Inama igira 26 y’Abakuru b’ibihugu b’Ubumwe bwa Afrika yarerekanye ko batahuye Abenegihugu b’Abarundi nabo bakaba bazobasubiriza mu ndumane Kuva mu kwezi kwa Rusama 2015, Uburundi bwagiye buragirirwa inama z’urutavanako z’Abakuru b’Ibihugu b’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, iz’Abakuru b’Ibihugu vy’Ubumwe bwa Afrika mbere n’Izishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Iki gihugu carakurikiranywe bidasanzwe kandi bihagije kuko cagiye gisanga kiriko kirategurirwa…
ITANGAZO NO 001/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 05 NZERO 2016
ITANGUZWA RY’IBIGANIRO HAGATI Y’ABARUNDI VYABEREYE I KAMPALA MU GIHUGU C’UBUGANDE KU WA 28 KIGARAMA 2015. Kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2015 i Kampala mu Gihugu c’Ubuganda haratangujwe ku mugaragaro ibirori vyo kugurura icese ibiganiro hagati y’Abarundi bihagarikiwe na Nyenicubahiro YOWERI KAGUTA Museveni, Umukuru w’Igihugu c’Ubugande ; Muri ivyo birori hari hatumiwe abaserukiye Reta y’Uburundi, Umugambwe CNDD-FDD, bamwe…
ITANGAZO NO 045 /2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 23 KIGARAMA 2015
Louis Michel na bagenzi biwe bashigikiye ikurakuranwa ry’ubutegetsi hisunzwe amoko ni nabo bahanura abaraye bafatanywe inyandiko zitagira umukono zihimiriza ubwoko guhonya ubundi mu ntara ya Karusi kuri uyu wa 21 Kigarama 2015. Kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2015 harabaye ibintu bitangaje, aho Umubirigi Louis Michel yafatanije ikiganiro na Marguerite Barankitse mu nyubakwa z’i Louvain -La-Neuve aho…
ITANGAZO NO 044 /2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 14 KIGARAMA 2015
Umubirigi Louis Michel ahanura abantu biwe guharanira ugukurakuranwa ku buyobozi bw’igihugu hisunzwe amoko kuko azi ko ari urupfu rwa demokarasi Kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2015, Umukuru w’ishirahamwe rigwanya ibiturire no gusesagura amatungo y’Igihugu (OLUCOME) yarandikiye ikete Nyenicubahiro Yoweri Kaguta Museveni. Iryo kete rifise inomero 049 /Olucome/2015, rifise umutwe uhamagaza ibiganiro vy’igihutihuti vyohuza bose ngo mu ntumbero…
BURUNDI :Umushikiranganji w’Imigenderanire w’Ububirigi n’Amakungu Didier Reynders yasavye Ababirigi bose bari Mu Burundi ngo basubire i wabo, ariko uwuserukira Ububirigi ngo « uranguha ! »
ITANGAZO N° 043/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 24 MUNYONYO 2015 Kw’igenekerezo rya 13 Munyonyo 2015, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’Amakungu yavugiye ku kinyamakuru RTBF co mu Bubirigi no mu kinyamakuru Iwacu co mu Burundi aho yasavye ko Ababirigi bose bava mu Burundi,yitwaje ko ngo Abarundi babavuga nabi. Inyuma y’indwi imwe gusa iryo tangazo ritanzwe,…
ITANGAZO N° 042/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 19 MUNYONYO 2015
Kubera agahato Umushikiranganji wa mbere w’Ububirigi Charles Michel, umuhungu wa Louis Michel yagize kuri Didier Reynders umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu Ababirigi bose bari mu Burundi basabwe gusubira i wabo ubu nyene . Mw’itangazo rikomeye Umugambwe CNDD-FDD waheruka gusohora kw’igenekerezo rya 03 Gitugutu 2015 wari werekanye umwitwarariko ufise ku kababaro n’agahinda watewe kandi ubandanya…
Umugambwe CNDD-FDD urahojeje igihugu c’Ubufaransa n’Abenegihugu b’Ubufaransa
ITANGAZO N° 041/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 16 MUNYONYO 2015 Umugambwe CNDD-FDD urahojeje igihugu c’Ubufaransa n’Abenegihugu b’Ubufaransa inyuma y’aho wumviye ko iterabwoba ryateye muri ico gihugu. Urababajwe cane kandi uriyamirije wivuye inyuma ububisha bw’iterabwoba nk’ubwo atawe bugera umutwe. Nta gihugu na kimwe, nta mugabane n’umwe abakora iterabwoba bagera umutwe. Harageze n’imba hatararengerana ko ibihugu…
Umugambwe CNDD-FDD urashima ingingo yaraye ifashwe n’Inama Nkuru y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu (CSNU)
ITANGAZO NO 040/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 13 MUNYONYO 2015 Umugambwe CNDD-FDD urashima ingingo yaraye ifashwe n’Inama Nkuru y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu (CSNU). Kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 2015, Inama Nkuru y’Umutekano kw’Isi yarakoranye aho yafashe ingingo ikomeye NO 2248 (2015)yo gufasha Uburundi kwogorora muri ibi bibazo vya Poritike n’umutekano burimwo inyuma y’ayandi manama menshi…
Umugambwe CNDD-FDD urateye ivyatsi abicanyi bigenza nk’abihevyi ba Boko Haram, Al-Shebab na Al Qaeda
ITANGAZO NO 037 /2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 14 GITUGUTU 2015 Haraheze iminsi hari abicanyi barasa bakongera bagatera amagerenade abapolisi mbere bakica n’abantu bamwe bamwe , rimwe na rimwe bakoresheje amapikipiki. Abo bicanyi kubera bashigikiwe n’ibihugu bimwe bimwe bibaha amahera n’ibirwanisho, baca basimbira ku maradiyo mpuzamakungu bavuga ngo mu Burundi hari ubwicanyi bufatiye ku moko….
IBIMENYESHEJWE N’UMUGAMBWE CNDD-FDD KU WA 3 GITUGUTU 2015
Umuryango w’ibihugu vya Buraya waraye ufatiye Abarundi bamwe ingingo zidahumuriza ziteye kubiri n’ubutungane bibonekako ari agasomborotso. Kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2015 Ishirahamwe ry’ Ubumwe bwa Buraya ryarakoranye mu Bubiligi aho ryafatiye ingingo zidatomoretse Abarundi bane (04) b’ubwoko bumwe bw’Abahutu zibabuza kwinjira mu bihugu bigize uwo Muryango, zikanabafatira amatungo yabo boba bafise muri ivyo bihugu 28….