« URUKUNDO NO KUBAHANA MU MIRYANGO NI UMUBANO MWIZA UHIMBARA IMANA»
Non classé

« URUKUNDO NO KUBAHANA MU MIRYANGO NI UMUBANO MWIZA UHIMBARA IMANA»

 

IJAMBO RYA RY’ICEGERA C’ UMUNYAMABANGA MUKURU W’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU MASENGESHO MPUZAMADINI ASOZERA UKWEZI KWA NTWARANTE 2023

URUFATIRO :

« URUKUNDO NO KUBAHANA MU MIRYANGO NI UMUBANO MWIZA UHIMBARA IMANA»

Ku wa 30 NTWARANTE 2023

 

 

Kubw’Imana Rugiravyose, mbanje kubaramutsa amahoro y’Imana nongera ndabaha ikaze muri kino gisabisho mpuzamadini gisozera ukwezi kwa Ntwarante, umwaka w’2023.

Tugire Kristu !

  1. Munkundire tubanze dukengurukire Imana Data Mushoboravyose yoyo yatuzigamye, ikazigama Uburundi n’indongozi gushika kuri iyi saha n’uno munsi, twahuriye ngaha ngo tuninahaze Imana, dusubire twibukanye gukomeza isezerano twagiriye Imana.

 

 

  1. Kuri uwu wa 30 Ntwarante 2023, ni umunsi nk’uko biri mu migenzo mu Mugambwe CNDD-FDD, turamutse duhurira ngaha kugira ngo dushimire Imana, yatugiye imbere mu bikorwa vyose twaranguye, muri Uku kwezi kwa Ntwarante, eka mbere tuyisaba ko yobana natwe mu bikorwa tugiye kurangura muri uku kwezi kwa Ndamukiza kugiye gutangura .

 

  1. Umunsi wa kane wa nyuma usozera ukwezi, Abagumyabanga twariyemeje kwama duhura dusangira ijambo ry’Imana, tudugirizahamwe amashimwe, ni igikorwa co gushimangira isezerano twagiriye Imana, kandi turabona ko bihimbara Rurema.

Mu mihingo yose y’igihugu mu butandukane bw’amadini mugabo mu bumwe bw’abemera ko Imana ari Mushoboravyose, Abagumyabanga turi kumwe n’abagenzi n’abashitsi turashimira Imana.

 

  1. Tubanze tubashikirize intasho z’Umunyamabanga Mukuru yifatanije kuri uyu wa kane n’Abagumyabanga bo mu ntara ya Ruyigi.

 

  1. Dushimire na mwebwe Banyakubahwa mwitavye ibikorwa vy’uyu munsi,  mwavuze muti reka tuje gushimira Imana. Kandi uwushimye abayongeje tubipfurize y’uko mu kwezi kwa kane, Imana ibaje imbere mu kurangura neza ibikorwa vyanyu vyaba ivy’igihugu mwanshinzwe, eka n’ivy’iwanyu mu miryango

 

  1. Twizera ko mwahimbawe kandi mwungutse mu kwizera muri umwanya wose mumaze ngaha eka mbere n’igihe cose muzoba mwasubiye mu mihana iwanyu, mubandanye musangira imihezagiro munoganza inyigisho mwaronse.

 

  1. Ukwezi rero kwa Ntwarante ni Ukwezi kwatubereye ukw’imigisha.

Turashimira Imana itujabukije ukwezi kwa Ntwarante, mu mahoro n’umutekano, inzego ziri ku kivi kandi zikwiye.

  1. Twagize Ingendo nyinshi mu gihugu no mu makungu, twaragendeye kandi tubandanya tugendera Abagumyabanga, ubu tukaba tugeze mu ma zone, twigishanya, duhana intumbero, twuzuzanya.

Ingendo zagenze neza, Abarundi bari ku kivi, bamerewe neza barahangamye, ni iteka rikomeye cane.

 

  1. Uku kwezi rero kwabaye ukudasanzwe, ukwezi k’Umukenyezi n’Umukenyerarugamba.

Turashima ko Abakenyerarugamba n’abakenyezi  muri rusangi, bari ku kivi bakora n’Ubukerebutsi, eka mbere  no mu mabanga anyuranye bashinzwe bahagaze neza. Iryo n’iteka tukabishima dushimira n’Imana ibaja imbere. Bari mu nzego zose, kuva mu nzego z’icungera umutekano, bari mu nzego ziyoboye igihugu, bari mu nzego ziserukiye abandi, bari mu ndongozi mu kwemera bigisha   ijambo ry’Imana, bari hose n’Iteka Imana ibahezagire.

 

  1. Ibikorwa bizobandanya mu kwezi kugiye gukurikira, kandi turazi yuko Abarundi n’Abagumyabanga bose bari ku kivi, tubipfurije rero kuzororanirwa, mu bikorwa vyose mugiye kurangura, muri kuno kwezi kwa Ndamukiza kugiye gutangura, mu ntumbero yo gutera iyindi ntambwe tuja imbere mu gutunganiriza igihugu n’abenegihugu mu kubamurikira muri ya ntumbero yuko ″ITERAMBERE RIVA KU MWENEGIHUGU RIKONGERA RIKAMUGARUKAKO″

 

  1. Twitere iteka mu kuba akarorero abo turongoye, mu kwubaha no kwubahiriza ubutunzi rusangi, amategeko y’igihugu no kwubahiriza umurundi wese mu biwe no mu vyiwe.

 

  1. Dutere iteka igihugu cacu mu gukura amaboko mu mpuzu tube akarorero mu bikorwa vyo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu cacu nk’uko Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu adasiba kubiduhamagarira, eka mbere akanaduha akarorero.

 

 

Imana Rugiravyose ibandanye imutuzigamira yongera imumurikira mw’ihangiro ryiza ryo guteza imbere igihugu n’abenegihugu yamujeje.

 

  1. Tubere abandi umuco ubamurikira mu bikorwa bihesha igihugu cacu ishusho ryiza n’izina ryiza mu makungu kugira ngo bose bamenye ko Igihugu cacu c’Uburundi kiramutswa abagabo n’abakenyezi b’ijunja n’ijambo, baharanira na ntaryo ineza y’abenegihugu bajejwe.

 

 

 

  1. Ivyo tuzobishikako umurundi wese atahuye ko ategerezwa kugira uruhara mw’iterambere ryiwe bwite n’umuryango wiwe, hamwe n’iry’ igihugu c’Uburundi, co mpetso yacu twese.

 

  1. Twongere gushima no gushimangira akamaro k’Ibikorwa rusangi mu kwubaka igihugu c’iteka. Dushimire abitanga bose duhamagarira Abagumyabanga bose gufata iyambere mu guha akanovera ibikorwa rusangi.

 

  1. Turangize dushimira Imana ku vyiza vyose yadukoreye muri kuno kwezi tuyereka na kuno kwezi tugiye kwinjiramwo ngo izo bane n’abarundi bose eka muvyo muzokora vyose izobiyereke tunashimira abitavye kino gisabisho zino nyigisho mugende muzikurikize. Hashimwe Imana y’Uburundi n’Abarundi. Murakoze

 

 

Imana yabazigamye n’ubu ni ibandanye kubarinda;

Murakoze !

Ni Tugire CNDD-FDD

 

 

 

 

30 mars 2023

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *