ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA Y’ISHIRWAKO RY’UMUKONO KW’IBWIRIZWA NSHINGIRO KUWA 7 RUHESHI 2018
Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA Y’ISHIRWAKO RY’UMUKONO KW’IBWIRIZWA NSHINGIRO KUWA 7 RUHESHI 2018

 

  1. Imbere ya Vyose tubanje gushimira Imana mushobora vyose yadushikanye kuri uyu musi ikongera ikaba yashishikaye kuzigama igihugu cacu, ndetse n’Umugambwe wacu CNDD-FDD n’abarundi bose  n’ihabwe icubahiro. Turashimira Imana ku ntambwe nziza y’ukwikukira nyakuri Uburundi bwaraye bwinjiyemwo. Ni integuro nziza y’Imana, Imana twahaye ikibanza ca mbere mu mugambwe wacu, Yo yatubereye kuva kera umurongozi atazimiza. Ntawutoyishimira

2. Dufashe kano kanya, kw’izina ry’Umugambwe wacu CNDD-FDD tumenyesha abagumyabanga iyo bava bakagera, abakunzi b’umugambwe wacu abarundi, n’amakungu ko dukenguruka cane intambwe nshasha Uburundi bwinjiyemwo.

Ni intambwe ikomeye cane kuko irahuriranye n’intumbero umugambwe CNDD-FDD wamye uharanira yo gutsimbataza intwaro ya Demokarasi mu Burundi.

Ni intambwe ikomeye kandi, kuko ubutegetsi bw’abenegihugu bwaraye bwiyerekanye mukwitorera itegeko rivyara ayandi mategeko. Ubu vyaraye bibonetse ko umunyepolitike Atari we afise ijambo rya nyuma nkuko vyari bimeze muri kahise.

  1. Tukaba tunamukeje Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu akaba n’Imboneza yamaho mu mugambwe CNDD-FDD, twongera tunamusabira imigisha, agire Ukubaho n’Ukuramba mu gihugu ciwe camwibarutse.

Iyo ataba intwari, iyi ntambwe ntitwari kuyishikako kuko mu 2015 abansi b’uburundi bari bahejeje gusubiza Uburundi mu manga.

 

  1. Ni ivyukuri kuko, kubw’Umukuru w’igihugu cacu, haratunganijwe ibiganiro vyatumye abarundi isinzi bumvikana ingene Uburundi bugiye kurongorwa muri kazoza ku neza ya bose.

5. Nkako, kuba Umugambwe CNDD-FDD wamye na ntaryo wizigira ukongera ukizera Nyenicubahiro Petero Nkurunziza mu mateka yawo yose ukiri ndetse n’Umuhari, ni ubwo butwari bwamye bumakura abagumyabanga.

Ninaco gituma Umugambwe CNDD-FDD, mu nama ya Komite nkuru y’umugambwe yo ku wa 10 Ntwarante 2018 Yaciye ifata ingingo yo kumugira imboneza yamaho mu mugambwe CNDD-FDD.

 

Abagumyabanga rero bakiriye neza ijambo yashikirije I Bugendana kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, igihe yashira umukono kw’Ibwirizwa shingiro rishasha abarundi bari biyemereje icese kw’igenekerezo rya 17 Rusama uwu mwaka.

Ijambo yashikirije ni ijambo rugabo riza ryerekana ubutwari, rigashimangira akarangamutima k’umugambwe CNDD-FDD, Inama y’abanyagihugu baharanira demokarasi nyakuri mu gihugu kigengwa n’amategeko.

 

Ingingo yashikirije ni ingingo nziza iza gusambura imigambi y’abansi ba demokarasi. Imboneza ya CNDD-FDD yaraye rero adusimbishije akanga, kugirango ntihagire uwugira icitwazo iki canke kiriya ngo asubize Uburundi mw’ihumbi.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashima cane bimwe bivuye ku mutima intambwe uburundi bugezeko mugukomeza demokarasi, ubu tukaba twareretse amahanga ico dushoboye kanatsinda n’ibwirizwa Nshingiro ritugenga uyu musi rishira igihugu ku yindi ntambwe yo gukomeza Intwaro rusangi n’intahe yo kwikukira; ivyo bikaba biha icubahiro Incungu zacu Umuganwa Rudoviko Rwagasore, na NDADAYE Melchior.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD nkuko wamye uharanira gusubiza hamwe n’ukunywanisha abarundi, uriyemeje kubandanya ugendera ivyiza vyavyawe n’amasezerano y’I Arusha nkuko wabikoze kuva ushikiriye uburongozi bw’igihugu.

Kuri ivyo, wiyemeje kuzokwama na ntaryo ugwanya amacakubiri aho aturuka hose, ugwanya intwaro zamuka ahandi atari mu matora, ihonyabwoko n’ikumirana.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urafise akarangamutima usanzwe ugendera; ako nako gahagaze ku kuvuga ukuri n’ukudahemuka.

Biciye ku mboneza yamaho y’Umugambwe CNDD-FDD,  twaraye tweretse amakungu  ko Umugambwe CNDD-FDD ufise abagabo b’indyamunyu, inserukarukamvye, baragana bagashitsa naho intumva zo ziguma zihuvya zica umutima abeneburundi.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD usubiye kumenyesha ko ubumwe bwawuranze aribwo buzokwama buwuranga. Nico gituma umenyesheje abarundi n’amakungu ko abagumyabanga bose batekanye kandi biteguriye neza gutora uwuzobaserukira ku kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu 2020.

 

  1. Ni muri iyo ntumbero umugambwe CNDD-FDD uteye akamo abanyepolitike bose, iyo bari hose kuza kwifatanya n’abandi mu gutunganya urupapuro rw’inzira ruzodushikana ku matora yo mu 2020.
  2. Dusavye ko umuhuza w’abarundi yofasha kugirango ivyavuye mu biganiro vy’abanyepolitike biheruka kubera I Arusha bishirweko umukono vuba kugirango ntihagire igisubira gusamaza abarundi mugihe bariko bashira mu ngiro ibwirizwa nshingiro bitoreye.

 

  1. Mu kurangiza, Umugambwe CNDD-FDD urashimye amashirahamwe n’ibihugu vyaduteye intege mu kwitorera ibwirizwa nshingiro tukaba kandi duhamagariye ababishoboye kudushigikira mu gukomeza intwaro ya Demokarasi kuneza y’ishaka ry’abenegihugu.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urangije uhamagarira abarundi bose na cane cane abagumyabanga kutagwa mu mitego yabasesankuyoze bama bashaka na ntaryo kuduhuvya, nukwama bafatanye mu nda bagire urunani rw’intamenwa mu kwijukira ibikorwa vyo soko y’iterambere rirama.

 

Bigiriwe I Bujumbura, ku wa 14 ruheshi 2018

 

 Evariste Ndayishimiye

 

Umunyamabanga Mukuru

14 juin 2018

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *