Actualité, Amatangazo

ITANGAZO NO 007/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 27 NDAMUKIZA 2016

Uguhoza umuryango wa Général de Brigade KARARUZA Athanase yagandaguwe n’abansi b’Uburundi

1. Umugambwe CNDD-FDD waraguye mu gahundwe aho wumviye inkuru y’incamugongo y’ukugandagurwa kwa Général de Brigade KARARUZA Athanase, umupfasoni wiwe n’umwe mu bamucungerera ubuzima kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016 aho abamwatse ubuzima bamutegerereye imbere y’ishure rikuri ryitiriwe Mutima Mweranda muri zone Gihosha yo muri komine Ntahangwa mu Gisagara ca Bujumbura ;
2. Umugambwe CNDD-FDD ubanje kwiyamiriza ubwo bwicanyi butagira izina kuko bene gukora iryo bara berekanye ko ata kindi bashoboye gukora mu buzima bwabo cogirira akamaro Abenegihugu uretse kubacira ku buhomba. Ubwo bwicanyi bwakorewe iyo ntwazangabo inyuma y’aho mu buhinga bwo gutumatumanako amakuru bwa none hari amajwi y’abakora iterabwoba nka Rose HAKIZIMANA yavuga ko abasoda b’abatutsi bokwivuna ngo kuko bategerezwa kugandagurwa, ivyo akaba yabivuze haheze akanya gato iyo ntwazangabo igandaguwe ;

3. Umugambwe CNDD-FDD urifatanije n’umuryango w’umuhisi Nyakwigendera Général de Brigade KARARUZA Athanase ukaba wifatanije nawo muri aka kababaro kadafise uko kavugwa urimwo. Umugambwe CNDD-FDD uramenyesheje kandi ko n’Abagumyabanga bababajwe cane n’ubwo bwicanyi bwakorewe iyo ntwazangabo yakunda igihugu, ukaba uboneyeho n’akaryo ko guhoza abagenzi biwe bari mu nzego zijejwe umutekano, basangiye urugamba rw’amahoro muri iki gice c’akahise karanze ubuzima bw’iyo ntwazangabo Uburundi bwabuze butanka. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje kandi abo bakorana mu biro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu ;

4. Umugambwe CNDD-FDD urababajwe cane no kubona ubwo bwicanyi bwakorewe intwazangabo Général de Brigade KARARUZA Athanase mu gihe hari haheze iminsi mikeya Komiseri Mukuru ajejwe agateka kazina muntu mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU Zeid Ra’ad Al Hussein amenyesheje ko mu Burundi abasoda bo mu bwoko bw’abatutsi bahoze mu gisirikare ca kera bita aba ex-FAB ngo bariko baratotezwa, banyuruzwa kandi bicwa. Umugambwe CNDD-FDD uramenyereye kwumva ibinyoma nk’ivyo uwo mukozi wa ONU yama yashikirije ata kindi bigamije atari ugukamira mu coze abashatse gutembagaza ubutegetsi bakora iterabwoba no kwambika ibara Igihugu c’Uburundi. Ivyo vyose vyarigeze no gushikirizwa imbere y’uko hagandagurwa abategetsi bakuru mu nzego za Gisirikare FDN n’Igiporisi c’Igihugu PNB. Ivyo vyipfuzo vyiwe bikaba bifise intumbero yo gucanishamwo inzego zijejwe umutekano. Umugambwe CNDD-FDD ntiwokwibagira kandi kumeneysha ko hari Amashirahamwe Mpuzamakungu yihaye igikorwa co gusambura inzego z’Igisirikare n’Igiporisi mbere rimwe na rimwe abicisha mu matangazo acira umuriro yama ashikiriza canke mu guhagarika imfashanyo zaronswa izo nzego ;

5. Umugambwe CNDD-FDD usavye abasirikare bose kuguma bafatanye mu nda, babandanye kwerekana ko ari ingabo z’igihugu kanatsinda no mu bihe bigoye igihugu cacu gihitiyemwo barakoranye ubwira mu mirimo yabo ya minsi yose n’aho hari abanyeporitike bashatse kubahendahenda ngo babakoreshe mu migambi mibi bari bateguye yo guhungabanya inzego z’Igihugu. Ubasavye kubandanya bahagarariye amahoro kanatsinda nibo nkingi y’ubwigenge bw’Igihugu ;

6. Hisunzwe ibiri mu ngingo y’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano inomero 2248 yo ku wa 12 Munyonyo 2015 yasobanuwe neza n’iyindi ngingo y’iyo nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’Isi inomero 2279 yo ku wa 1 Ndamukiza 2016, Umugambwe CNDD-FDD urasubiriye kumenyesha ko utazokwigera udohoka ku mugambi wawo wo guharanira amahoro naho abakora iterabwoba bobo babandanya imigambi yabo mibi. Ni naco gituma wiyemeje kubandanya witabira ibiyago bihuza Abarundi vyaba ibibera mu gihugu hagati canke hanze y’Igihugu, ariko ukamenyesha ubugirakandi ko utazokwigera uganira n’abagiye mu migumuko banashatse gutembagaza ubutegetsi,

7. Umugambwe CNDD-FDD urasavye Abarundi bose na cane cane abajejwe umutekano kudacika ivutu, bongere bagume bafatanye mu nda nk’uko Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA yabibasavye, mw’ijambo ryo guhoza Abarundi yashikirije ku mugoroba wo ku wa 25 Ndamukiza 2016, aho yamenyesheje ko ugutsinda umubabaro, ukwigumya no kutihorahorana ari umuryango ushikana ku ntsinzi ivyo navyo bikaba bitanezera na gatoya abansi bipfuza intambara no gusesa amaraso y’abana b’Uburundi ;

8. Umugambwe CNDD-FDD urangije rino tangazo ushimira Nyakwigendera Général de Brigade KARARUZA Athanase ku bintu vyose yaranguye mu guharanira amahoro n’iterambere ku gihugu camwibarutse na cane cane ku gikorwa kidasanzwe yakoze mu kubuza abansi bademokarasi bashaka gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu ku wa 13 Rusama 2015.Aho ari niyakirwe neza kubera ivyo yaranguriye bagenzi biwe igihe yari akiri mw’Isi nivyo Imana izoherako mu kumuha ikibanza c’iteka kimukwiye mu bwami bw’ijuru.

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 27 Ndamukiza 2016

Umushingamateka Pascal NYABENDA,

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD.

REPUBLIQUE DU BURUNDI REPUBLIKA Y’UBURUNDI

Parti CNDD-FDD Umugambwe CNDD-FDD

Conseil National pour la Défense Inama y’abanyagihugu baharanira

de la Démocratie – Forces pour la Demokarasi.

Défense de la Démocratie.

REPRESENTATION LEGALE UBUSERUKIZI BUKURU

COMMUNIQUE N° 007/2016 OF THE CNDD-FDD PARTY DATED APRIL 27TH, 2016

28 avril 2016

About Author

Evelyne


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *