Actualité, Amatangazo

ITANGAZO NO 009/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 07 RUSAMA 2016

Uguhoza umuryango w’uwahoze ari Umukuru w’Igihugu Koroneri Yohani Batisita BAGAZA

1. Umugambwe CNDD-FDD waraguye mu gahundwe wumvise inkuru y’umubabaro y’urupfu rw’uwigeze kurongora Uburundi Koroneri Yohani Batisita BAGAZA rwabereye mu bitaro vyitiriwe Umweranda Elisabeth mu gihugu c’Ububirigi mu gitondo co ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 04 Rusama 2016 ;

2. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje umuryango wa Yohani Batisita BAGAZA, abo bakoranye bose mu gisirikare c’Uburundi n’abo basangiye amabanga yo kurongora Uburundi kuva kw ‘igenekerezo rya 1 Munyonyo 1976 gushika ku wa 3 Nyakanga 1987. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje kandi abo bakoranye n’uwo muhisi mu Nama nkenguzamateka y’Uburundi ;

3. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko gukenguruka ibikorwa vyiza vyose yakoze vyo guteza imbere Uburundi mu gihe yari akiri Umukuru w’igihugu ;

4. Umugambwe CNDD-FDD ntiwokwirengagiza no kumenyesha ko Koroneri Yohani Batisita BAGAZA yari mu bofashije umugwi CVR kugirango ukuri ku bintu bimwe bimwe vyabaye hano mu gihugu kumenyekane. Igihugu rero kirahomvye;

5. Umugambwe CNDD-FDD urangije usabira ku Mana Rugiravyose, Nyakwigendera Koroneri Yohani Batisita BAGAZA, imuhe uburuhukiro bwiza mu bwami bw’ijuru.

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 07 Rusama 2016
Umushingamateka Pascal NYABENDA,
Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD.

11 mai 2016

About Author

Evelyne


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *