Akabirya uno mwaka, Samuragwa Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye mukwimikwa azorahirira imbere y’Abarundi bose ishengero rikoranye
Actualité, Diplomatie, Espace Presse, Politique

Akabirya uno mwaka, Samuragwa Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye mukwimikwa azorahirira imbere y’Abarundi bose ishengero rikoranye

 

Muri rwa rukurikirane rw’amakoraniro y’imyiyamamazo y’Umugambwe CNDD-FDD n’umukandida wawo mu matora mu matora yimirije, ku munsi wa kane hirya no hino mu Burundi bwose, ibikorwa vyari bigizwe n’ibice bibiri: ya masengesho Umugambwe CNDD-FDD usanzwe utunganya buri munsi wa kane usozera ukwezi, hamwe rero n’ibikorwa nyezina vy’imyiyamamazo.

Uwo munsi umukandida wa CNDD-FDD, Nyakwubahwa Samuragwa Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye yahereye ibikorwa muri Komine  Muhanga mu ntara ya Kayanza, avuye aho aca asanga Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza i Buye muri Komine Mwumba mu ntara ya Ngozi, aho bafatanije gushimira no gutazira Imana muri ya masengesho asozera ukwezi.

Muri ayo masengesho, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yaramenyesheje ko bugiye kuba ubwa mbere, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yitorewe n’abenegihugu arahirira imbere y’Abarundi bose ishengero rikoranye, aho kurahirira imbere y’abaserukira abenegihugu nk’uko vyahora, ati na jewe ku ncuro zose narahiye mpejeje gutorwa, sinigeze ndonka ako karyo kuko narahirira imbere y’Abashingamateka.

Yasavye indongozi zigiye gutorwa kuba abizigirwa imbere y’Imana n’abantu, kugororokera Imana, kwizera Imana, kwubaha no gutinya Imana, kudahemukira Imana, kuzobwira Imana ivyabagoye n’ibindi.

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yaranashimiye Imana cane, kuko aya matora abaye ifise ikibanza ca mbere mu mugambwe no mw’Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Abagumyabanga nabo aho bari mu gihugu c ose barahiye bararengwa ko batazokwigera bahemuka kuri iryo sezerano, kuko ryabakuye ibuzimu rikabashira ibuntu, ubwo buntu bw’Imana nabwo bukazokwama bubakura mu bwiza baja mu bundi.

Hari abaciye bibaza bati mbega nyene ko amahasa atambirwa aho yavukiye, uwu mwanditsi ashatse kuvuga iki? Jewe ntimumbaze ibikurikira, ariko akeza karayagwa, uwu mugambwe n’indongozi zawo twabaronse ko umugisha tutari bwabone, imbere ni heza cane.

Isidore Ntirampeba

 

5 mai 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *