Samuragwa: « Ubushomeri mu rwaruka bayi!!!!!!! »
Actualité, Economie, Espace Presse

Samuragwa: « Ubushomeri mu rwaruka bayi!!!!!!! »

 

 

Ikibazo c’ubushomeri mu rwaruka ruhejeje amashure kigiye gusezererwa. Iyo nkuru y’ihumure yashikirijwe na Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye, umukandida wa CNDD-FDD mu matora y’Umukuru w’igihugu yo ku wa 20 Rusama 2020, imbere y’isinzi ry’Abagumyabanga mu myiyamamazo yabereye i Nyabikere n’i Buhiga mu ntara ya Karusi kuri uwu wa 5 Rusama 2020.

 

Ikibazo nyamukuru kwari ukuronka umutahe, none Imana yaraye ibikoze. Ya Banki y’Urwaruka abantu bari barindiranye igishika ejo bundi yaruguwe mu gisagara ca Gitega ku murwa mukuru wa Politike, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu na Samuragwa buca amukorera mu ngata bakaba bari bararahiye ko batazotora itiro uwo mugambi utaraja mu ngiro.

 

Ubu rero icihutirwa, ni uko urwaruka rutunganya imigambi yo kwiteza imbere, biciye mugukorera hamwe mu mashirahamwe, hanyuma iyo banki ibagurane uburyo bazokoresha ku nyungu itavuna, kuko umutahe mukuru Imana yarawubahaye, ni amagara meza.

 

Noneho si urwaruka gusa, n’amabanki y’abakenyezi n’abarimyi agiye gutangura mu minsi ya vuba, maze akayagwa kayagwe, murabe ingene abahora mu mwiheburo bivuma kuri iyo mishibuka y’iterambere bose barorera.

 

Iyo mitahe igiye gushwara mu benegihugu ikintu ca mbere bayitezeko, ni ukugwiza umwimbu. Uwo nawo kugira ugirire akamaro benewo, Nyakubahwa Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye yabemereye ko hagiye gushingwa amahingiriro yawo, kuko ngo uwushaka ihinguriro ridahomba, ashinga irihingura imfungurwa kubera ko abantu bazokwama bakeneye gufungura igihe cose bakiriho. N’agaciro k’ibifungurwa bihinguye kariyongera cane, kuko bica vyoroha kubishingura no kubishora hanze.

 

Ivyo vyose kugira bishoboke, Samuragwa yemerera Abarundi ko Leta azoba arongoye izokwitwararika cane kwigisha imyuga n’ivyigwa vy’ubuhinga, kandi ngo nta komine n’imwe mu Burundi izosubira kubura umuyagankuba.

 

Renovat Nimbona

 

6 mai 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *