Samuragwa: « AbanyaKarusi murafise impavu yo gushimira Imana »
Actualité, Economie, Espace Presse, Politique

Samuragwa: « AbanyaKarusi murafise impavu yo gushimira Imana »

 

Kuri uwu wa 5 Rusama 2020, niho Samuragwa, Umukandida w’Umugambwe CNDD-FDD mu matora azoba kuwa 20 Rusama 2020, Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye, yiyamamarije mu ntara ya Karusi, aho imbere y’umutaga yari muri komine Nyabikere, inyuma y’umutaga naho akaja muri komine Buhiga.

 

Muri ivyo bibanza vyompi, Samuragwa yibukije abanya Karusi ko bafise impamvu, mbere nawe nyene atikuyemwo, yo gushimira Imana, ngo kuko yabakoreye vyinshi, kuva akiri ku rugamba rwo guhabuza demokarasi, urugamba yasangiye n’abenegihugu bo mu ntara ya Karusi. Jenerari Majoro Ndayishimiye ati: “Imana yararavye amagorwa Abarundi bari bafise, ica yitorera abahizi ari bo bashikanye igihugu ku ntambwe kigezeko, igihugu gitekanye kandi kimeze neza”.

 

Nyakubahwa Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye aributsa kandi ko Abagumyabanga bashoboye guca umugani, baravye iyo bavuye niyo bageze. Yarabaciriye umugani ati: “urutete rwa sinapi, rudapfuye ntirumera”, bisigura ko inyuma y’amagogwa abagumyabanga, eka mbere n’abenegihugu batari bake baciyemwo, ubu bameze neza, baritunganiriza ivyabo, kandi intambwe y’iterambere bashitseko irashimishije. Kukaba nkako, no mu Kirundi barayamaze bati: “Nta mvura idahita”.

 

Sivyo gusa, Samuragwa yavuze kandi ati: “kubera icamwa ciza ca demokarasi Umugambwe CNDD-FDD wamye, imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi iri mw’ihiganwa, kandi siko vyamye, ariko kubw’inguvu n’ububasha vy’Imana  Rugiravyose, ehe raba vyarashobotse”.

 

Nyakubahwa Jenerari Majoro Ndayishimiye yasozereye ijambo ryiwe, amenyesha ko bihimbaye kubona ari kumwe n’abanya Karusi, abo bagoranwe ariko ubu bakaba  banezerewe. Yavuze ati: “Nta migambi mishasha ndabazaniye kuko urugamba twarugwaniye hamwe, n’imigambi nzanye twayipangiye hamwe, kuva ca gihe c’urugamba rwo guhabuza demokarasi”.

 

Renovat Nimbona

 

5 mai 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *