Icegera c’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yuguruye icese ibikorwa vy’ inama y’urwaruka yateguwe mu ntumbero y’ukwitegurira umusi mukuru wahariwe imbonerakure
Actualité, Diplomatie, Espace Presse, Politique

Icegera c’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yuguruye icese ibikorwa vy’ inama y’urwaruka yateguwe mu ntumbero y’ukwitegurira umusi mukuru wahariwe imbonerakure

 

Kuri uyu wa kane , iginekerezo rya 24 Myandagaro 2023, Icegera c’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Umwubahwa Cyriaque yaruguruye icese bikorwa vy’inama y’urwaruka , yatunganijwe mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru wahariwe Imbonerakure, wategekanijwe ku wa 26 Myandagaro 2023. Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, Icegera c’Umunyamabanga yamenyesheje abaraho ko umusi mukuru wahariwe Imbonerakure ari umusi mwiza w’ukugira ngo urwaruka rw’imbonerakure ruhure n’urundi rwaruka rwo mu karere, kugira ngo bashobore kuganira ibijanye n’iterambere ryo mu karere. Nk’uko yavyibukije abari aho, Afrika ni intango y’ikeremwa-muntu. Vyongeye, Afrika ifise ubutunzi bwinshi. Icotuma ubwo butunzi tubuvyaza umusaruro, ni uburongozi bwiza, n’intwaro ibereye. Urwaruka rero rw’imbonerakure hamwe n’urundi rwaruka rwa Afrika, ni indongozi zo muri kazoza. Yahamagariye abari aho bose kuba Imbonerakure, mu kwitwararika no gukingira inyungu n’ubutunzi bwa Afrika. Yarangije asaba abari aho kubona kure.

Umunyamabanga Ntunganyabisata ajejwe Imihari ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD Umwubahwa Lazare Mvuyekure yabanje kuvuga muri make kahise n’imvo n’imvano vy’Umuhari w’Imbonerakure. Yamenyesheje abari aho y’uko uwo muhari watanguye ibikorwa vyawo igihe umuhari CNDD watangura urugamba, mu mwaka wa 1994. Urwo rugamba rwavuye ku bihe Uburundi bwagiye buracamwo, aho hagiye harabaho ubwicanyi mu myaka ya 1972, 1993, n’ahandi. Ico umuhari w’Imbonerakure wari ujejwe, kwari ukuba ijisho ry’abagwanyi bari ku rugamba, bakabamenyesha ibiriko biraba, ndetse bakabafasha mu bindi vyose bakeneye. Umusi mukuru wahariwe Imbonerakure nawo wavutse mu mwaka wa 2017. Inyuma y’ibikorwa vy’ugushaka gutembagaza ubutegetsi vyabaye mu mwaka wa 2015, Igihugu carashatse guhungabanywa  n’abansi b’amahoro n’iterambere, mbere n’Ibihugu bimwe bimwe hamwe n’Amashirahamwe Mpuzamakungu akaba yarahariye ivomo Uburundi. Muri abo, harimwo abagiye bagiriza urwaruka rw’Imbonerakure ko ari rwo rugisibije mu gihugu. Ariko, mu mwaka wa 2016, Imbonerakure zarerekanye ubutwari budasanzwe, aho zategura urugendo rw’agakura rwo kwerekana inguvu zifise naho hariho abariko barazicafuza. Ivyo bikorwa nivyo vyatumye Imbonerakure zemererwa guhora zihimbaza na ntaryo umusi mukuru wazihariwe. Incuro ya mbere ikaba yahimbajwe rero mu mwaka wa 2017. Uyu musi, umusi mukuru wahariwe Imbonerakure ntukiri uwo kwerekana inguvu z’imbonerakure, usigaye ari uwo kwerekana ico Imbonerakure zishoboye mu bijanye n’iterambere.

 

Twomenyesha y’uko ibikorwa vy’inama y’urwaruka rw’Imbonerakure yari yatewe iteka n’Abanyamabanga Ntunganyabisata b’Umugambwe CNDD-FDD, hamwe n’Abatumire batandukanye barungitswe n’imigambwe iri ku butegetsi mu Bihugu vya Congo Brazzaville, Algeriya , Namibiya, Tanzaniya, Tchad, Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo, hamwe n’Intumwa zarungitwse n’umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Afrika y’Epfo, n’izarungitwse n’umugambwe Communiste nawo  nyene uva mu gihugu ca Afrika y’Epfo, n’intumwa zavuye mu yindi migambwe ikorera ngaha mu Burundi.  Ibikorwa bikaba vyasozerewe n’ibiganiro n’inyigisho zerekeye kumenyesha « Uruhara rw’urwaruka rwa Afrika mu gutsimbataza amahoro n’umutekano » vyateguwe na Ambassadeur Willy Nyamitwe hamwe n’ »Urwaruka rwa Afrika, ni inguvu zidasanzwe mu bijanye n’iterambere rirama :Uko vyifashe mu gihugu c’Uburundi », vyateguwe n’Umunyamabanga Ntunganyabisata ajejwe ibijanye n’Iterambere mu mugambwe CNDD-FDD, Umwubahwa Martin Nivyabandi.

24 août 2023

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *