Ku civugo kigira giti: « Guma kw’ivola, Abarundi twibandanirize kurya umunyenga w’amahoro n’iterambere », Abagumyabanga bo mu ntara ya Burunga batunganije ibirori vyo gukeza Umukuru w’Igihugu ku cizere aherutse kugirirwa mw’ikoraniro kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD ryabereye i Gitega.
Ivyo birori vyaranzwe n’urugendo rw’Abagumyabanga bo mu makomine yose agize iyo ntara, hamwe n’imvukira zayo, berekana ubumwe n’ishaka ryo gushigikira umugambwe wabo.
Ivyo birori bikaba vyabereye muri zone Mahwa, ya komine Matana kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 2 Rusama 2026.
Mu majambo yashikirijwe n’Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Burunga, Sylvain Nzikoruriho, yamenyesheje ko uwo munsi wari wateguwe kugira bagaragaze ko bashigikiye ingingo yo gushira imbere Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye nk’uwuzoserukira uwo mugambwe mu matora yo mu 2027. Yavuze ko bamuhisemwo kuko ari uwo basanzwe bazi neza, kandi bamukunda kubera politike yiwe ifise intumbero yo kurwanya ubukene no guteza imbere Abarundi.
Yongeye arashima ibikorwa bitandukanye vyaranguwe, harimwo umugambi PAEEJ umaze guteza imbere urwaruka rwinshi, ishingwa ry’amabanki atandukanye harimwo n’ayagenewe abakenyezi n’urwaruka, ugukomeza umugambi wo kuvura abana n’abakenyezi bibungenze ku buntu, hamwe n’imigambi yo gufasha abafise amikoro make biciye mu migambi itandukanye nk’uwitwa “Mera nk’abandi” n’iyindi.
Abagumyabanga bo muri iyo ntara barashima kandi ibikorwa vyaranguwe, aho bashimye cane iyubakwa ry’ibarabara ry’igihugu N° 16, hamwe no gukwiragiza umuyagankuba mu makomine yose agize intara ya Burunga.
Umunyamabanga w’Umugambwe muri iyo ntara yahamagariye Abagumyabanga kubandanya bashigikira ibikorwa vya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, kuguma bumvira amategeko y’umugambwe, no kwirinda aboshaka kubacanishamwo kugira bagume mu bumwe. Yabasavye kandi kwijukira imigambi yo kwiteza imbere, cane cane mu kurima ibiterwa njabukamazi nk’ivoka, ikawa n’icayi, kugira baronke amafaranga mvamakungu.
Ivyo birori vyabaye inyuma y’indwi imwe gusa habaye ikoraniro kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD i Gitega, ryemeje uwuzowuserukira mu matora yo mu 2027.




Laisser un commentaire