Umugambwe CNDD-FDD wanaguye abagize Ubuserukizi Bukuru
Actualité, Conseil des sages, Espace Presse, Secrétariat Général, Secrétariats Nationaux

Umugambwe CNDD-FDD wanaguye abagize Ubuserukizi Bukuru

Inama Nkuru y’Inararibonye yakoranye i Bujumbura, umurwa mukuru w’ubutunzi, kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 02  Munyonyo 2022, irongowe na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba n’Umukuru w’Inama Nkuru Y’Inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD.

 

Abayigize bose 

 

  1. Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’igihugu akaba n’Umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye
  2. Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo, Umunyamabanga Mukuru
  3. Hon Yozefu Ntakirutimana, icegera c’Umunyamabanga Mukuru
  4. Nyeniteka Gelase Daniel Ndabirabe, Umuhuzabikorwa ajejwe ubuzima bw’Umugambwe
  5. Nyakubahwa Zenon Ndaruvukanye, Umunyabigega Mukuru.

 

Inama Nkuru y’Inararibonye yari ikoranye yiga inagurwa ry’inzego zigize Ubuserukizi Bukuru.

 

Hisunzwe amategeko n’intumbero ivuye mu cifuzo c’Ubuserukizi Bukuru. Amazina y’abagize  Ubuserukizi Bukuru

bemejwe bose uku gukirikira: 

 

  1. Umunyamabanga Ntunganyabisata ajejwe inyigisho z’akarangamutima, gukundisha Umugambwe, kwinjiza abanywanyi no gukurikirana ibisata vy’Umugambwe bikorera hanze y’igihugu : Nyandwi Emery Landry

 

  1. Umunyamabanga Ntunganyabisata ajejwe ibibazo vya Poritike, intwaro n’amategeko : Muhirwa Jean Marie

 

  1. Umunyamabanga Ntunganyabisata ajejwe iterambere ry’igihugu n’abenegihugu : Nivyabandi Martin

 

  1. Umunyamabanga Ntunganyabisata  ajejwe inkino, imibano, imicokama n’ubuhinga ndangakaranga : Nininahazwe Godelieve

 

  1. Umunyamabanga Ntunganyabisata ajejwe imihari ikomoka ku mugambwe : Mvuyekure Lazare

 

  1. Umunyamabanga Ntunganyabisata ajejwe guhanahana no kumenyesha amakuru : Mutoni Nancy-Ninette

 

Bahejeje kwemezwa, baciye barahira imbere y’Abagize Inama Nkuru y’Inararibonye nkuko bitegekanijwe n’amategeko ntunganyabikorwa na ntunganyamugambwe.

 

Nyeniteka Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe mw’ijambo yashikirije inyuma y’uwo mugirwa, yakeje abizewe abifuriza kuroranirwa mu mabanga mashasha. Agirako ararikira abahora mu mabanga kubandanya bashigikira ibikorwa vy’Umugambwe. Yashimikiye ku bisata vy’imibano n’iterambere, aho yamenyesheje ko ivyo bisata bikeneye inguvu zikomeye.

 

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu arongoye Inama Nkuru y’Inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD nawe yafashe akanya arakeza, aratera intege abizewe. Yabibukije ko ayo mabanga asaba kwitanga cane. Yibutsa kandi intumbero y’urugamba rw’iterambere no gushigikira irangurwa ry’imigambi yerekeza iteka n’ineza ry’abenegihugu, gutyo no mu matora amajwi atahe ku bwinshi mu mugambwe CNDD-FDD.

 

Nkuko amategeko abitegekanya, Abanyamabanga Ntunganyabisata batorerwa ikiringo c’imyaka 5.

2 novembre 2022

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *