Actualité, Amatangazo

ITANGAZO NO 005/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 10 NTWARANTE 2016

Ni kuki abanyeporitike bamwe bamwe batanguye kwanka ko Umurwi ujejwe kurondera Ukuri no kunwyanisha Abarundi (CVR) ikora ?

1. Imigumuko yatanguye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 yabaye imbarutso y’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu kuva mu 2005. Kukaba nkako intsinzi y’Umugambwe CNDD-FDD yarababaje mu mutima Abanyeporitike bamwe bamwe bari barafashe Igihugu nk’icibare cabo bashobora kugabangana uko bashatse bagahana ubutegetsi uko bavyipfuza. Abo tubasanga muri ya G7 na G 10 n’abanyamahanga babafata mu mugongo bagiye baragira uruhara mu mabi yahekuye Uburundi aho Petero Buyoya yari afise ikibanza ca mbere. Itembagazwa ry’ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015 ryari rije guheraheza uwo mugambi w’abansi ba demokarasi kugirango noneho Igihugu bagicure bufuni na buhoro nk’uko babishaka. Muri Reta bari bateguye, Petero Buyoya yategerezwa gutwara CVR, ivyo bigaca bisigura ko CVR itipfuzwa na gato n’abo bangushi kuko badashaka y’uko ivyo bakoze bimenyekana ;

2. Umugambwe CNDD-FDD ntiwigeze narimwe uhengeshanya kwerekana ibihe bikuru bikuru vyaranze kahise k’Igihugu duhereye ku kwikukira kw’Uburundi aho abatipfuza ko Igihugu cigenga bafatanije n’umuzungu kugirango ukwikukira kunigirwe mu menshi bikaba vyanavuyemwo ukugandagurwa kw’Incungu y’ukwikukira Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore yaharaniye Intahe y’ukwikukira mu 1961. Muri ico gihe, biraboneka ko Ububirigi ari bwo nkwezi y’amarere muri ayo mahano yahekuye Uburundi agahitana n’ Intwari yabwo Rudoviko Rwagasore. Igihugu c’Ububirigi nticoshira agati mu ryinyo mu vyashikiye Uburundi kandi ibiganiro bihuza abarundi ntibizirengagiza kurengutsa Louis Michel n’abagenzi biwe kugira bisigure ku mahano bakoreye Uburundi. Mu gihe Reta y’Ububirigi itoshobora kugira ico ishikirije ku mabi Louis Michel na bagenzi biwe bakoreye kandi babandanya bakorera Igihugu c’Uburundi vyoca bisigura ko mu maso y’Abarundi ko iyo Reta itoba ifise uwuyibazwa kandi vyoba bisigura ko umuryango wa Louis Michel woba ufatiye amaboko i mugongo iyo Reta kugira ntigire ico ishikirije. Abo rero nabo nyene ntibashaka kwumva CVR ;

3. Ibihe bigoye Uburundi bwaciyemwo ni vyinshi : igandagurwa ry’Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe ryakurikiwe n’Abarundi isinzi bakunda demokarasi bagandaguwe bunyamaswa bazira ubusa aho dusanga ko abashingamateka n’abakenguzamateka, abarwizatunga, incabwenge zose zaboneka ico gihe baherekeje Ngendandumwe mu binogo vyahambwamwo abantu ikivunga, bikaboneka neza ko abari barongoye igisirikare c’ico gihe co kimwe n’abanyagihugu bari bafatanije bazi aho abo bantu bahambwe. Abo bari barongoye igisirikare n’abo bari bafatanije ntibashaka kwumva ijambo CVR. Ntitwokwibagira na bamwe mu bakozi b’Imana bataye ibanga ryabo bakaja gufatanya n’igisirikare muri ubwo bwicanyi. Na bamwe bamwe mu banyarwanda b’impunzi barafashije muri ayo mahano yo mu 1965 no mu yindi myaka kuko ni nabo bahanura abo bari basangiye ubwoko kuzo kwitanga ubundi bwoko bakabwica gutyo ngo ntibaze bamere nk’uko izo mpunzi z’abanyarwanda zabaye i wabo. Aha n’ikimenyamenya ni uko amazu yo muri karitiye Asiatique menshi banyeneyo bari mu bwoko bwahirwa, bamaze kwicwa ayo mazu yashikirijwe impunzi z’abanyarwanda nk’agashimwe kuko zifatanije n’abicanyi. Izo nzu abanyarwanda barahavuye barazigurisha ku Barabu, Abagiriki n’Abahindi kuko bahavuye bamenya ko zizobaviramwo akarambaraye. Abanyarwanda babaye i Burundi muri ico gihe be no mu yindi myaka yakurikiye, iyo bari hose, nabo ntibashaka kwumva CVR n’ibiganiro mpuzabarundi kuko yoshobora kuzobashira ahabona no kubajana imbere y’ubutungane ;

4. Ikindi gihe giteye ubwoba caranze Uburundi ni imyaka ya 1972-73 aho ihonyabwoko rya korewe ubwoko bwa benshi mu mezi atatu yonyene hakaba harishwe abantu barenga 300.000 n’ibihumbi amajana menshi barahunze. Ugushaka kw’Ubutegetsi bw’ico gihe kwari uguhonya ubwoko bwaboneka ko buvamwo abipfuza kugendera intwaro ya demokarasi nk’uko abicanyi bavyivugira, bari bazi ko ata demokarasi izongera kuvugwa imbere y’imyaka 100. Biratangaje rero ko ivyiyumviro vy’ihonyabwoko twumva ubu kuva mu 2014-2016 bifise isano rikomeye na vya vyiyumviro vya zankorabara zashaka gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu zifatanije n’abanyeporitike bamwe bamwe b’ababirigi nka Louis Michel, ivyiyumviro vya poritike vyari vyarashizwe mu ngiro na ya ntwaro y’igikoroni c’Ababirigi aho gushika mu 1945 ata muntu n’umwe ava mu bwoko nyamwinshi yari akiri mu nzego ziyoboye igihugu. Iryo kumira ry’ico gihe ni ryo ryaraye rihatswe gushirwa mu ngiro n’abo bansi ba demokarasi. Abo rero bafata umugwi CVR nk’umwansi nyamukuru kuko ibikorwa vy’izo nkorabara vyoshobora kuzoshirwa ahabona intahe ikazikubita mu gahanga. Ivyo rero bituma Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo bavyanka bakavyankiriza kuko babona ko vyanka bikunda ukuri kuzomenyekana, bica bigaragara ko bipfuza Reta itokwigera ibakomakoma kugira ngo ibaze amahano bateje igihugu n’Abenegihugu. Ariko igitangaje ni uko imbere y’uko CVR ijaho, ari bo, ku karimi bahimiriza Reta ngo n’ishireho bidatevye CVR. None imaze kuhaja ngo CVR n’irindire, ngo nta n’ico izoshikako. Birabaje ko G7 na G10 biyambika ubusa bavuga ko badashaka CVR kandi yari no muri ya Masezerano y’i Arusha.Abo bavuzwe ni nabo birigwa bakwiragiza y’uko mu Burundi hariko harakorwa ihonyabwoko ariko bakibagira ko iyo mvugo ari iyo kwikurako akabi k’ihonyabwoko kabogaboga mu mitima yabo bagashaka kugasuka ku bandi. Aha Louis Michel, Petero Buyoya, Bernard Maingain n’abandi tutiriwe turavuga, ng’ico ico basumbije abandi ;

5. Umugambwe CNDD-FDD ntiwokwirengagiza kumenyesha Abarundi n’Amakungu ko amazu n’amatungo vyegukira abo mu bwoko nyamwinshi bahonejwe mu 1972-73 muri za Rohero, Kiriri n’ahandi vyanyazwe n’ubutegetsi bw’igisirikare bwa Micombero Michel, itariki 6 Rusama 1972 aho baciriye urubanza rwo gupfa abari bishwe bose kuva itariki ya 29 Ndamukiza 1972 bagategeka y’uko n’ivyabo bica binyagwa urukombamazi. Muri ico gihe Yohani Batista Bagaza, ubu ari umukenguzamateka yari umucamanza muri urwo rubanza rw’ihonyabwoko. Aho abo bantu bose bishwe bahambwe ikivunga mu binogo, abari mu butegetsi bw’ico gihe baba abasoda canke abandi n’abanyamahanga bose bari bafatanije barahazi kanatsinda ni bo bategekanya aho babahamba. Abo bantu, ntaco badakora kugira ngo CVR ntikore kugira ngo ntize yigere ibona ingene ibahamagaza kugira babazwe bongere bakubitwe intahe mu gahanga ;

6. Ayandi magorwa tutokwibagira ni igihe abenegihugu bo mu makomine ya Ntega na Marangara bagandagurwa mu 1988. Inyuma y’aho ibimenyeshamakuru vyagenda mu gihugu cose kubaza abacitse kw’icumu mu 1972-73 bahejeje amashure y’intango. Petero Buyoya yateguye ihonyabwoko, iyo hataba abakunda igihugu baba hanze baburiye abantu ryari kuba nk’iryabaye mu 1972-73. Ubugirakandi, Petero Buyoya n’abasirikare yakoresheje barazi ibinogo bahamvyemwo abenegihugu bagandaguriwe ubusa. Ehe ni murabe ingene mu 2015 uwo Buyoya yagiriza Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokamwo mu gihe ihonyabwoko riri mu maraso yiwe, ikivyemeza ni ihonyabwoko rya Ntega-Marangara no mu bindi bihe. None mwumva yokwemera gute CVR mu gihe azi ko azotegerezwa kuvuga ivyo yakoze ?

7. Amarushwa yo mu 1993 yahitanye Umukuru w’Igihugu Ndadaye Melchior na bamwe mu bafasha biwe be n’isinzi ry’Abarundi aracari mu mutwe w’abakunzi ba demokarasi. Mu gihe c’imyiyamamazo, Umukandida wa UPRONA Petero Buyoya, ateruye umwana yavuga ati « ushaka kuvyara ugaheka, tora Buyoya ». Abanyagihugu banse kumutora, yaciye ashira imvugo mu ngiro yikora ku basoda biwe bamuyoboka, basohora ibirwanisho vyose vya gisirikare bagandagura abanywanyi ba FRODEBU mbere bahereye kuri Nyenicubahuro Ndadaye Melchior n’abafasha biwe. Ibihumbi amajana n’amajana vy’Abenegihugu baragandaguwe bunyamaswa abandi isinzi barahunga, abandi barenga 570.000 begeranirizwa mu makambi yashusha n’amakambi y’ «abanazi» kuko abantu bose bari bayugaraniwemwo bahoneyeyo. Mu 2015 uwo Buyoya afatanije na Louis Michel, Marguerite Barankitse yavugije amaruru ngo Uburundi buriko buja mw’ihonyabwoko mu gihe ihonyabwoko ribarizwa mu maraso yiwe.Mwumva gute Buyoya yokwipfuza ko CVR ikora ?

8. Umugambwe CNDD-FDD urababazwa n’uko abashatse gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015 bari bafise umugambi wo guhonya abagumyabanga n’abandi bose babashigikiye nk’uko vyagiye biraba kuva Uburundi bwikukiye. Urababazwa kandi kubona harabaye ukwambika iceyi no gucafuza Ubutegetsi biciye mu bimenyeshamakuru n’amashiramwe amwe amwe Mpuzamakungu mw’irementanya bisunze ivyiyumviro bikurikira :

(i) Kuvuga nabi ubutegetsi, ukabwambika iceyi kugira ngo ubwankishe abenegihugu n’amakungu ;
(ii) Kugarariza Ubutegetsi biciye mu migumuko no kwanka gukurikiza amategeko ;
(iii) Kwihereza amabarabara no gukora imyiyerekano ivanzemwo ubwicanyi ari co twita imigumuko ;
(iv) Kugerageza kwifatira ku nguvu ibibanza bikomakomeye vy’igihugu nk’amaradiyo, amakambi, ikibuga c’indege n’ibindi ;
(v) Gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’abenegihugu iyo bishobotse ;
(vi) Kwica ikivunga abakunzi ba demokarasi baba bashigikiye ubutegetsi ;
(vii) Ugusaba ko inteko mvamakungu ziza gutembagaza ubutegetsi ; mu guca ku bihugu vyo hanze n’amakungu mu gihe ugutembagaza ubutegetsi vyananiranye ;
(viii) Ivyo vyose bikorwa abanyamahanga babishigikiye kugirango ntihazogire umuntu avugira ubutegetsi buba buriko burasamburwa ;
9. Umugambwe CNDD-FDD urangije umenyesha ko ivyo vyavuzwe aho hejuru ari vyo abagiye mu migumuko bisunze kuva itariki 26 Ndamukiza 2015 gushika n’ubu, akaba ari nabo bashatse gutembagaza Ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015 bari bateguye gushira mu ngiro Imana igakinga kanatsinda irakunda Uburundi n’Ababubamwo. N’ubwo biri uko, Umugambwe CNDD-FDD urasavye ko abafise ico biyagiriza boshika imbere ya CVR bakavuga ukuri kwabo aho kubandanya bayirwaniriza hanze kuko ivyo bavuga vyose vyerekana ko batayishaka ahubwo Abenegihugu baca babona ko iyo ngendo ari iyo abafise ivyo biyotsa.

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 10 Ntwarante 2016

Umushingamateka Pascal Nyabenda,
Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD.

10 mars 2016

About Author

Evelyne


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *