Ijambo rishikirijwe na Nyakwubahwa Gen Maj Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 rusama 2020.
Actualité, Espace Presse, Kirundi, Politique

Ijambo rishikirijwe na Nyakwubahwa Gen Maj Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 rusama 2020.

Barundi benewacu,

Ncuti z’umugambwe CNDD-FDD

Imana mukama wacu ni ishimagizwe ibihe vyose;

Amahanga yose abimenye ko ariyo yama irokora Uburundi ibihe vyose.

Ni iyo Mana dusenga yaraye iteturuye kandi Uburundi.

 

Kw’izina ry’abagumyabanga bose bahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, incuti n’abagenzi b’umugambwe CNDD-FDD ;

Ndi n’iteka n’akanyamuneza ntangere vyo gukeza abarundi isinzi bitavye amatora yo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 20 rusama 2020   bakitorera mu muco, umutima uri mu nda, bagahunda amajwi umugambwe CNDD-FDD washize imbere indongozi zibikwiye zizoshikana Uburundi kw’iterambere rirama kandi ridakumira.

 

Igenekerezo rya 20 rusama 2020 ni umusi ntibagirwa ku mu mateka y’abagumyabanga, abarundi bose no ku gihugu cacu c’Uburundi.

 

Twaraye twiteye iteka ntangere aho tweretse abarundi n’amakungu ko dushitse aho tutacigishwa Demokarasi ahubwo hageze ko tuyigisha abandi.

 

Intsinzi yaraye ibonetse si intsinzi y’Umugambwe CNDD-FDD n’incuti zawo gusa; ni intsinzi y’abarundi bose, ni intsinzi ya DEMOKARASI n’abayemera bose mu Burundi, muri Africa no kw’isi yose.

 

Turabakeje kandi turabashimiye bimwe bivuye ku mutima ku butwari mwaraye mwerekanye.

 

Mu kwitaba aya matora atatu, iry’Umukuru w’Igihugu, iry’Abashingamateka, n’irya Abajenama ba Komine, ku rugezo rushimishije birenga 87% (tauni igikorwa  gihambaye kigaragaza ko Abarundi twanyuzwe na Demokarasi.

 

Ni kandi ikimenyetso ntabesha ko Abarundi tumaze gutahura ko kazoza k’Uburundi kari mu minwe yacu, ico naco kikaba ari ikimenyetso kiranga ukwikukira nyakwo kw’igihugu cacu.

 

Tuboneyeho n’akaryo ko kumenyesha ko twashimishijwe n’ihiganwa ryabaye hagati y’Imigambwe yemewe n’amategeko yitavye aya matora.

 

Turashimira imigambwe twahiganwe ko yagerageje kwihanganira abo badahuza ivyiyumviro, bakigenza neza mu mu kwigisha abarundi ivyo biyumvira kugirango umurundi wese ashobore kwerekana ikiri ku mutima atagitsure, amatora akaba yagenze neza muri rusangi.

Tubipfurije kubandanya ingendo ya demokarasi mu kwemera ingingo yose abarundi benshi bashinze.

 

Intsinzi y’Umugambwe CNDD-FDD ni intsinzi yabo nabo nyene kuko nk’Uko nagumye ndabitangaza mu kwiyamamaza nzotunganiriza abarundi bose, kandi nariyemeje kubabera umusuku.

Nico gituma nsubiye kwemerera abarundi ko nzobumviriza bose ntaravye nkunzi kugira ngo banterere ivyiyumviro vyubaka igihugu ku neza ya bose.

 

Turashimye kandi turishimirije ku ibitigiri vyatanganjwe n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI aho abenegihugu bantoye ku bice birenga 68%, bagatora, Abashingamateka bashizwe imbere w’Umugambwe CNDD-FDD ku bice birenga 68%, mbere bakatwusura mu gutora Abajenama b’amakomine.

 

Intambwe tugezeko uno musi, ni ikimenyetso gikomeye kandi kiremesha, cerekana y’uko Abarundi twisununuye; dupfundika ijambo ntabanduka ku bijanye n’indongozi twipfuza, tukiha n’uburyo bukwiye bwo kubishikako.

 

Igenekerezo rya 20 rusama 2020 ryinjiye mu masango ntibagirwa mu gihugu c’Uburundi, ni umunsi w’intsinzi ya demokarasi nyakuri.

 

Umugambwe CNDD-FDD urakengurukiye Reta y’Uburundi irongowe n’Umuhizi w’Abahizi, Nyen’Icubahiro Petero NKURUNZIZA, Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi akaba n’Imboneza mu Gukunda no kundisha Igihugu yoyo yatunganije mu bwitonzi no mu bwenge, aya matora y’Iteka ku buryo bwegeranijwe mu kwitanga kw’abenegihugu.

 

Umugambwe CNDD-FDD urabona ko aya matora ari intambwe ikomeye ishikana Uburundi ku rundi rugero rwa demokarasi haba muri aka karere duherereyemwo, muri Afrika eka no kw’isi yose.

 

Nico gituma dusavye amakungu gushigikira Uburundi kuri iyi ntambwe iteye igomwe dushitseko.

Abahora biyumvira ko tukiri bato, barabonye ko twakuze, natwe dushoboye. Ubu igisigaye ni ugushigikira iyi ntambwe kugira ntihagire uwurota adusubiza inyuma.

 

Mu gushigikira iyi ntsinzi twaraye turonse, Umugambwe CNDD-FDD uhamagarira abarundi bose kubumbatira amahoro n’umutekano; kugendera mu bwitonzi no gusoneranira mu butandukane bw’ivyiyumviro, ntihagire abikekana canke bagenzanya ngo uwu yatoye umugambwe uyu canke uriya. Ni bagume basangira akabisi n’agahiye nkuko vyamye biranga abarundi.

 

Ni muri iyo ntumbero dusubiye guhamagarira abarundi bose bacitwa impunzi, kwikurako ico ceyi bumve ko Uburundi ari igihugu cabo, batahe tucubake kuko niyo mpetso yacu.

 

Mukurangiza, Umugambwe CNDD-FDD urakengurukiye abateguye amatora n’abo bose bagize uruhara kugirango agende neza: Umugwi wigenga ujejwe amatora (CENI), abajejwe intwaro ku ngero zose, inzego z’ubutungane, inzego zijejwe umutekano n’ukwivuna abansi, bakoze ijoro n’umurango kugira amatora agende neza atagatosi, mu muco, kumugaragaro no mu mutekano ntangere.

 

Umugambwe CNDD-FDD urakengurukiye abamenyeshamakuru bagiye hamwe ari amaradiyo atandukanye bakazinduka bakongera bakarara ijoro bashikiriza abarundi n’amakungu ku mwanya ku mwanya ingene amatora ariko aragenda.

 

Turakengurukiye imigambwe, abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu ngaha mu Burundi, abahurikiye mu mashirahamwe aharanira iterambere ry’abenegihugu eka n’abo bose bitanze mu gukurikirana ku mwanya ku mwanya ukwo amatora yariko aragenda mu gihugu cose.  Ni ivyabona vyemeza inkuru y’imvaho, yuko amatora yabaye mu mwidegemvyo kandi ku mugaragaro.

 

Umugambwe CNDD-FDD ukaba kandi usaba abarundi bose ko mu gushigikira indongozi bitoreye, boguma bafatanye mu nda, bagize urunani rw’intamenwa mu kubumbatira amahoro n’umutekano, nayo demokarasi mu Burundi ntizokwigere ibaca mu myanya y’intoke.

 

Aya matora natubere ikimenyetso c’ubumwe; ntihagire uwukindaga uwundi canke ngo yigunge. Mu munezero w’intsinzi ya Demokarasi, umwe wese nasabikanye n’abandi utwo afise gutyo ube umunezero w’abarundi bose.

 

IMANA IBAHEZAGIRE,

IMANA IHEZAGIRE UMUGAMBWE WACU CNDD-FDD,

 

NIHARAMBE UBURUNDI N’ABARUNDI

NIHARAMBE DEMOKARASI MU BURUNDI

 

MURAKOZE

 

 

25 mai 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *