Amatangazo

ITANGAZO NO 004/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 02 NTWARANTE 2016

Umunsi abahinga b’Ishirahamwe Mpuzamakungu bajejwe gutohoza ivy’agateka ka zina muntu bashika mu Burundi ku wa 29 Ruhuhuma 2016, ikinogo gihambwemwo abantu benshi carabonetse ku Mutakura, cerekanywe n’umwe mu nkorabara.

1. Umugambwe CNDD-FDD warababajwe cane no kubona hari ikinogo c’imetero 12 cahambwemwo abantu barenga mirongo itatu bishwe na bamwe bagira imigumuko muri Karitiye ya Mutakura iri muri zone Cibitoke, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.Bamwe muri benegukora ivyo baremeye ko ibinogo nk’ivyo biri henshi mu gisagara ca Bujumbura.Ni ibara kubona hari abantu bibagiye ko ubuzima ari katihabwa. Ni inde afise ububasha bwo kuzimanganya ubuzima bw’umuntu? Abo bantu bazize iki? Umugambwe CNDD-FDD ukaba uhojeje imiryango yose yabuze ababo bahambwe mw’ico kinogo ;
2. Mu gihe c’imigumuko yatanguye ku wa 26 Ndamukiza 2015 haravuzwe ibintu vyinshi aho, babicishije mu bimenyeshamakuru mpuzamakungu, bambika iceyi ubutegetsi ngo buriko buramara abantu. Vyaraye bigaragaye rero ko mu makaritiye yagumutse hiciweyo abantu benshi kanatsinda umwe mu bishe abantu niwe yaraye yerekanye aho bahamvye abantu bagandaguye. None uko kwica abantu hanyuma bakabeshera ubutegetsi kwari kugamije iki? Nta kindi vyari bigamije atari ugusenyura Umugambwe CNDD-FDD n’Ubutegetsi buwukomokako;
3. Hari abamenyeshamakuru bo mu bimenyeshamakuru mpuzamakungu bimwe bimwe bigira ngo bazi ubwenge, ngo bafise ibikoresho, ubuhinga n’uburyo bukwiye bagiye ngaho bavuga ngo hariko harakorwa ihonyabwoko, ngo hari ibinogo bihambwemwo abantu benshi bishwe n’inzego z’umutekano mbere hariho n’abemeje ko ibigendajuru vyerekanye amasanamu y’ahahambwe abantu ikivunga hashasha. Aho hamwe si aho haraye habonetse ku Mutakura? Mbega abanyamakuru mvamakungu birigwa banyagara muri ayo makaritiye ya Mutakura, Jabe, Ngagara, Nyakabiga, Musaga, Cibitoke aho ntibazi neza ibinogo vyose bihambwemwo inzirakarengane zishwe zizira ubusa? Abo bahinga ba ONU mu vy’Agateka ka zina muntu bategerezwa kumenyesha Abarundi n’Amakungu abamenyeshamakuru mvamakungu bose baje gukorera muri ayo makaritiye y’abagumutsi kuva muri Rusama 2015 kuko birumvikana ko abicwa bicwa babona, bagahambwa babona, abamenyeshamakuru bafotora.
4. Umugambwe CNDD-FDD wagumye ubibeshuza none biragaragaye ko abo bamenyeshamakuru bambika iceyi inzego zijejwe umutekano mu makungu. Mbega abo bamenyeshamakuru mvamakungu ko birigwa muri ayo makaritiye ko bari barabihoze kandi womengo bari babizi? Ubu rero, ikinogo co ku Mutakura ni icagirizo ku bansi b’Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo. Amarementanya y’ububeshi yose agiye kuja ahabona kandi ababifisemwo uruhara bose mu minsi iheze bavuga ngo bariko baharanira ugukingira Ibwirizwa nshingiro n’Amasezerano ya Arusha bazomenyekana bongere bashengezwe mu butungane. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho gusaba amakungu gutahura ko yahenzwe, aheze asubire kwambika umutamana igihugu c’Uburundi n’inzego zijejwe umutekano kanatsinda barazibesheye;
5. Umugambwe CNDD-FDD wagumye uvuga ko mu Burundi hari ibinogo vyinshi bihambwemwo abantu benshi kuva kera ariko amakungu ntiyigeze ahaguruka ngo afashe kurondera aho ivyo binogo biri. Umugambwe CNDD-FDD urasavye ushimitse ko amakungu yofasha kugira ukuri kuje ahabona. Usavye kandi abantu bose boba bazi ahari ibinogo bihambwemwo abantu benshi na cane cane muri ya makaritiye yabereyemwo imigumuko ariyo Mutakura, Cibitoke, Ngagara, Musaga, Nyakabiga na Jabe. Aha ntitwokwibagira abagandaguwe bose mu gihugu igihe Prezida Melchior Ndadaye yicwa bunyamaswa. Eka n’abahoze batwara igihugu c’Uburundi nka Petero Buyoya na Yohani Batisita Bagaza basabwe kubwira Umugwi ujejwe Ukuri no kunywanisha Abarundi CVR ahari ibinogo bihambwemwo abantu benshi kuko kuva Uburundi bwikukira barahazi. Bokwerekana ahahambwe abana b’Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore, Umushikirangoma wa Mbere Petero Ngendandumwe, Umwami Ntare V Charles Ndizeye n’abandi bantu isinzi ;
6. Umugambwe CNDD-FDD uramenyesheje ko ivyaraye bibaye vyerekana ko Paul Kagame abifisemwo uruhara kuko yahaye imyimenyerezo ya gisirikare impunzi yagiye arakoka ngo zije mu Rwanda kugira zizogaruke kwica abantu mu Burundi;
7. Umugambwe CNDD-FDD urangije usubira gusaba ubugirakandi Amakungu gutahura Uburundi, Ibihugu vyahagaritse imfashanyo zafasha mw’irangurwa ry’imigambi y’iterambere bihagarike iyo ngingo yo gufatira ibihano Igihugu c’Uburundi vyafashe kuko ivyitwazo vyafatiyeko vyaturutse i wabo, Igihuguc’Uburundi carementanirijwe gusa kugira gisenyurwe rero bitegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira imigenderanire n’ugufashanya bisubire nka mbere kandi vyongere bishumbushe Abarundi kubera umubabaro bateye Abenegihugu b’Uburundi. Ukuri kuratanguye kuja ahabona! Umugambwe CNDD-FDD urongeye ubugirakandi kwifatanya n’imiryango yaburiye abayo mw’izi ntureka twasutswemwo n’abansi b’Igihugu na Demokarasi.

Bigiriwe i Bujumbura , ku wa 02 Ntwarante, 2016
Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD,

Umushingamateka Pascal NYABENDA

2 mars 2016

About Author

Evelyne


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *