Ijambo ryashikirijwe n’Umunyamabanga mukuru mu kwakira Abagumyabanga n’Abatumire bitavye Igikorane mpuzamadini co gukengurukira Imana, ku wa kane 25 nzero 2024.
Non classé

Ijambo ryashikirijwe n’Umunyamabanga mukuru mu kwakira Abagumyabanga n’Abatumire bitavye Igikorane mpuzamadini co gukengurukira Imana, ku wa kane 25 nzero 2024.

Nyenicubahiro Mana Rugiravyose, Mana ya Sogokuru Petero Nkurunziza, Mana ya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu ciza c’Uburundi, Général Major Varisito Ndayishimiye, nuhabwe icubahiro!
Ubuserukizi bukuru bw’Umugambwe CNDD-FDD buri n’iteka ridasanzwe ryo kubakira muri kino kibanza ciza c’amasengesho, aho twasize vyose inyuma, aho twaretse ivyubahiro vyacu ngo twegere ku gicaniro duciye bugufi twumve ico Imana ivugana natwe Abagumyamabanga imbere yuko twinjira neza mu mwaka w’2024. Ni akaryo keza cane ko no gushikanira Imana yacu amashimwe ku vyiza yadukoreye mu mwaka twaraye turangije wa 2023. Irakaninahazwa!
Bagumyabanga, Bakenyererarugamba, Mbonerakure namwe Batumire bahire, Icivugo c’ano masengesho turimwo ni “TWEREKE IMANA IBIKORWA VY’AMABOKO YACU, NA YO IZODUHEZAGIRA IDUSHIKANE KU BURUNDI IGIHUGU CIFASHE MU 2040, GITEYE IMBERE MU 2060.” Ico civugo cisunga ijambo ry’urufatiro dusanga mu gitabu c’Imana rivuga ngo : “Uhoraho azobugururira ijuru, ari ryo bubiko bwiwe buninahaye, ngo ahe igihugu canyu imvura mu gihe cayo, ahezagire n’ibikorwa vy’amaboko yanyu vyose ; amahanga menshi azoza kubagurana, ariko mweho ntimuzoja kuyagurana.”
Iri jambo ry’Imana twisunze muri aya masengesho rije ryunganira imbonakazoza y’Igihugu ko Uburundi bwoba igihugu cifashe mu 2040, kikaba giteye imbere mu 2060. Nagire nce akarongo ngaha nongera nsa n’uwukebura benshi mu ndongozi canke abagumyamabanga bakivuga ngo Imbonakazoza ya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu. Ni imbonakazoza y’Igihugu twese duhamagariwe gushira mu ngiro. Tumukomere amashi ko yatugiye imbere nk’Umuvyeyi Imana ikamukoresha ikatwugurura amaso kugira ngo tubone aho turi n’iyo dutegerezwa kuja.
Nk’uko rero ijambo ry’Imana ribitwibutsa, Imana ihezagira ibikorwa tuba twaranguye. Ni twarera amaboko, tukaryama umukondorazosi, iryo hangiro ntidushobora kuzopfa turishitseko. Nk’uko rero indongonzi kizigenza yacu, Nyenicubahiro Prezida Varisito Ndayishimiye na Reta y’Uburundi badasiba kubiduhamagarira, dutegerezwa umwe wese ku ruhande rwiwe, na cane cane mu gukorera hamwe mu mashirahamwe (amakoperative) guterera umuganda mw’iterambere ry’igihugu.
Imiryango y’Abarundi twese iteye imbere ni igihugu kizoba giteye imbere. Burya nta gihugu gitera imbere, abenegihugu baco bari mu bukene. Ikimenyetso c’iterambere gipimirwa k’ukugene abenegihugu babayeho. Ni ukuvuga ingene bafungura, aho baba, inyubakwa rusangi ziri mu gihugu, aha twovuga amashure , amavuriro, amabarabara, urgero rw’amazi meza, umuyagankuba n’ibindi vya nkenerwa bituma umwenegihugu abaho neza.
Bagumyabanga, Bakenyererarugamba, Mbonerakure namwe Batumire bahire, mu mugambwe CNDD-FDD, ari na wo Reta iri ku butegetsi uno musi ikomokako, iyi mbonakazoza twayigize iyacu. Tuza twaratanguye guhimiriza abenegihugu muri rusangi, na cane cane Abagumyabanga b’Umugambwe wacu CNDD-FDD gufata iya mbere mu kwijukira ibikorwa vy’iterambere nk’uburimyi n’ubworozi kugira ngo imiryango yose ironke ubuzima bwiza mu bijanye no gufungura, uburaro n’ibindi vya nkenerwa
Tumaze igihe dusanga abarongoye abandi mu mugambwe mu mitumba, amazone n’amakomine kugira ngo tubashire ku kivi twisunze iyo mbonakazoza. Si uguhimiriza gusa, ariko dusaba abagumyabanga kubera abandi akarorero mu kugira ibivi rusangi bakora nk’abagumyabanga mu ntumbero yuko n’abandi benegihugu bobigana maze bakaja hamwe mu kwiteza imbere.
Ni muri iyo ntumbero, ku mitumba yose igize igihugu cacu, abagumyabanga bagiye baratunganya amatuta y’ibiti harimwo n’ivy’ivyamwa, ubu mbere bakaba baza baranabiteye mu matongo ya Reta no mu matongo y’abenegihugu. Mu biti biterwa harimwo cane cane ibiti vy’ikawa mu burere ishobora kurimwamwo, hamwe n’ibiti vy’ivyamwa nk’amavoka kugira ngo bize bizanire igihugu amahera mvamakungu nivyashorwa hanze.
Bagumyabanga, Bakenyererarugamba, Mbonerakure namwe Batumire bahire, Ba sokuru barayamaze ngo n’Imana igira aho imaniye. Nitutakora ngo twiteze imbere, tuzoguma mu bukene, maze imyidogo mu benegihugu igume irwirirana kuko bose bazoba biteze ko ari Reta itegerezwa kubaronsa ivya nkenerwa. Turimye hanini, tugakoresha ubuhinga bugezweho, twokwimbura vyinshi, maze ibiciro ku masoko bikagabanuka. Nta Reta n’imwe kw’isi ishobora gutuma ibiciro vy’ivyankenerwa bigabanuka ata mwimbu uhagije ubonetse mu gihugu. Umuti urama w’ubukene ni ibikorwa vy’abenegihugu bose, ata n’umwe avuye kuko wosanga hari abariko barya imitsi abandi.
Umwe wese rero atahure ko ategerezwa gukura amaboko mu mpuzu agakora kugira yibesheho yongere abesheho abamukomokako, canke abo akomokako iyo bageze mu zabukuru batagishoboye kugira ico bahereje iminwe. Nitwamara gusohora amaboko, Imana izobona umuruho wacu, maze na yo nk’uko yavyemereye abayizera itwugururire ijuru, iduhezagize imvura ku rugero rwiza no mu gihe cayo, ihezagire ibikorwa tuzoba turiko turarangura, dutunge dutunganirwe gushika aho amahanga azotugana kugira ngo tuyafashe. Ni muri ico gihe conyene tutazoba tugitega amaboko amakungu tuyasaba imfashanyo.
Nk’umugambwe uramutswa igihugu, iki gikorane co gushimira Imana aduhaye akaryo keza ko gusubira guhamagarira Abarundi bose ata n’umwe avuyemwo kwama twibuka na ntaryo ko “Amazi masabano atamara imvyiro”, kandi ko “Ak’imuhana kaza imvura ihise”.
Twige kwibako, maze twizigire Imana yaduhaye igihugu ciza nk’iki kugira ngo tugiteze imbere. Twame tuzirikana rya jambo Sogokuru Petero Nkurunziza yatwigishije ko twokwama “DUKORA DUSENGA, DUSENGA DUKORA”
Bagumyabanga, Bakenyererarugamba, Mbonerakure namwe Batumire bahire, umwaka twaraye turangije twawubonyemwo Imana mu buryo budasanzwe. Nk’Abagumyabanga, turafise vyinshi vyo gushima. Kubona yaratuzigamiye igihugu n’indongozi zacu, ivyo vyonyene birakwiye ngo tuyihimbaze. Igihe cose umwansi yaduciriye icobo, Imana yacu yamye iducira icanzo. Mu 2023, ibigoye ntivyabuze ariko ntaho twisanze Imana yaduhevye. Haba mu gihugu canke mu makungu, Imana yarahaye Abagumyabanga ikiganza ciza. Nihabwe Icubahiro!
Ndangize nsubira gukengurukira Imana Rugiravyose yo yama na ntaryo itwitwararitse twebwe Abarundi mu kuduhezagiza ibihe vy’imvura vyiza n’akazuba kari ku rugero rwiza, maze tuyisabe umutima n’ubwenge vyo guhinduka kugira ngo dutere iyindi ntambwe ituganisha ku kwijukira ibikorwa, maze igihugu cacu gizoshike kuri ya mbonakazoza y’igihugu cifashe mu 2040, giteye imbere mu 2060.
Imana y’Abagumyabanga iragahezagirwa Imyaka n’imyaka, murakoze!
26 janvier 2024

About Author

BANGEL


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *