Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yasangiye ibikorwa rusangi n’abenegihugu bo ku mutumba Sampeke
Non classé

Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yasangiye ibikorwa rusangi n’abenegihugu bo ku mutumba Sampeke

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yaranguriye ibikorwa rusangi vyo kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 4 Munyonyo 2023, ku mutumba SAMPEKE uri muri komine KAYOGORO mu ntara ya Makamba, ubu uwo mutumba ukaba utwarwa muri komine nshasha ya Makamba mu ntara nshasha BURUNGA. Ivyo bikorwa rusangi bikaba vyari bijanye no kuvanga umusenyi n’isima bongera bubaka inkingi z’inyubakwa y’igorofa izoba uburaro bw’abaganga b’ibitaro vy’akarorero biriko birubakwa ku mutumba SAMPEKE.

Mw’ijambo ryiwe, Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yahamagariye abenegihugu gukunda ibikorwa kugira ngo biteze imbere bahereye mu ngo zabo kuko iwabo w’umuntu hateye imbere ni igihugu cose kiba giteye imbere. Kubwi’we ngo ntagihugu cotera imbere, umuntu adateye imbere mu rugo iwe.
Nyeniteka yahanuye abenegihugu gushira amatongo yabo hamwe, barimire hamwe kandi bahamagare abahinga muvy’uburimyi babafashe kurima kijambere kugira bimbure vyinshi bishoboka, gutyo bashobore kuronka umusesekara bashora kugira baronke amafaranga yo kwikenura kandi banaziganye muri coopec n’ahandi. Nyeniteka avuga kandi ko mu gihe amatongo yabo ari hamwe vyoroshe kuzana imashini zirima co kimwe n’izisarura ivyimburwa, kandi umwenegihugu wese akaronka ibihuriranye n’itongo yashizemwo.
Nyeniteka yibukije ko uburimyi bwose bobujanisha n’ibiti na canecane ivyamwa nk’amavoka kuko, haruhande yo kubifungura bakagira amagara meza, baranabishora bikavamwo amahera menshi. Abandanya ahimiriza abenegihugu kwijukira no kugarukira igiterwa c’ikawa kuko Reta yasubiye kugifata mu minwe ngo kigarukane agaciro n’umurimyi kimuteze imbere.
Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yasavye ashimitse abavyeyi gukurikirana indero y’abana babo kugira ngo ntihagire umwana atangura ishure ngo arihagarike adahejeje. Avugako umwana azoheba ishure ari uguca bamusubizayo vyihuta kandi ku nguvu kugeza n’imiburiburi ahejeje amashure 13.
Nyeniteka yagiriyeko abasaba abavyeyi kuvyara abo bashoboye kurera kugira ngo bagire amagara meza n’iterambere mu miryango yabo. Asaba ashimitse abubatse guhana ikiyago mu rugo rwabo kugira bumvikane igitigiri c’abana bovyara, babona boshobora kurera no guteza imbere. Kubw’iwe ngo birababaje iyo umuvyeyi abuze ico agaburira umwana, kuko umwana acatangura kurira n’umuvyeyi akarira, bakarira bose.
Nyeniteka yasozereye yibutsa abenegihugu ko uku kwezi kwa Munyonyo kwahariwe INTWARI KU RUGAMBA, ubu mu mugambwe CNDD-FDD bahinduye uko wahora uhimbazwa kugira uburyo bwahora bukoreshwa buzofashe mu kwubaka inzu z’abahoze ku rugamba kugira ngo na bo batahe mu nzu nziza.
5 novembre 2023

About Author

BANGEL


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *