Actualité, Amatangazo

ITANGAZO NO 006/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 26 NTWARANTE 2016

Umugambwe CNDD-FDD ntuzokwicarana n’abicanyi wisunze ya ngingo ya ONU ya 2248 yo ku wa 12 Munyonyo 2015

1. Umugambwe CNDD-FDD ubona ko abantu Amakungu ariko ashaka ko baganira na Reta y’Uburundi ari abicanyi, ukaba udashobora kwicarana nabo mu biganiro kanatsinda n’ingingo ya 2248 y’Inama ya ONU Ijejwe umutekano yo ku wa 12 Munyonyo 2015 itegekanya ko ivyo biyago vyojamwo Abarundi bose ariko batagiye mu vyo guhungabanya umutekano w’Igihugu. Umugambwe CNDD-FDD uramenyesheje ko utazogirana ibiyago n’abanyeporitike bagiye mu vy’iterabwoba n’ubwicanyi. Ibimaze iminsi bishikirizwa n’abishikanye mu maradiyo yaba ayo mu Gihugu canke ayo hanze birerekana ko abateguye guhungabanya umutekano w’Igihugu batarasubiza inkota mu rwubati, Ubutegetsi nabwo bukaba butigeze bubihendako kuko bwagumye bubavuga ;
2. Kuva aho umudugararo utanguriye mu 2005 ukaba wiseruye neza na neza kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, igihe bagerageza gusenyurwa inzego zitorewe n’Abenegihugu kwanasubiriye kugeragezwa kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015, Umugambwe CNDD-FDD ntiwahengeshanije kubwira Abarundi n’Amakungu ko ibintu nyamukuru vyatumye haba imigumuko atari bimwe bashikiriza ku biringo vy’Umukuru w’Igihugu kanatsinda inyuma y ‘intsinzi y’Umugambwe CNDD-FDD mu matora yo muri 2005, hari abaciye baja mu Rwanda mu nyigisho zo kuzotembagaza ubutegetsi bwitorewe n’abenegihugu, kandi aho hose nticari ikibazo c’ikiringo. Inyuma yaho, mu 2010 abo banyeporitike b’inkorabara barikuye mu matora kugira ngo umugambi w’amatora ya 2010 uhagarare ; n’aha nyene nticari ikibazo c’ibiringo ariko kwari ukubandanya umugambi mubi wabo wo gutegura ihonyabwoko. Mu 2015, ikiringo cabaye nk’icitwazo kugira bashire mu ngiro umugambi w’ihonyabwoko wari wabananiye mu 2010 naho mu bimenyeshamakuru havugwa ivyivugo ngo « ubu nyene vyanke bikunde Uburundi turabufata ». Ubu ivyari vyihishije inyuma biriko birigaragaza, abavyiyumviriye, ababiteguye, ababikoze n’ibikoresho bakoresheje n’ibindi biriko biramenyekana. Kandi Umugambwe CNDD-FDD ntiwihenze kandi ntiwahenze Abagumyabanga ko hari umugambi mubi mpuzamakungu wateguriwe Uburundi ;

3. Amashirahamwe ategamiye Reta yo mu gihugu na mvamakungu yaravuzwe cane muri iyo migumuko ko ariyo yafashe iya mbere mu gutegura ihungabanywa ry’Igihugu c’Uburundi. Amakungu yose yarahagurutse kugira akingire ayo mashirahamwe. Haciye hategurwa umugambi wo kuremeka inteba ishushe Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako mu ntumbero yo kuwankanisha n’Abenegihugu. Vyaravuzwe kenshi ko ihinguriro ry’ivy’ihonyabwoko riri mu Rwanda kuko Paul Kagame yarikoze i we yashatse no kurizana i Burundi, eka n’abanyeporitike bamwe bamwe b’ibihugu vya Bulaya, kw’isonga hari Louis Michel bahaye ibirwanisho n’amahera Paul Kagame naweb aca yigisha urwaruka rw’Abarundi bari mu makambi y’impunzi kugira bagaruke gutera Igihugu cabibarutse kugira bakore ihonyabwoko. Aha rero, igihe abo bicanyi bashika mu makaritiye yo mu gisagara ca Bujumbura bakoreyemwo ari yo Musaga, Jabe, Nyakabiga, Ngagara, Mutakura na Cibitoke, baciye bimba ibinogo barindiriye gukora ihonyabwoko mu gihe boba batsinze nk’uko Kagame yabikoze igihe yimba ibinogo i we arindiriye umunsi munaka wo gutangurirako ihonyabwoko igihe yatera Kigali ;

4. Ku bijanye n’abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru mvamakungu baje gukorera mu Burundi kugira bibonere ingene Ubutegetsi busenyurwa, Umugambwe CNDD-FDD waratahuye ko batakoze bubahirije akarangamutima k’umwuga wabo gushika aho ibikorwa vyabo vyaranzwe n’ububeshi be no kwigisha abagumutsi bagerageje gutembagaza ubutegetsi. Abakunzi ba demokarasi barafise uburenganzira bwo gusaba abo bamenyeshamakuru kwisigura ku gikorwa bakoranye n’abicanyi mu binogo vyahambwemwo abantu benshi bimaze kuboneka mu makaritiye ya Mutakura na Cibitoke. Ivyo ni ukuri ko abo bamenyeshamakuru nyene bagumye babeshera Umugambwe CNDD-FDD , Umuhari w ‘Imbonerakure n’inzego zijejwe umutekano ngo bariko bakora ubwicanyi ku banyagihugu batagira ibirwanisho. Ubu ko ibinogo bihambwemwo abantu benshi bitanguye kuboneka, ko ubwicanyi bwakorewe ababikira bo mu Kamenge kw’isengero Guido Maria Conforti batazira KWA BUYENGERO bwamenyekanye ababukoze, ko abaturiye iduka y’abashinwa T2000 bimenyekanishije ubwabo, ko ivyashikirizwa ngo harabaye ugufata abakenyezi ku nguvu vyakozwe n’abajejwe umutekano vyaronse insiguro ivuye ku bahoze bakora iterabwoba bishikanye, n’ibindi n’ibindi, Umugambwe CNDD-FDD urarindiriye ko abo bamenyeshamakuru bokwagirwa bojanwa imbere y’ubutungane bwo mu Burundi canke ubwo hanze mu ntumbero yo kurwanya ukudahana kuri ico kibazo ;
5. Abo mu mashirahamwe amwe amwe adaharanira inyungu za poritike n’imigambwe imwe itavuga rumwe na Reta ariko ikunda Demokarasi bamaze iminsi biyamiriza amatangazo y’indongozi z’Idini Gatorika mu Burundi, amatangazo afise intumbero yo guhungabanya inzego z’Igihugu zitorewe n’Abenegihugu. Nk’uko yabivuze Hamza Venansi Burikukiye arongoye CAPES + , Idini Gatorika ryaragize uruhara mu ntureka nka zose zahekuye Uburundi kuva ku muzo w’abapatiri b’Abazungu baciriye inzira Abakoroni b’abanyaburaya. Hamza Venansi Burikukiye, mw’itangazo ryiwe arerekana ugukorana na Ekereziya Gatorika n’Ubutegetsi imbere y’igandagurwa ry’Incungu yo kwikukira Rudoviko Rwagasore, arerekana kandi Ekereziya Gatorika yagiye iragira uruhara rudasanzwe mu gutembagaza Ubutegetsi kwagiye kuraba mu Burundi gushika n’ubu. Umugambwe CNDD-FDD ntuja kure n’ivyo vyatangajwe n’Ishirahamwe CAPES + kubera ko bamwe mu bayoboke b’Idini Gatorika bagize uruhara muri kahise kabi k’Uburundi. Inyifato ya Ekereziya Gatorika kuva mu 2010 na cane cane ku wa 26 Ndamukiza 2015, inyifato yamye iranga bamwe mu bihebeye Imana b’iryo Dini muri kahise k’Uburundi. Kandi bimwe vy’umwihariko haragaragaye inyifato igayitse ya bamwe mu ndongozi z’iryo Dini bihaye igikorwa co kuburabuza Umugwi Ujejwe Amatora CENI be no mu gushaka kuburabuza Umugwi Ujejwe Ukuri no Kunywanisha Abarundi CVR kandi ivyo vyose bigaherekezwa n’amatangazo acira umuriro yama ashikirizwa mu nkuka z’Imisa, ivyo bigatuma abantu biyumvira ko iryo Dini Gatorika rihusha intumbero yo gusana imishaha ahubwo rigafata intumbero ya poritike. Ugushaka gucanishamwo Abakristu kwakozwe n’indongozi za Ekereziya Gatorika kwagiye kuribonekeza rimwe na rimwe ku mugaragaro canke binyegeje, aho mbere bashaka gucanishamwo abayoboke babo n’imigambwe ya poritike, ivyo rero bituma abantu benshi bibaza igikorwa nyezina c’Abarongoye Ekereziya Gatorika mu Burundi. Inyifato nk’iyo twosaba ko yohinduka ,abigisha ijambo ry’Imana bakamenya ko igikorwa cabo nyamukuru arico gusanasana imitima y’abakristu bose;

6. Ku bijanye n’ibinogo bihambwemwo abantu ikivunga biherutse kuboneka mu makaritiye yagumutse nk’uko vyashikirijwe n’imisoresore yahora ikora iterabwoba yahebuye intumbero ya basebuja, harashizwe ku mugaragaro uruhara rwa Paul Kagame mu gushaka gusambura Uburundi abicishije mu gutanga inyigisho za gisirikare n’ibirwanisho ku misoresore . Wisunze ivyashikirijwe aho hejuru, Umugambwe CNDD-FDD ufata Paul Kagame na Louis Michel nk’abateguye bongera bashira mu ngiro amabi yakorewe abantu n’ibintu, ivyo binogo vyahambwemwo abantu benshi, iterabwoba, ukunyuruza Abagumyabanga, ukwambika inteba ishushe inzego zirongoye Igihugu gushika aho bavuga ngo ziriko zikora ihonyabwoko, ugutegura ihonyabwoko mu Burundi nk’uko vyashikirijwe n’abishikanye ;

7. Umugambwe CNDD-FDD ntiwahengeshanije kumenyesha Abarundi n’Amakungu abantu bakoze amabi yose yabaye mu gihugu c’Uburundi kuva cikukira kandi wagiye urerekana uruhara rudasanzwe rwagizwe n’Amashirahamwe Mvamakungu n’ibindi Bihugu mu mugambi wo gusenyura inzego zatowe kuva Uburundi bwikukira gushika ubu. Vyaravuzwe ko hagiye harakoreshwa uturwi tw’abarundi bataye ubuntu kugira basambure Ubutegetsi batipfuza. Igihe cose, inguvu mvamakungu n’ibimenyeshamakuru vyarakoreshwa kugirango bahishe ukuri, ariko rero ubu biragoye ko ukuri kunyegezwa kuko ababikora kuva ku wa 26 Ndamukiza 2015 ubwabo barerekana ingene umugambi wo kudurumbanya Igihugu wateguwe kuva mu ntango gushika ubu. Abumva ko vyamenyekanye ko babifisemwo uruhara batanguye gukoma amaruru y’ubwoba nk’abana, bakaguma bandika amajambo menshi kugira berekane ko batarimwo, ariko bizobatwara imyaka myinshi kugira berekane koko ko ata ruhara babifisemwo. Ico bomenya, si insiguro ntoya batanga zizobeza. Ubugirakandi, Umugambwe CNDD-FDD usanga muri izo nsiguro batanga zidashemeye kanatsinda nk’uko bayamaze « uwisigura kenshi aba ariko ariyagiriza ubwiwe ». Kubera iki bajugumira aho gutekereza ?

8. Ku bijanye n’Ibiyago bihuza Abarundi, Umugambwe CNDD-FDD, inyuma y’ivyashikirijwe n’abishikanye bahora mu migwi y’iterabwoba, usanga ko ugushaka kwawo ko kwanka kuganira n’abakora iterabwoba bashaka gutembagaza ubutegetsi bwitorewe gufise ishingiro kandi kutazohinduka kubera imvo zikurikira : nk’uko biba i Buraya na cane cane ibiherutse kuba mu Bubirigi ku wa 22 Ntwarante 2016, uwukora iterabwoba wese ategerezwa gukurikiranwa iyo ari hose. Ikindi naco ni uko abatumye haba ubwicanyi kuva ku wa 26 Ndamukiza 2015 atari abanyeporitike bafise ugushaka kwiza, ni abicanyi gusa bazokwama bagendana mu mitima yabo ibinogo bihambwemwo abantu ikivunga, ubwicanyi bwakorewe inzirakarengane, ugusambura no kwonona ibintu vy’abantu, ihonyabwoko n’ayandi mabi, Akarorero ka hafi ni ubwicanyi bwakorewe Liyetena Koroneri Ikurakure Darius na Major Didier Muhimpundu hamwe n’umuporisi Dieudonné Nsengiyumva yanyurujwe kuwa 22 Ntwarante 2016 ata mpa mvu ya poritike ihari. Ivyo ni iterabwoba nka rimwe twabona i Buraya mu Bubirigi n’ahandi.

9. Igihe cose hagiye haraba amatora, hisunzwe amategeko nk’uko biri n’ubu, hagiye haraba ubwicanyi no kugandagura abantu ikivunga. Igitangaje ni uko ababitegura bama bakoresha uburyo busa cane nk’uko umengo ibihe ntibirahinduka mu mitwe yabo, bakibagira ko Abenegihugu batera imbere muri poritike uko bukeye uko bwije iminsi yose. Icari gihishije ejo ubu ntikikiri ikinyegezwa ! Mu 1961, 1965, 1972-73, 1988 no mu 1993 ariko kandi kuva 2015 babikoze ku mugaragaro. Muri iki gihe ababiteguye basanga bamenyekanye nk’uko umengo bakinye ireresi, rero ntibishoboka kuganira nabo bantu ;

10. Umugambwe CNDD-FDD urangije iri tangazo usaba abo bategura amabi kwisubirako, bikubite agashi, bahinduke bongere basabe ikigongwe kuko igihe cose bisigura baba bariko baratanga izindi nsiguro n’umuco bakaba rero baba bariko bariyimbira icobo ivyo navyo biratandukanye n’ishusho y’Umuntu agendera ubuntu. Umuntu ni urya yemera akabi yakoze kugira ngo ntabonekane mu maso y’abazima n’abapfuye nk’igihemu. Kubera ivyo, Umugambwe CNDD-FDD uhamagariye abo bose badafatirwa n’ingingo y’Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano ya 2248 yo ku wa 12 Munyonyo 2015 kuja mu biganiro mpuzabarundi bafise agatima ko kuvuga ukuri kanatsinda si ibiganiro vy’amagaburanyama kuko ntabiriho vyo kugabangana. Ni ubutumire butavangura,buzotuma dutera intambwe mugutunganya neza ivyigihugu na cane cane amatora.

Bigiriwe i Bujumbura , ku wa 26 Ntwarante, 2016

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD,

Umushingamateka Pascal NYABENDA

29 mars 2016

About Author

Evelyne


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *