Cankuzo: Nyenicubahiro Petero Nkurunziza: Amateka mashasha ya CNDD-FDD
Actualité, Espace Presse

Cankuzo: Nyenicubahiro Petero Nkurunziza: Amateka mashasha ya CNDD-FDD

 

Mu myiyamamazo y’Umugambwe CNDD-FDD yo kuri uwu wa 6 Rusama 2020 mu ntara ya Cankuzo, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, Imboneza y’amaho y’Umugambwe CNDD-FDD, yamenyesheje abenegihugu ko igitsindo kidasanzwe cinjijwe n’uwo mugambwe.

 

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yavuze ati: “Kuva Uburundi bwabaho, ni irya mbere Umukuru w’igihugu arangije neza ikiringo ciwe, akagira uruhara mu gutora umusubirizi, agatako akamushigikira. Kuva ku ntwaro za cami  ntivyigeze biba ukwo, Rwagasore na Petero Ngendandumwe ntibamaze n’amezi atatu batagandaguwe, Reta zagiye zirakurikirana kuva twikukiye mu kubisikanya ku butegetsi vyaca mu gukoresha inguvu, kugandagura indongozi canke kuzomora.”

 

Umukuru w’igihugu arakengurukira abagumyabanga ku kuntu bamushigikiye mu myaka 15 amaze mu mabanga yo kurongora igihugu.

 

Sebarundi, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza aragaruka kuri bimwe mu vyaranze amateka ya Samuragwa, Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye, ati: “Samuragwa nta ntara n’imwe atahonyojemwo ikirenge akiri ku rugamba rwo guhabuza demokarasi, eka mbere no muri kino gihe arongoye Umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, ni intwazangabo yarangije neza urugamba, atigeze ahengama, niwe yafashije mu biganiro vyose vyo guhagarika intambara, yaragize uruhara rudasanzwe mu gushinga igiporisi, igisirikare n’igendereza bishasha. Kugira ingabo z’abarundi zije muri Sudani no muri Repuburika ya Afrika yo hagati, gucungera amahoro n’umutekano, Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye, yarabigizemwo uruhara rudasanzwe.”

 

Sebarundi, Imboneza yamaho y’Umugambwe CNDD-FDD yasozereye ijambo ryiwe amenyesha ko amatora y a 2020 ari amatora adasanzwe, duhawe n’Imana kuko ata na hamwe kw’isi yose muri kino gihe hashoboka amakoraniro nk’ayo turiko turakora mu Burundi, kuko hose biyugaranye kubera ca kiza coronavirus. Ku bijanye no kwisuganya no kwibako, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ati: “Tumaze guterwa akagere n’abazungu, twaciye twisunganya gushika aho ubu amafaranga Reta ikoresha ava mu gihugu hagati ku bice 86 kw’ijana. Ni irya mbere kandi mu kiringo kitarenze imyaka itanu, Abarundi bo nyene bitunganirije amatora atatu, ata mfashanyo n’imwe ivuye hanze y’igihugu, ni ukuvuga ayo mu mwaka w’2015, ay’ibwirizwa shingiro yo mu mwaka w’2018, n’aya yo muri uno mwaka wa 2020”.

 

Renovat Nimbona

 

6 mai 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *