Amatangazo

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA Y’ISHIRWAKO RY’UMUKONO KW’IBWIRIZWA NSHINGIRO KUWA 7 RUHESHI 2018
Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA Y’ISHIRWAKO RY’UMUKONO KW’IBWIRIZWA NSHINGIRO KUWA 7 RUHESHI 2018

  Imbere ya Vyose tubanje gushimira Imana mushobora vyose yadushikanye kuri uyu musi ikongera ikaba yashishikaye kuzigama igihugu cacu, ndetse n’Umugambwe wacu CNDD-FDD n’abarundi bose  n’ihabwe icubahiro. Turashimira Imana ku ntambwe nziza y’ukwikukira nyakuri Uburundi bwaraye bwinjiyemwo. Ni integuro nziza y’Imana, Imana twahaye ikibanza ca mbere mu mugambwe wacu, Yo yatubereye kuva kera umurongozi atazimiza….

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIKEZA ABARUNDI KU NTAMBWE Y’UKWIYEMEREZA IBWIRIZWA NSHINGIRO RY’UBURUNDI.
Actualité, Amatangazo, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIKEZA ABARUNDI KU NTAMBWE Y’UKWIYEMEREZA IBWIRIZWA NSHINGIRO RY’UBURUNDI.

    Ku bw’Imana Rugiravyose, Nyene impuhwe n’urukundo n’ikigongwe, Kw’izina ry’abagumyabanga bose bahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, Ndi n’iteka n’akanyamuneza ntangere ko gukeza abarundi bose bitavye ku bwinshi bakitorera mu muco umutima uri mu nda bemeza ibwirizwa nshingiro rihihanyuye ku biharuro bishimishije cane. Igenekerezo rya 17 ni umusi udasanzwe ku bagumyabanga, ku barundi bose no ku…

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N’UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Espace Presse, Politique

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N’UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA

  Imyaka 24 irarangiye, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Cyprien NTARYAMIRA n’abashikiranganji babiri ba Reta y’Uburundi Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi bagandaguriwe mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Kuri iryo genekerezo rya 6 Ndamukiza 1994, indege barimwo yari isanzwe irerura umukuru w’igihugu c’Urwanda Juvénal Habyarimana yatewe igisasu ca missile abarimwo ntanumwe yarokotse kukaba nkako cari igitero categuwe neza….

ITANGAZO KU BAMENYESHAMAKURU INYUMA Y’INAMA YA KOMITE NKURU Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD
Amatangazo, Communiqués de presse, Communiqués et Déclarations, Espace Presse, Politique

ITANGAZO KU BAMENYESHAMAKURU INYUMA Y’INAMA YA KOMITE NKURU Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD

    Abagumyabanga bagize Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD barakoraniye mu nama mu Ntara ya Ngozi ku magenekerezo ya 9-10 Ntwarante 2018, kugirango basuzume aho ishirwa mu ngiro ry’imigambi umugambwe CNDD_FDD wiyemeje bongere bahanahane ivyiyumviro ku ngingo zibereye zotuma bashika kw’ihangiro biyemeje ryo guteza imbere Uburundi.   Izo ngingo nazo zijanye no gukomeza inama nshingiro, gukurikirana…

Amatangazo, Communiqués de presse

Les parlementaires de Karusi, proches du peuple, un exemple à suivre

Avant ces cérémonies, la délégation de la représentation légale du parti CNDD-FDD, accompagnée des élus de Karusi, a visité un vaste champ école appartenant à l’association des parlementaires de Karusi. Comme l’a indiqué le président du parti à Karusi, ce champ constitue un modèle de pratiques agricoles modernes que ces élus veulent transmettre aux communautés…

Actualité, Amatangazo

ITANGAZO NO 009/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 07 RUSAMA 2016

Uguhoza umuryango w’uwahoze ari Umukuru w’Igihugu Koroneri Yohani Batisita BAGAZA 1. Umugambwe CNDD-FDD waraguye mu gahundwe wumvise inkuru y’umubabaro y’urupfu rw’uwigeze kurongora Uburundi Koroneri Yohani Batisita BAGAZA rwabereye mu bitaro vyitiriwe Umweranda Elisabeth mu gihugu c’Ububirigi mu gitondo co ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 04 Rusama 2016 ; 2. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje umuryango wa…

Actualité, Amatangazo

ITANGAZO NO 007/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 27 NDAMUKIZA 2016

Uguhoza umuryango wa Général de Brigade KARARUZA Athanase yagandaguwe n’abansi b’Uburundi 1. Umugambwe CNDD-FDD waraguye mu gahundwe aho wumviye inkuru y’incamugongo y’ukugandagurwa kwa Général de Brigade KARARUZA Athanase, umupfasoni wiwe n’umwe mu bamucungerera ubuzima kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016 aho abamwatse ubuzima bamutegerereye imbere y’ishure rikuri ryitiriwe Mutima Mweranda muri zone Gihosha yo muri komine…

Actualité, Amatangazo

ITANGAZO NO 005/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 10 NTWARANTE 2016

Ni kuki abanyeporitike bamwe bamwe batanguye kwanka ko Umurwi ujejwe kurondera Ukuri no kunwyanisha Abarundi (CVR) ikora ? 1. Imigumuko yatanguye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 yabaye imbarutso y’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu kuva mu 2005. Kukaba nkako intsinzi y’Umugambwe CNDD-FDD yarababaje mu mutima Abanyeporitike bamwe bamwe bari barafashe Igihugu nk’icibare…

Amatangazo

ITANGAZO NO 004/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 02 NTWARANTE 2016

Umunsi abahinga b’Ishirahamwe Mpuzamakungu bajejwe gutohoza ivy’agateka ka zina muntu bashika mu Burundi ku wa 29 Ruhuhuma 2016, ikinogo gihambwemwo abantu benshi carabonetse ku Mutakura, cerekanywe n’umwe mu nkorabara. 1. Umugambwe CNDD-FDD warababajwe cane no kubona hari ikinogo c’imetero 12 cahambwemwo abantu barenga mirongo itatu bishwe na bamwe bagira imigumuko muri Karitiye ya Mutakura iri…

1 2 3 4