Mu myiyamamazo y’amatora twimirije ku wa 20 Rusama 2020, yabereye i Nyabikere n’i Buhiga mu ntara ya Karusi, kuri uwu wa 5 Rusama 2020, Samuragwa wa CNDD-FDD mu matora y’Umukuru w’igihugu, Nyakwubahwa Jenerali Majoro Varisito Ndayishimiye, yamenyesheje ko Abarundi dufise umushinge ukomeye mw’iterambere wubatswe n’Imboneza yamaho, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, Umukuru w’igihugu c’Uburundi. Samuragwa amenyesha ko…
Cankuzo: Nyenicubahiro Petero Nkurunziza: Amateka mashasha ya CNDD-FDD
Mu myiyamamazo y’Umugambwe CNDD-FDD yo kuri uwu wa 6 Rusama 2020 mu ntara ya Cankuzo, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, Imboneza y’amaho y’Umugambwe CNDD-FDD, yamenyesheje abenegihugu ko igitsindo kidasanzwe cinjijwe n’uwo mugambwe. Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yavuze ati: “Kuva Uburundi bwabaho, ni irya mbere Umukuru w’igihugu arangije neza ikiringo ciwe, akagira uruhara mu gutora umusubirizi, agatako akamushigikira. Kuva…
Samuragwa: « Ubushomeri mu rwaruka bayi!!!!!!! »
Ikibazo c’ubushomeri mu rwaruka ruhejeje amashure kigiye gusezererwa. Iyo nkuru y’ihumure yashikirijwe na Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye, umukandida wa CNDD-FDD mu matora y’Umukuru w’igihugu yo ku wa 20 Rusama 2020, imbere y’isinzi ry’Abagumyabanga mu myiyamamazo yabereye i Nyabikere n’i Buhiga mu ntara ya Karusi kuri uwu wa 5 Rusama 2020. Ikibazo nyamukuru…
Samuragwa: »Kuba impunzi mu gihugu c’amavukiro bigiye gusezererwa »
Mu bikorwa vy’imiyamamazo Samuragwa, Umukandida w’Umugambwe CNDD-FDD mu matora y’Umukuru w’igihugu yimirije ku wa 20 Rusama 2020, Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye amazemwo iminsi, aha aciye hose amenyesha ko Leta azoba arongoye izoca isezerera ikibazo co kwitwa impunzi mu gihugu c’amavukiro. No mu bikorwa vyabereye i Nyabikere n’i Buhiga mu ntara ya Karusi kuri…
Abanya Karusi barakengurukira Samuragwa kubona yarabazaniye Tanganyika i Karusi
Mu myiyamamazo yabereye i Nyabikere n’i Buhiga mu ntara ya Karusi, kuri uwu wa 5 Rusama 2020, aho Samuragwa, Umukandida w’Umugambwe CNDD-FDD mu matora yo kuwa 20 Rusama 2020, Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye, yari yahishikiye, abanya Karusi baragaragaje umunezero udasanzwe, kubona Samuragwa yarabazaniye Tanganyika i Karusi. Jenerari Majoro Ndayishimiye ati: “Si bimwe…
Samuragwa: « AbanyaKarusi murafise impavu yo gushimira Imana »
Kuri uwu wa 5 Rusama 2020, niho Samuragwa, Umukandida w’Umugambwe CNDD-FDD mu matora azoba kuwa 20 Rusama 2020, Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye, yiyamamarije mu ntara ya Karusi, aho imbere y’umutaga yari muri komine Nyabikere, inyuma y’umutaga naho akaja muri komine Buhiga. Muri ivyo bibanza vyompi, Samuragwa yibukije abanya Karusi ko bafise impamvu, mbere…
Demokarasi ishingira ku mico kama, imigenzo n’akaranga vy’Uburundi bigiye gutsimbatazwa kurusha
Igihugu c’Uburundi kigiye kuba rurangiranwa mu vyo gutsimbataza Demokarasi inshingiye ku mico kama, imigenzo n’akaranga vy’Uburundi. Uyu ni umwe mu migambi myinshi Umuhizi mw’iterambere Nyakwubahwa Samuragwa Varisito NDAYISHIMIYE, Umukandida w’Umugambwe CNDD-FDD mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020 agiye kurangurira Uburundi n’abarundi muri iyi myaka indwi iri imbere. Egome niko muri iyi myaka…
Akabirya uno mwaka, Samuragwa Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye mukwimikwa azorahirira imbere y’Abarundi bose ishengero rikoranye
Muri rwa rukurikirane rw’amakoraniro y’imyiyamamazo y’Umugambwe CNDD-FDD n’umukandida wawo mu matora mu matora yimirije, ku munsi wa kane hirya no hino mu Burundi bwose, ibikorwa vyari bigizwe n’ibice bibiri: ya masengesho Umugambwe CNDD-FDD usanzwe utunganya buri munsi wa kane usozera ukwezi, hamwe rero n’ibikorwa nyezina vy’imyiyamamazo. Uwo munsi umukandida wa CNDD-FDD, Nyakwubahwa Samuragwa Jenerari…
Renforcer la paix et la Sécurité, une des préoccupations du CNDD-FDD
Depuis les 13 dernières années, le parti CNDD-FDD au pouvoir au Burundi a, à travers son Gouvernement, joué un rôle prépondérant dans la lutte contre le terrorisme mondial et régional. Le monde en été témoin et les témoignages des gouvernements et des peuples secourus ont toujours fait la une de l’actualité. Sans entrer dans…
Le rôle attendu de la diaspora burundaise dans le développement économique du pays
La consolidation du partenariat stratégique avec la Diaspora burundaise étant l’un des objectifs que s’est fixé le CNDD-FDD dans son plan de développement (2017-2031), le parti CNDD-FDD s’est donné pour objectif de renforcer la mise en œuvre de la Politique Nationale de la Diaspora. Pour ce faire, le parti CNDD-FDD va conscientiser la Diaspora…









