Kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 24 Munyonyo 2023, Umukuru w’umuhari w’Abakenyererarugamba ku rwego rw’igihugu Yamuremye Mariya Goreti, arikumwe n’abarongoye Umuhari mu makomine agize intara ya Gitega barifadikanije n’Abakenyererarugamba bo muri komine Kiganda, aho bari baramutse batera umurima w’amateke muri zone ya Gasura urenza gato ihegitari zibiri. Mariya Goreti Yamuremye yashimiye abakenyererarugamba bo muri iyo…
Nyeniteka Reveriyano asaba abagumyabanga bo muri zone Bigina, kubaka zone yabo ku buryo buteye imbere na bugingo izone igiye gufata urugero nk’urwo komine yahorako
Mu ntumbero yo gusanga abagumyabanga ku kivi, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yaragendeye, kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 04 Munyonyo 2023, abagumyabanga bo muri zone BIGINA, muri komine Makamba y’intara ya Burunga. Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yasavye abagumyabanga kureresha abana babo indero y’ikirundi y’abo hambere no kubakundisha ibikorwa kugira bakure ari abakozi b’ubwira…
Umugumyabanga wese asabwa kuguma mw’isezerano ry’Imana n’Umugambwe CNDD-FDD.
Nk’Umugambwe washize Imana imbere, buri wa kane wa nyuma w’ukwezi, Umugambwe CNDD-FDD wama utunganya amasengesho mpuzamadini mu ntumbero yo kuzigama no kwibukanya isezerano ry’Imana n’Umugambwe CNDD-FDD. Mu ngoro nkuru y’umugambwe CNDD-FDD iri mu Gisagara ca BUJUMBURA, amasengesho yo kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 26 Gitugutu 2023, yari yatewe iteka n’Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka…
Le Secrétaire Général du parti CNDD-FDD rencontre les différents dirigeants du parti dans la nouvelle province de Bujumbura
Les différents dirigeants du parti CNDD-FDD dans la province de Bujumbura, ainsi que ceux des communes et des zones composant cette nouvelle circonscription administrative, étaient en réunion ce mercredi 25 octobre 2023, avec le Secrétaire Général de ce parti, Très Honorable Révérien Ndikuriyo à la Permanence Nationale du Parti sise à Bujumbura, pour échanger sur…
Itangazo ry’Umugambwe CNDD-FDD ku musi wo kwibuka igandagurwa ry’Incungu y’Ukwikukira kw’Uburundi
Icegera c’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yuguruye icese ibikorwa vy’ inama y’urwaruka yateguwe mu ntumbero y’ukwitegurira umusi mukuru wahariwe imbonerakure
Kuri uyu wa kane , iginekerezo rya 24 Myandagaro 2023, Icegera c’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Umwubahwa Cyriaque yaruguruye icese bikorwa vy’inama y’urwaruka , yatunganijwe mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru wahariwe Imbonerakure, wategekanijwe ku wa 26 Myandagaro 2023. Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, Icegera c’Umunyamabanga yamenyesheje abaraho ko umusi mukuru wahariwe Imbonerakure ari umusi mwiza w’ukugira…
ITANGAZO RY’INAMA NKURU Y’INARARIBONYE Z’UMUGAMBWE CNDD-FDD
Muntumbero yo kurabira hamwe uko ubuzima bw’igihugu muri rusangi n’ubwo umugambwe CNDD-FDD vyifashe, Inama nkuru y’inararibonye z’umugambwe CNDD-FDD,yarakoranye kuri uyu wa 03 Mukakaro 2023 mu ngoro y’umugambwe i Gitega. Kabaye akaryo ko gusuzuma aho ishirwa mungiro ry’ingingo zapfunditswe n’ikoraniro risanzwe ry’umugambwe CNDD-FDD ryabereye i Gitega ku wa 22 Nzero 2023 rigeze, kurabira hamwe…
ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 19 RUHESHI 2023
Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yadushikanye kuri uyu musi turi bazima, tuyininahaza. Icubahiro ni icayo ibihe bidashira muri vyose na hose. Hari ku wa 18 Ruheshi 2020, Imyaka itatu irarangiye, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, arahiye imbere y’Imana n’Abarundi mu mabanga ahambaye y’iteka ryo kurongora Uburundi n’Abarundi. Twibuka kandi…
Umugambwe CNDD-FDD wanaguye inzego zifasha mu Buserukizi Bukuru
Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo yashize umukono kuri uyu wa 12 Ruheshi 2023 ku ngingo nomero 04/RL/CNDD-FDD/2023. Iyo ngingo ijanye n’igenwa ry’abarongoye ibisata mu Bunyamabanga Ntunganyabisata bw’Umugambwe CNDD-FDD. Ibisata n’ababirongoye nk’uko biboneka muri iyo ngingo ni aba bakurikira : MU BUNYAMABANGA NTUNGANYABISATA BUJEJWE INYIGISHO Z’AKARANGAMUTIMA, GUKUNDISHA IGIHUGU N’UMUGAMBWE, KWINJIZA ABANYWANYI MU MUGAMBWE…
Le Président Ndayishimiye est rentré à Bujumbura après le Sommet d’Addis Abeba
Le Chef de l’Etat Son Excellence Evariste Ndayishimiye, en compagnie de Son Épouse, est rentré ce lundi d’Addis Abeba où il avait participé au 36ème Sommet ordinaire des Chefs d’Etats et de gouvernements de l’Union Africaine. La population de Bujumbura lui a réservé un accueil chaleureux, en témoigne la joie qui caractérisait les attroupements sur…









