyezi mwese mwitavye uru rubanza;
- N’abagabo muri ngaha muvyumve, twebwe twipfuza kuramurira Uburndi abarundi n’abarundikazi bafise ubuntu n’ubuhizi, bagendera imico n’akaranga vyamye biranga Uburundi.
Umuvyeyi ategerezwa kwigisha umwana gukunda ibikorwa, kwubaha abantu n’ivyabo, kuvugisha ukuri, gukunda abandi no gukunda igihugu camwibarutse, n’ibindi, n’ibindi.
Ivyo umwana ategerezwa kubikuriramwo, akabirereshwa, akama azi ikizira n’ikitazira kuva mu bwana, na kare ngo: “umwana avuga ururimi yose”.
- Abakenyezi murazi ko imyibutsa myinshi yerekeye abana ihengekeye ku migenderanire y’umwana na nyina. Ni co gituma mwama mwumva bavuga bati:
- “Akababaje umwana kamenywa na nyina”;
- “Igikundiro c’umwana kiva kuri nyina”;
- “Indero mbi y’umwana itukwa nyina”;
- “Inkongoro y’umwana ihoza nyina”;
Mbere baranavuga ko Umwana w’imbeba azira urwanko rwa nyina.
Iyi myibutsa iratwereka ko kuva kera na rindi abarundi bitwararika cane indero y’abana, kugira ngo umwana ntakure ari tambuka uze ino, ari kaguru karabeba canke insimbarubebe.
Aha muca mwumva rero uruhara rw’umukenyezi mu kuramurira Uburndi.
Bakenyererarugamba;
- Mubimenye kandi mubitegere; Uwushaka guhonya ihanga, azimanganya indero n’imico kama” kuko ihanga ryose rimenyekanira ku mico n’imigenzo vyaryo.
Ni mwebwe mufise ubutumwa bukomeye bwo kunagura no gusubiza akanovera indero runtu kuko n’abahinga rurangiranwa barabisesanguye basanga uwigishije umukenyezi, aba yigishije umutumba wose (“Eduquer une femme, c’est éduquer un village”).
Nimwabitahura, mukabigendera, imiryango izoba ivyumvise; imitumba izoba ishikiriwe; n’Igihugu kizoba gihindutse.
- Ko dushaka gushikira ya mbonakazoza Abarundi twihaye, ko Uburundi buba igihugu giteye imbere twacerewe, mu 2060; ni ngombwa ko tugarukira twese hamwe, ata wusigaye inyuma, indero y’abana b’igihugu kugira ngo tureme uruvyaro rushasha ari na rwo ruzoba ari kiremesha muri ico gihe.
Memenye ko umwana avuka ari njiyobiri, ategerzwa rero kurereshwa ubutwari n’ubuhizi, akabikuriramwo mu kubona akarorero keza ku bavyeyi, gurtyo agakura afise aho avoma ubutore n’ubutwari, bikamubera ingaburo y’umutima n’umubiri.
- Aha rero tuhatsimbatareko. Murazi ko ingorane zijanye no gutituka kw’indero n’imico myiza zigwiriye mu miryango ikize? Ya miryango irimwo abavyeyi bize baraminuza, bafise igihagararo mu gihugu, bafise amikoro; ariko bagahebera umwanya muto ukurera abana Imana yabahaye!
Ndongozi, mboneza, garuka muhira! Garukira ingo zanyu!
Uyu musi abana barerwa n’abakozi bo mu nzu, tutazi na bo nyene aho barerewe. Imvugo zabo ni zo bigisha abana banyu, ingeso zabo nizobandukiza abana banyu; umwana akazoshika mu bigero atazi guha amaboko ikintu na kimwe.
Nimwiyumvire namwe abana bageze mu bigero, bakagera kwiyubakira izabo ata n’umwe azi kwiha ico ari co. Uwo muryango uzokwubakwa gute?
- Ingaruka zo kubura indero ya haziko ni uko umwana akura kura mbone abakwe, yashika mu rugo akabura ico afata n’ico areka, iyo bahuye bose basa hoho barabana mu maso batabona iyo bajana umuryango bagiye kwubaka, niho buca kabiri ingo ugasanga zasambutse.
Abo binaniye nabo ugasanga bisutse mu buhumbu ngo bariko barondera ubuzima mu kudandaza imibiri yabo, aho gukura amaboko mu mpuzu bakitunganiriza imigambi yobateza imbere, igateza imbere n’igihugu cabibarutse.
Bavyeyi mwese muri ngaha;
- Iyo tuvuze umukenyezi tuba tuvuze n’umugabo kuko urugo ni babiri.
Umwana arerewe mu muryango inarugo na serugo bashize hamwe, uwo mwana akurana umutima w’ubuntu, ubuhizi n’ubukerebutsi.
Ni vyo umukenyezi afise uruhara ntangere kuko ari umuzezwanzu, ariko n’amazi asumira kw’ibuye.
Umugabo nawe abwirizwa gukunda umukenyezi wiwe, kwumwubahiriza, akamwumviriza no kumworoheraza mu vyo ajejwe.
Umugabo aba umugabo iyo ababa mu rugo rwiwe bose bafise akanyamuneza, umugabo aba umugabo iyo yubatse neza n’umukenyezi wiwe.
- Mukenyezi nawe! Imbere y’uko widodomba, banza wisuzume; umenye ko umugabo wawe yakureheje kugira ngo uze kumwunganira. Umusi washatse kwamikara umenye ko umugabo wawe azoca akuronderera ku ruhande incoreke, ivyo bizovamwo ni ugusambuka kw’umuryango, n’abo muvyaye babapfeko ubusa, muzoherengetere atacibutso musize kuko na ba sokuru barayamaze ngo: “Wiba uhetse, ukigisha uwuri mu mugongo”.
- Iyo ubonye umugabo yifashe neza, uca umenya ko afise umukenyezi w’intwari. Nta wobideha, abakenyezi ico mushatse cose muragishikako. Imana yabaremanye ubushobozi budasanzwe bwo guhindura ibintu, mukabikura mu bubi, mukabishira mu bwiza.
Murashaka ko abagabo banyu baba intungane mu rugo? Nimube nka wa mukenyezi batubwira mw’ijambo ry’Imana, mu gitabu c’imigani ngo: Umugore w’intwari, umutima w’umugabo wiwe uramwizigira, kandi ntazobura akunguko. Amugirira iciza, ntamugirira ikibi, imisi yose y’ubuzima bwiwe.
Niwaba umukenyezi w’intwari, umunega wawe azokerebuka, abo muvyaye barushirizeho kuba umunago wanyu, ubatera iteka.
Bakenyererarugamba,
- Ubwo bushobozi, ubwenge n’ubutwari Imana yabaremanye, twarabubabonyemwo ca gihe c’urugamba rw’umuheto rwo guhabuza amahoro na demokarasi. Uruhara mwagize kugira ngo umuhari CNDD-FDD ushike ku co wariko urarwanira rwabaye kirumara cane.
- Igihe duhindura umuhari ukaba umugambwe, iryo zina mwararigumije kuko murazi ko urugamba rwo guhindura ibintu rudahera.
Twarahinduye ibintu, ahahora guturatura na kwashi, hahinduka amahoro; ubu turarya tukaryama. Ubu igisigaye ni ukurema ejo heza. Aho naho hahagaze ku bo twibarutse.
Murerere Uburundi; ibibondo vyacu ntibihave bifata inzira zidashika, ngo duhave twibuka kugarura impene yamaze kurenga imirambi hanyuma tukabira nka yo.
- Ni co gituma ntorangiza nterekanye ibiranga uwo mwana w’umuhizi dushaka ko aramurwa mu gihugu cacu.
Ni umuhizi mu gukunda igihugu no mw’iterambere.
Umuhizi mu gukunda igihugu, mbwambere, ni umuntu akunda kandi agaharanira agataka k’Uburundi, akagakingira uko biri kwose.
- Mu bisanzwe, nk’uko ibwirizwa nshingiro ribitegereza mu ngingo yaryo ya kabiri, Agataka k’Uburundi ntigashobora gutangwa, kugurishwa canke gucibwamwo ibice”.
Aha muca mwumva ko kuva umwana akivuka ategerezwa kumenya ko ari kw’itongo rya Burundi, ni ukuvuga itongo ry’iwabo, ko ategerezwa kurikingira.
Kubera aho hambere hahise abarundi batavyigishijwe bihagije, usanga hari uwufata igice c’itongo akakigurisha ku munyamahanga. Ababikoze bose bamenye ko bamenje bagahonyanga ibwirizwa nshingiro.
Ni co gituma, mu ngendo yo gukingira agataka k’Uburundi, umurundi wese ahamagariwe kudomako urutoki itongo ryose ry’uburundi ryagurishijwe ku banyamahanga kugira ngo inzego z’igihugu zirabe uko zobigenza.
- Ubwakabiri ugukunda igihugu ni ugukunda, kwubaha no kwubahiriza, mweneburundi wese. Aha simvuze umukenyezi canke umugabo canke umwana, mvuze umurundi wese ka muntu ari.
Uko ni kwo kwubahiriza agateka ka zina muntu. Ni co gituma, nk’umuntu kiremwa c’Imana, abantu bose, abagabo, abagore, abana, abatama n;abatamakazi bategerezwa kungana imbere y’amategeko.
Ni ukumenya kandi ko hariho ba ntege nke bakwiye gukingirwa kurusha abandi. Kuri ukwo kungana rero, gufatiye ku kiremwa mwuntu, ntigufatira ku co umuntu ari. Nawe nu ntiwovuga ngo umukenyezi yibungenze ngo murangana no none habonetse intebe imwe ngo ni wewe wa mugabo we uyicarako.
- Ubwagatatu, umuhizi mu gukunda igihugu ni ugukunda imico n’akaranga.
- Mu bisanzwe, imico, imigenzo nivyo bivamwo amategeko y’igihugu. Ni co gituma umuhizi mu gukunda igihugu ari uwubaha akongera akwubahiriza amategeko; agaheza akagira inyifato ibereye.
Bavukanyi; nta muntu n’umwe kw’isi yovuga ko atikunda. N’ibwirizwa rikuru Umukama yezu yatwigishije yavuze ati:”Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda”. Aho yabivuze kuko yabonye ko abantu bose bikunda, nico gituma yabigize itegeko kugira ukunde abandi.
Ni co gituma no mu bihugu amategeko ajaho kugira ntihagire uwurengera akarimbi abanda. Ayo mategeko ajaho kandi kugira abasangiye igihugu bashire hamwe, basenyere ku mugozi umwe.
Amategeko azana urutonde kugira abenegihugu bose bakurikire inzira imwe, ntihabe akajagari.
Umuntu rero atubaha amategeko nta kindi aba yipfuza atari akajagari; ako nako kakaba ari igihushane c’amahoro n’impore.
Ng’ivyo ivyo abavyeyi bahamagariwe rero kureresha abana babo. Dukeneye abana, bamwe ubabonye inyifato, uca umenya ko ari abarundi.
Bavukanye mwaje kuri uru rubanza,
- Dufashe kano kanya kugira ngo dushimire Ubuserukizi bukuru bw’Umugambwe CNDD-FDD, bwobwo bwashize umwete udasanzwe mu nyigisho zigenewe abakenyererarugamba b’imboneza, guhera ku rwego rw’igihugu, rw’intara gushika ku mutumba.
Kubera dushaka kujana twese, intango ya vyose, eka ndetse n’urupimo ni “urugo.”
- Kurya ari mwebwe bazezwanzu, bizokworoha ko abagize imiryango yanyu, aha ndavuga Serugo n’abana, mubatahuza akamaro mugiye kugira mw’inagurwa ry’indero runtu y’urwaruka, mu gukundisha igihugu no mu kugiteza imbere. Mwame muzirikana ko “Amahembe y’inyana atawumenya iyo azotega araba” ariko urashobora kuyatumbereza. N’umwana babonye azohava agira amenyo y’ibihatane, barahamagara inasenge akayagoroza umweko.
Ntimworindira rero ko umwana ashika mu buyabaga canke mu busore kugira ngo mutangure kumubwira uko ategerezwa kwigenza; ico ni igikorwa gihera kuva umwana akiri ku bibero.
- Ni co gituma mu mugambwe wacu CNDD-FDD twashizeho umugambi twise “TURERERE UBURUNDI”, kugira ngo turerere abana bacu mu nzira nziza, maze aho bukera bazovemwo abagabo n’abapfasoni bakunda igihugu, bagikorera batiziganya, biteguriye mbere no kucigura.
Ivyo bishobokera umuntu yaronse indero nziza, indero ishingiye ku kwubaha no kwubahiriza amategeko, imico n’akaranga vy’igihugu. Kandi twariyemeje ko tuzobishikako; igikuru ni ishaka.
Bagumyabanga mwese,
Mbonerakure,
Bahumure
Ndongozi muri hano,
- Turiko tubwira abakenyererarugamba tutabibagiye. Mutabashigikiye canke ngo muvyumve kumwe, ubu butumwa bafise ntibuzoranguka namba, ntituzoteka ngo bishe.
Dufashanye, twivyukiranye dusubire ku rubumbiro, dusubize akanovera indero y’urwaruka, n’ay’ahandi ho ya mbonakazoza twipfuza izoguma mu majambo gusa, kuko mu misi iza urwaruka twita Burundi bw’ejo bazoba bishakira kuba bene ibihugu biteye imbere gusa.
- Muribuka ko n’abahinga bamaze igihe babigendera basanze ko mu kwica igihugu, umuntu atarinda gukoresha ibirwanisho bihonya abantu, ngo apfa gutitura indero, yaba iyo mu kibano no mu mashure, ibindi vyose aca abishikako.
None rero twibuke ko igipfa caburiwe ari impongo, duheze tugarukire indero y’abana b’igihugu amazi atararenga inkombe.
Sogokuru wacu Petero Nkurunziza wewe yari yabibonye kare, aho yiyumvira gutanguza inyigisho zo gukunda no gukundisha igihugu.
- Tubibutse ko mu ntunganyo y’umugambwe wacu CNDD-FDD, dushimikira cane ku ndero y’abakiri bato.
Twahereye ku mbonerakure kandi muramaze kubona ko zihabona, ubu naho tugeze kuri barumuna babo n’abana babo.
Ni co catumye dutunganya inyigisho zihariwe ibiswi vy’inkona, kugira ngo ejo hazoze Uburundi buzorangwamwo Abarundi b’indyamunyu, bazi iyo igihugu cavuye, aho kigeze n’iyo kigana kuko uwutazi iyo ava ntamenya aho ageze, ntanatumbereza iyo aja.
Bakenyererarugamba, Bagumyabanga,
- Ikindi twobahamagarira kwitwararika mu buryo bw’isobanuye, ni mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza kandi rijanye n’imbonakazoza.
Umuntu yihweje ibitigiri vyavuye mu rusansuma ruheruka rw’abantu, uburimyi n’ubworozi, vyarerekanye ko Abarundi twagwiriye ku rugero rudasanzwe kandi amatongo yagumye ari yayandi.
Hamwe umurindi woguma uko, aho bukera tuzobura aho turima n’aho twororera, ya migambi y’iterambere twipfuza nayo tuzosanga yanigiwe mu menshi.
Nimwibaze namwe kuvyara umwana utazogaburira, utazokwambika canke ngo wigishe! Uba uhemukiye Imana kuko yaguhaye ubwenge ngo umenye kuringaniza ibintu, ntiyakuremye ngo uze kubitoba.
Mu gusozera,
- Kuri ivyo vyose twashikirije, ko tuzi ko “uwanka kugambararirwa atuma uwukuze”, sinogenda ntabatumye mwebwe Abakenyererarugamba ikintu kimwe nkoramutima ku gihugu cacu, muri kino gihe turonka abashitsi beshi kubera turamutswa ubumwe bwa Afrika, twisuke ivu mu maso, tugarukire Isuku no gushariza igihugu cacu!
Buri musi twamana abakwe, ndabasabe mufate mu minwe ico kibazo, ndacita ikibazo kuko bisa ni ivyananiranye.
Sukura, shariza aho muba, aho mukorera.
Mwame mubizi, urugo rudakubuye rutukwa umugore, nayo urugo rutubatse rugatukwa umugabo. Ikibwirwa ni icumva, icerekwa ni ikibona.
Ni harambe abakenyezi bitangira indero y’urwaruka!
Ni harambe urwaruka rwemera gutegurwa!
Ni harambe umugambwe wacu CNDD-FDD wama urazwa ishinga n’ineza y’igihugu na beneco,
Ni harambe zina Mukenyererarugamba wese,
Murakoze!
Tugire CNDD-FDD!


Laisser un commentaire