Kirundi

IJAMBO RISHIKIRIJWE ABAGUMYABANGA KU MUSI MUKURU WO KWIGINA INTSINZI Y’AMATORA YO MU MWAKA WA 2015.

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,
Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD;

Tugire CNDD-FDD;

Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Data Mushoboravyose, yoyo yadufashije tugakoranira hano, kumbure nta muntu muri twebwe yari azi ko yoba agihema  aya  masaha turavye   ivyo duhitiyemwo. Ko rero iyo Mana yavyikoreye, twebwe ahacu  n’ugushima gusa.  Nihabwe icubahiro.

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,
Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD;

Uyu musi rero turamutse twigina intsinzi itagabanije umugambwe CNDD-FDD waraye utahukanye mu matora   atandukanye:  ay’abajenama  b’amakomine n’abashingamateka, ay’Umukuru w’Igihugu  n’ay’abakenguzamateka.
Twashaka duce ku mayange ukuntu twayatsinze, ni ukuvuga ibice twaronse kw’ijana. Mu bajenama b’amakomine  twararengeje abajenama 80% bica bituma turonka ba Musitanteri ku rugero rw’100%, Abashingamateka 76%, Abakenguzamateka 91,66%, Umukuru w’Igihugu atorwa ku majwi 69,41%.

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,
Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD;

Intsinzi twaraye  turonse tuyita  intsinzi  y’Imana,  abakeba  canke abansi ba  demokarasi  ntako batagize kugira ngo baburizemwo  amatora ntabe kanatsinda  ntibayashaka kuko batabona ico bashobora  kuyakuramwo. Reka duce ku mayange ibihe bikuru bikuru vyaranze ububisha bw’abansi ba Demokarasi mu kuburagiza  ayo matora:
Umugwi utunganya amatora (CENI) umaze kurarika abarundi bose bakwije ibisabwa n’amategeko kwiyandikisha, abakeba  baciye basimbira kw’isunzu ry’inzu ko umugambwe  uri ku butegetsi watanze ama karangamuntu  y’ibinyoma, ivyo birangiye baca basaba  abantu  babo bari muri vya bikorwa vyo  kwandika abazotora ngo babivemwo  bariyankira.
Mwarabonye kandi mwongera murakurikirana   ingene hari abo twari dusangiye urugamba rwo gutsimbataza demokarasi biciye mu matora  bahemutse kw’ibanga, akarangamutima k’abagumyabanga bagashira ku ruhande, bemera guhemukira umugambwe CNDD-FDD n’Igihugu mu kwifadikanya n’abansi ba demokarasi harimwo abarundi n’abanyamahanga.
Abansi ba Demokarasi barabandanije baca bihereza  amabarabara, baturira amapine, ibintu n’abantu barasasika biyamiriza ico bise “ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’Igihugu” mu mugambi wo  gutembagaza ku nguvu ubutegetsi bibata k’uw’amazi ariko ntibashirwa baca basaba icegera c’uwutwara Sentare yubahiriza Ibwirizwa Nshingiro ngo atange imihoho, amaze kugenda nticabujije ko Sentare  ibandanya  ibikorwa vyayo kuko yari  ikwije  ibisabwa  n’amategeko ayigenga. Umutego wa nyuma baciye kandi bongorera abakozi babiri bo mu mugwi CENI ngo batange imihoho ariko ntivyatevye barasubirizwa.
Kandundura, ivyo bihemu, nibo bahaye impigi abashatse guca umutwe demokarasi kw’igenekerezo rya 13  Rusama 2015 mu gushaka gutembagaza ubutegetsi  ku nguvu (Coup  d’Etat). Ya Mana twavuga yarakoze birashimwa, Nyen’Icubahiro Umukuru w’Igihugu cacu iyo yari  ari i  Dar–es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya birakunda ko agaruka mu gihugu, coup  d’Etat iburizwamwo, maze amatora abona  kubandanya.
Ikibabaje gusumba n’uko muri ivyo bihemu twavuze, harimwo Intwazangabo mu gisirikare no mu gipolisi barezwe n’umugambwe CNDD-FDD   hakabamwo kandi n’abanye politike bazi neza aho umugambwe CNDD-FDD wavuye, aho udushikanye hamwe n’iyo uriko uratujana.  Nta kindi rero catumye bata inzira atari umutima w’amaronko, maze bemera kwifadikanya  n’abagomba guta igihugu mu kaga.

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,

Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD;
Murumva ko iyo  tutahabera abagabo na cane cane tubifashijwemwo n’Imana, aya matora ntiyari kuba; mugabo bari bibagiye ko umwansi agucira icobo Imana nayo ikagucira icanzo, na kare Imana  twayihaye  ikibanza  ca mbere  mu mugambwe  CNDD-FDD.

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,
Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD;

N’aho twasimvye imanga twarahaburiye abantu n’ibintu; aha twokwibuka Lt Général NSHIMIRIMANA Adolphe yagandaguwe bunyamanswa n’abansi ba demokarasi izuba riva. Twashaka dusabe mwese abagumyabanga mukoraniye hano muhaguruke tumwibuke  umunota umwe, eka  twibuke n’abo   bose basize ubuzima muri ako kaguma.
(Agacerere).
Bagumyabanga,
Bakenyererugamba,
Mbonerakure,
Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD;

Lt Général NSHIMIRIMANA Adolphe ni nde?
Ni intwazangabo y’inshigwarimenetse, yabaye imboneza ku rugamba rwo guhabuza demokarasi yari yanigiwe mu menshi kuva aho abansi ba demokarasi bagandaguriye bunyamanswa Umukuru w’Igihugu    NDADAYE Melchior yari yitorewe n’abenegihugu.
Lt Général NSHIMIRIMANA Adolphe yarabaye icegera c’uwutwara Ibiro Bikuru vy’Intwaramiheto FDN kandi yaragize n’uruhara runini mu kwubaka igisoda gishasha c’Uburundi gihurikiwemwo na bose. Ntituzomwibagira.

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,
Ncuti  z’Umugambwe   CNDD-FDD;

Mu kirundi barayamaze bati: «Igiti ntikigukora mu jisho kabiri, ubugira gatatu kiba gishaka kurimena ».  Harageze, nimba hatarengeranye, aho abagumyabanga  twese, ndetse abarundi twese tunyotewe amahoro, tunyotewe  indongozi zibonetse biciye mu matora, tunyotewe kazoza keza k’abana bacu, twiyamiriza politike z’ibinyoma, z’ibihuha, zo kuryanisha abonse rimwe, politike zishingiye ku ntara, ku moko no kuri mpinga yanje.

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,
Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD;

Twashaka twibukanye ko abansi b’Abarundi atari amoko atandukanye, amadini, intara, canke imigambwe turimwo. Abansi b’Uburundi ni ubujuju, ubukene n’inzara. Twosigura gute ko abakoroni aribo baduteranije mu gihe ubu bigiriye mugabo tukabandanya dushihana kandi twitwa ko abenshi twaciye ku ntebe y’ishure? Niduhaguruke tugwize umwimbu, ibibanza vya politike ntibizodukwira twese, ntidushobora gutwara twese. Ubutegetsi buva ku Mana, Imana nayo ica ku bantu kandi ikabuha uwo ishatse.

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,
Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD;

Mu Kirundi barayamaze kandi ngo « uwushaka gutema urwiwe bamutiza umuhoro ». Izi ngorane twazishizwemwo n’abatuvuyemwo, abansi ba demokarasi nabo baca bogerako. Turetse abansi ba demokarasi, n’abanyamahanga ubwabo bipfuza gusahura itunga ryacu ntibatanzwe. Aho rero dusavye abagumyabanga, abakenyererarugamba, imbonerakure kuhabera magabo kuko nitwaha inzira abasambura Igihugu cacu tuzoba duhaye inzira abanyamahanga bakeneye itunga ry’Igihugu cacu. Ni twibuke ivyabaye mu bihugu vya Libiya, Tuniziya, Egypte, Burkina Faso n’ahandi, bitubere icigwa maze turushirizeho gukunda no gukorera igihugu cacu.

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,
Ncuti z’Umugambwe CNDD-FDD;

Ku vyerekeye ibiganiro bisabwa n’amakungu, twagira tumenyenyeshe ko Umugambwe CNDD-FDD wamye ushigikiye ibiganiro, kanatsinda nta kuntu Umugambwe ugendera ku ntwaro ya demokarasi wokwanka ibiganiro. Abarundi bamye baganira kandi bagashika ku bintu vy’ingirakamaro. N’ubu mw’ishingwa ry’inzego nshasha habaye ukuganira, ari naco gituma n’ubu nyene twemera ata gukekeranya ko abarundi dushoboye gutorera umuti ibibazo vyacu, ata bahuza barinze kuja hagati yacu.

Turateye akamo rero abarongoye iyindi migambwe hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike ngo bitegure, ejo Leta niyadutera akamo, tuze twitabe kugira ngo  tuyage  ku bibazo vyoba bibakiye bamwe n’abandi.
Ntidukekeranya ko Imana irikumwe natwe kubera twayihaye ikibanza ca mbere mu mugambwe CNDD-FDD. Iyi mandat rero ni iy’Imana. Ko ari iy’Imana ni twizere, dushire mu ngiro ibiyinezera, ahasigaye vyose izovyikorera.

13 septembre 2015

About Author

Willy