Abanya Karusi barakengurukira Samuragwa kubona yarabazaniye Tanganyika i Karusi
Actualité, Economie, Espace Presse, Politique

Abanya Karusi barakengurukira Samuragwa kubona yarabazaniye Tanganyika i Karusi

 

 

Mu myiyamamazo yabereye i Nyabikere n’i Buhiga mu ntara ya Karusi, kuri uwu wa 5 Rusama 2020, aho Samuragwa, Umukandida w’Umugambwe CNDD-FDD mu matora yo kuwa 20 Rusama 2020, Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye, yari yahishikiye, abanya Karusi baragaragaje umunezero udasanzwe, kubona Samuragwa yarabazaniye Tanganyika i Karusi.

 

Jenerari Majoro Ndayishimiye ati: “Si bimwe abanyeporitike bahora bababesha kera ngo bazobazanira Tanganyika ari ikinyoma cambaye ubusa, ubu abanya Karusi mwariboneye ko twebwe tutayaga amasigaracicaro, murafungura agafi mutarinze kumanuka kuri Tanganyika i Bujumbura, kuko muri mu bambere bijukiye ubworozi bw’ifi mu gihugu cose”. Mwaravyiboneye rero si indoto, kuko “Turi kumwe twese birashoboka”.

 

Si ukworora amafi gusa, kuko Samuragwa yibutsa Abarundi bose ko ubu twaronse amahoro, umutekano na demokarasi, urugamba dusigaranye rukaba ari urwo kurwanya Ubukene. Ni co gituma yaciye ahamagarira abenegihugu bose gukora, bijukire amakoperative, nawe akaba yarahiye ararengwa ko  azohemuka Umurundi wese afise ico afungura, aba mu nzu nziza, afise amagara meza, asa neza ku mubiri, twiha atavyo kuzera inze canke gutega amashi.

 

Ni no muri iyo ntumbero Samuragwa Jenerali Majoro Ndayishimiye yatanguje umugambi w’amakoperative Sangwe ku mitumba yose igize igihugu c’Uburundi, aho buri koperative yaronkejwe amafaranga y’ingurane ashika imiliyoni icumi, agenewe kurangura imigambi cane cane ishingiye ku burimyi, ubworozi n’iyindi mirimo ituma abenegihugu bakorera hamwe.

 

Kubw’ivyo rero Abagumyabanga barashimira Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba n’Imboneza yamaho mu mugambwe CNDD-FDD, ko yabahitiyemwo umugabo w’abagabo, Jenerari Major Varisito Ndayishimiye, umuhizi mw’iterambere ngo azomukorere mu ngata.

 

 

Renovat Nimbona

 

5 mai 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *