Amatangazo

ITANGAZO NO 044 /2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 14 KIGARAMA 2015

Umubirigi Louis Michel ahanura abantu biwe guharanira ugukurakuranwa ku buyobozi bw’igihugu hisunzwe amoko kuko azi ko ari urupfu rwa demokarasi

  1. Kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2015, Umukuru w’ishirahamwe rigwanya ibiturire no gusesagura amatungo y’Igihugu (OLUCOME) yarandikiye ikete Nyenicubahiro Yoweri Kaguta Museveni. Iryo kete rifise inomero 049 /Olucome/2015, rifise umutwe uhamagaza ibiganiro vy’igihutihuti vyohuza bose ngo mu ntumbero yo gukingira Uburundi n’Akarere k’Ibiyaga Binini. Iryo kete ryuzuyemwo ibinyoma vyinshi n’ayandi majambo aremeka Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako inteba ishushe: ikinyoma ca mbere ni uko ibiri muri urwo rwandiko atari ivy’uwabiteyeko umukono.Uwarurungitse yabaye uwavyiyitiriye ariko vyavuye ahandi. Ikinyoma ca kabiri ni uko Gabriel Rufyiri agomba gufata ishirahamwe OLUCOME nk’umuhuza mu ntumbero yo kwibaza ko riri hejuru y’ayandi. Twobibutsa kandi ko kuva mu 2005, iryo shirahamwe mu matangazo yaryo ritigeze rihengeshanya kwimbira icobo igihugu n’abakibamwo, ivyo navyo bikaba ata kindi vyari bigamije atari ukugumura no gucanishamwo Abenegihugu. Igihe cose yama agomba kwigira umwagazi w’intama mugihe ari ibingira ry’irinyeporitike. Ico gikorwa co kwihindura umwagazi mwiza kandi ari ibingira nk’uko womengo abihanurwa n’uwumuhagarikiye mu vy’ukwemera, ntaco kizomushikanako kandi nta muntu n’umwe kwohenda. Ikinyoma ca gatatu kiragaragarira mu majambo yama ashikiriza womengo ni ayo gukunda Igihugu mugihe muri we hinyegeje ivyiyumviro vyo kurwanya Abenegihugu b’Abarundi muri rusangi na cane cane Umugambwe CNDD-FDD be na Reta iwukomokako narirya atigeze ahengeshanya gusabira ibihano vyo kwima imfashanyo no gukumira Igihugu ciwe, adasize inyuma ugucafuza Reta abicishije mu kwama ayambika iceyi kitagira izina, n’ibindi n’ibindi ;
  1. Muri iryo kete yarungikiye Umukuru w’Igihugu c’Ubuganda, ku rupapuro rw’8, mu kigabane ca 24, uwateyeko umukono arashira ahabona akongera agatsimbatara ku ciyumviro c’uko hoba ugukurakuranwa ku butegetsi hisunzwe ubwoko, ico ciyumviro kikaba caranarwanijwe bimwe bikomeye mu biganiro vy’ i Arusha ariko mu vy’ukuri ico ciyumviro nticigeze gifudika mu mitwe ya bamwe mu bari i Arusha. Muri make, ukwo gukurakuranwa ku burongozi bw’Igihugu ashaka ni nko guhererekanya ubutegetsi hisunzwe amoko, kandi kuva Umugambwe CNDD-FDD utsinze amatora yo mu 2005, imvugo nk’izo zagumye zishikirizwa n’abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi, na cane cane abahoze ku butegetsi butandukanye bwa gisirikare bwahekuye Igihugu c’Uburundi kuva cikukiye ;
  1. Ugukurakuranwa ku butegetsi hisunzwe ubwoko gufise insiguro yo kwanka canke gukengera amasezerano ya Arusha kubera ko ugusabikanya amabanga y’ ubutegetsi hisunzwe ibitigiri vy’amoko vyoca vyisunga inyungu z’amoko, ni ukuvuga ko ubwoko bwotwara kuva hejuru gushika hasi ku myaka 5 ubundi bwoko nabwo bugatwara kuva hejuru gushika hasi ku yindi myaka 5 ikurikira. None Abatwa nabo bazotwara ryari canke ubundi bwoko bushobora kuvuka bwobwo buzotwara ryari ? Igiteye isoni ni uko abiyumvira ivyo vyo gukurakuranwa ku buyobozi bw’Igihugu ari abategura ukugaruka ku butegetsi kwa Pierre Buyoya n’akagwi kiwe mu ntumbero yoguhonya ubwoko badashaka. Umugambwe CNDD-FDD uriyamirije rero ico ciyumviro gishaka kugarukana ibihe vya kera vy’Ubukoroni bw’Ababirigi, kuva mu 1922 gushika 1962, aho igice kimwe c’Abenegihugu cafatwa nk’ikiri musi y’abandi, ukamengo igice c’Abarundi basumba abandi ni ico abavuka bavukira gutwara, hisunzwe isanamu y’Abakoroni b’Ababirigi. Ubwo buryo bwo kwiyumvira, bukoreshwa na Louis Michel bufise intumbero yo gusubiza ubutegetsi mu biganza vy’abatoranirijwe gutwara no gukandamiza ubundi bwoko bufatwa ko buri musi y’ubundi. Ico ciyumviro c’abakoroni bipfuza gusubiza Igihugu c’Uburundi mu buja ni ico kwiyamiriza no kurwanywa, hakoreshejwe inguvu zose kuko gifise intumbero yo gukuraho no gucinyiza Ubwigenge bw’Abenegihugu b’Uburundi no kubanyaga uburenganzira bwabo bwo kwitorera Indonzozi zabo mu gacerere ntangere, ivyo navyo bikaba vyoza bibasubiza inyuma ;
  1. Ico ciyumviro gisaba gukurikiranirwa hafi kuko abo bashikiriza ivy’amakoko baja barahisemwo umugambi wo guhonya abantu babanje gusobanura incabwenge z’Umugambwe CNDD-FDD nk’uko umengo Abagumyabanga bose bafatwa ko ari abo mu kindi gice c’Abenegihugu batategerezwa kuba bari ku butegetsi. Umugambwe CNDD-FDD urababazwa cane no kubona hari a gacerere ntangere k’Ububirigi imbere y’iterabwoba nk’iryo, be n’ingene Ababirigi bategeka Reta iwukomokako kuganira n’abo bakora iterabwoba mbere banagerageje gutembagaza intwaro yitorewe n’Abenegihugu bikabata ku wamazi. Hobaye iki mu gihe ubwicanyi nk’ubwo bwokorewe i wabo ? Akarorero k’ivyabereye i Paris mu Bufaransa kobaha icigwa kandi nta nsiguro nyinshi zikenewe. Igihe Reta y’Ububirigi ingana na Reta y’Uburundi, imwe imwe yose mu bwigenge bwayo kubera iki bashaka gutembagaza inzego zitorewe mu 2015 kugira bagarukane ku butegetsi abakoze ubwicanyi bwo mu 1965 no mu 1988, amahonyabwoko yo mu 1972-73 be n’ubundi bwicanyi bwakorewe indongozi z’igihugu ku ntwaro zagiye zirakurikirana mu Burundi, imbere y’ igenekerezo rya 16 Munyonyo 2003 aho haterwa umukono ku masezerano yo guhagarika intambara burundu ;
  1. Akamaramaza ni ibara ryaraye riguye i Bujumbura aho mu masaha y’icumi yo mu gitondo ku wa 11 Kigarama 2015, imigwi y’iterabwoba yateye amakambi ya gisirikare ane, imwe iri mu Ngagara, iyindi ikaba ari ISCAM, iya gatatu ikaba ari iyitwa Base be n’iyindi yo ku Mujejuru yo muri komine Mugongomanga mu ntara ya Bujumbura bitwaje ibirwanisho vyinshi, muri abo hakaba harimwo n’urwaruka rwinshi nk’uko Umuvugizi w’Igisirikare yabitangaje. Abo bihevyi, baneshejejwe baciye bahungira mu makaritiye yabo asanzwe azwi ko yakorewemwo imigumuko, aho mu gusubira kwisuganya baciye batanguza ibitero ku bajejwe umutekano.Ukugira inkoho mu ntoke ni kimwe, ukumenya kuyikoresha ni ikindi. Aha, Umugambwe CNDD-FDD ntiwumva na gatoya ingene Igihugu c’Ububirigi gitwarwa ku rutoke na Louis Michel n’abagenzi biwe bakoresha amakosa Igihugu cabo mu guha ibirwanisho n’amafaranga iyo migwi y’iterabwoba, bakanabavura iyo bakomeretse. Abo babaha ibirwanisho n’amafaranga canke babavuza nibo bategerezwa kubazwa ibijanye n’iryo terabwoba rishingiye ku vyiyumviro vy’igikoroni vyazanywe n’Ababirigi mu gihe c’ubukoroni. Umugambwe CNDD-FDD urazi neza ko Louis Michel n’abagenzi biwe, baharanira inyungu zabo z’igikoroni ariko bakabicisha ku Barundi bamwe bamwe bataye ubuntu, bakongera bagahenda Amakungu kugira ngo bashigikirwe muri ubwo bukozi bw’ikibi ari naco gituma bama baremeka inteba ishushe Igihugu cacu c’Uburundi. Kubona abo banyepolitike bemera kuroha urwaruka mu kururungika guhangana n’igisirikare camaze kuba bitumwako mu gihe bazi neza ko ruba rugiye gupfa, ni ukumenja kanatsinda ni ugushaka kwicisha abantu n’ibigirankana. Ico rero ni ikindi kibazo c’amatati hagati y’Uburundi n’Ububirigi kandi ababikora bategerezwa kuzovyisigurako muri vya biganiro bizohuza Abarundi be no muri ya Komisiyo ijejwe ukumenya Ukuri no kunywanisha Abarundi CVR. Amashirahamwe Mpuzamakungu nka HCR abafasha gutwara ibirwanisho (akarorero ni umukozi wa HCR aherutse gufatanwa ibirwanisho akuye mu Rwanda akoresheje imodokari ya HCR) nayo nyene akorera abo bakoroni twavuze, kuri ivyo haca hiyongerako urutonde rw’abantu bose bamaze kugandagurwa kuva ku wa 26 Ndamukiza 2015 gushika n’ubu dusohoye iri tangazo mbere n’ibindi bizokurikira bisa n’ivyo. Ikibabaje ni uko kugira base n’abavyikurako, abo bene gutegura no gutuma ivyo bikorwa vy’iterabwoba biba na cane cane ico gihugu c’Ububirigi basaba Inama Mpuzamakungu ijejwe Umutekano kw’Isi, Ubumwe bw’Afrika n’Ubumwe bwa Buraya ngo bakorane vyihuta kugira ngo Reta y’Uburundi ifatirwe ibihano kandi ari yo yatewe mu gihe batanatera ivyatsi abo bakora iterabwoba;
  1. Ikindi kibabaje ni uko urwo rwaruka rw’inkorabara ruba rwagaburiwe ibiyayuramutwe kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015, igenekerezo imigumuko ivanze n’ubwicanyi yatangura kuba mu ntumbero yo kwiyamiriza inzego zariko zirangiza ibiringo vyazo zatorewe. Rwuzuye ivyo biyayuramutwe , urwo rwaruka rurahendwa rukaja kwisuka ku ngabo z’Igihugu maze rugaherera mu ntambara, abarutumye bariko baritwengera kuko atari ubuzima bwabo buhasinzikarira kanatsinda bibereye i Buraya n’ahandi, ukaza wumva rero mu kwikurayo batabaza Amakungu ngo ahane Uburundi muri za ONU n’Ubumwe bwa Afrika kandi aribo babitera. Birababaje kandi Uburundi kwumva mu binyamakuru Parga na Balais citoyen vyo muri Burukina Faso n’Abenegihugu b’ico gihugu bamwe bamwe bazinduka bakongera bakirirwa bacokora inzego z’Igihugu c’Uburundi, aho ubona inzigo y’uko hariho ubwoko bw ‘Ababantu buri ku butegetsi mu gihugu, bakaba abo banyaBurukina Faso barajwe ishinga n’uko ubwo butegetsi bw’Ababantu bwosenyuka kuko bashaka ko vyankabikunda hagaruka Petero Buyoya n’akagwi kiwe. Biramaze kugaragara ko abashatse gutembagaza ubutegetsi bwo mu Burundi bafitaniye imigenderanire n’abo bo muri Burukina Faso bashaka ko zihindura imirisho mu Burundi, hashirweho ubutegetsi bw’ubundi bwoko hakoreshejwe amayeri yo gushinga Reta y’imfatakibanza y’amagaburanyama, biciye kubiri na demokarasi. Iyo nzira barimwo ntaco izobashikanako kuko si ubwoko bwa Thomas Sankara bwonyene buzotegeka Afrika, ntibahende abatabazi ngo ni abakunzi ba demokarasi, ahubwo ni abakunzi b’inyungu zabo baharanira. Birababaje ubugirakandi ko mu gihe Reta y’Uburundi yariko irabonana n’Ishirahamwe rya Buraya ku bijanye n’ingingo ya 96 y’Amasezerano y’i Cotonou, abategetsi b’Ububirigi bobo bariko barategura intambara yo gutembagaza iyo Reta muri ako kanya nyene, biboneka ko ivyo biganiro vyari ivyo guhuma amaso no gusamaza Reta y’Uburundi kugirango bayisenyure. N’ikimenyamenya ni uko abategetsi b’Ububirigi mu gitondo c’uno munsi bazindutse bifatira mu gahanga Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo, basaba Amashirahamwe y’Ubumwe bwa Afrika na ONU gufata ibihano ngo kubera inzego z’ijejwe umutekano zakoze icaha cokwivuna umwansi ata kindi kimuraje ishinga uretse kwica abantu, bari kunezerwa iyo bumva ko igihugu caguye mu minwe y’intagondwa, Abenegihugu bakagandagurwa bunyamaswa nk’uko vyabaye mu kahise nabo bagaca bihorera kuko inyungu zabo baba bazishikiriye. Ibi bishikirijwe ni ukuri kuko yaba Pacifique Nininahazwe, yaba Petero Karaveri Mbonimpa bari mu kwaha kwa Louis Michel mu Bubirigi muri ico gihe bari ku maradiyo basemerera ngo ihonyabwoko ryatanguye mu Burundi. Adama Dieng nawe ajejwe ivyo gukinga ihonyabwoko mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU nawe yari ahejeje kumenyesha ko ihonyabwoko rigiye gutangura nk’uko umengo ntituzi ko we nabo basanganywe bakorana akibagira ko Umugambwe CNDD-FDD umuzi neza ufatiye ku matangazo yagiye arashikiriza kuva kera be no ku migenderanire idasanzwe afitaniye n’abashatse gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015. Harageze rero ko urwo rwanko rushingiye ku gatimatare k’igikoroni ka Louis Michel n’abo bafatanije n’amayeri yo gushaka gukingira abakora iterabwoba mu Burundi bihagarara mu maguru masha ;
  1. Naho hari ivyoba bitagenda neza mu migenderanire y’Uburundi n’Igihugu cahoze kibucura bufuni na buhoro, Umugambwe CNDD-FDD urasubiriye kwemeza ko atari Ababirigi bose biyumvira uko ariko kubona ata biyamiriza ico ciyumviro c’Ubukoroni ca Louis Michel n’abamwegereye banyengeterewe n’ivyiyumviro bibi bicinyiza Umugambwe CNDD-FDD na Reta y’Uburundi, ivyo ntibihumuriza namba ;Ababirigi rero batemera ivyiyumviro nk’ivyo bategerezwa kuvyiyamiriza mu ntumbero yo gushigikira abakunzi ba demokarasi b’Abarundi mu rugamba rwabo rwo kwikurako abakoroni. Nk’uko abahinga bo mu rurimi rw’Igifaransa babivuga « qui ne dit mot consent», ni ukuvuga ko iyo utagize ico ushikiriza bica bifatwa ko ubishigikiye;
  1. Umugambwe CNDD-FDD uributsa ko higeze kugeragezwa gukurakuranwa ku butegetsi hisunzwe ubwoko mu 1993, inyuma y’imyaka myinshi y’intwaro z’igikenye za gisirikare, ariko inyishu atari nziza y’Umukuru w’Igihugu yatsinzwe yabaye iyo kumenyesha ko amatora rwabaye urusansuma rw’amoko, n’abo abagenzi b’Umukuru w’Igihugu yatsinzwe bongeye ko atari amatora ya demokarasi yobaka ubutegetsi bahawe n’inguvu z’ibirwanisho biciye mu gutembagaza ubutegetsi. Kubera ko Louis Michel yari ashigikiye ivyo bikoresho vyiwe yarinumiye, Incungu ya demokarasi iragandagurwa bunyamaswa n’abafasha biwe, Ububirigi nabwo nyene bwarinumiye, nta kajambo bwanashikirije. Umugambwe CNDD-FDD uriha insiguro, nk’uko vyamye mu gihe c’ihonyabwoko ryo mu 1972-73 ubwo Bubirigi nyene ntaco bwavuze, ariko rero ibitumvikana ni uko Ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu buterwa ubwoba mu 2015, nabwo Ububirigi bugahaguruka, bukavuga ngo « ntimunkomakomere abana banje , bareke batembagaze ubutegetsi ». Bamaze kunanirwa,Ububirigi bwaciye bubahamagara iwabo, bubaha indaro. Uwushaka gutahura ni atahure !
  1. Umugambwe CNDD-FDD urazi neza ko Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya, muri kino gihe uriko usabwa n’amakungu gutanga insiguro ku kibazo c’Uburundi .  Umugambwe CNDD-FDD ntukekeranya ko ubwo Bumwe bwa Buraya bwaronse iryo kete ry’Umukuru wa Olucome, ata kindi ryari ritumbereye, nk’uko Abarundi n’Amakungu babibonye, atari ugushaka gusubiza inyuma Uburundi mu gikorwa co kurondera inyishu zirama ku bibazo burimwo. Umugambwe CNDD-FDD urashimira Ubumwe bwa Buraya kuko butishimikije iryo kete ritegekanya umuhero ku Burundi mw’itangazo ryo gusozera vya biganiro vyo ku wa 8 Kigarama 2015 vyabuhuje n’Uburundi ku bijanye n’ingingo ya 96 y’amasezerano ya Cotonou. Umugambwe CNDD-FDD uranashimira Ubumwe bwa Buraya kubona kandi bwarubahirije ivyapfunditswe mu ngingo ya 2248 y’Inama Mpuzamakungu Ijejwe Umutekano kw’Isi yo ku wa 12 Munyonyo 2015. Naho bamwe bo mu bihugu vya Buraya babandanya bavuga ko batashimishijwe n’ingene ivyo biganiro vyagenze, Umugambwe CNDD-FDD urasubiriye kwemeza imbere y’Abarundi n’Amakungu ivyiyumviro vyashikirijwe be n’inzira nyazo zo gutorera umuti ibibazo vy’Uburundi kuko wagumye ibihe vyose werekana ingendo n’inyifato nziza mu vyo washikirije vyose. Kandi kubona wahaye Imana Mushoboravyose ikibanza ca mbere mu mirimo yawo yose, ntivyotandukana n’ukwo gushaka ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD urangije iri tangazo usubiriye kwiyemeza kubandanya urugamba rwo kurwanya amacakubiri y’amoko uko ari kwose yo nzira yo gufatira Abarundi bose mu mugwi umwe, muri vyose na hose be no mu kubanywanisha. Umugambwe CNDD-FDD uribukije kandi ko wamaze gufata ibiganiro nk’igikoresho ngirakamaro mu rugamba rwawo, mbere kuva ukiri Umuhari wahabuza demokarasi, rero si uno munsi wohindura iyo ngendo y’ibiganiro kanatsinda ibiganiro vyarabaye kirumara mu gutatura amati mu Burundi. Umugambwe CNDD-FDD usavye rero ko Amakungu muri rusangi be n’Amashirahamwe y’Akarere hatibagiwe Ibihugu bigenzi gutahura no gushigikira Uburundi, kanatsinda ni nkenerwa gushigikirana nakare baca umugani mu Kirundi ngo « imiti ikora ikoranye ».

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 14 Kigarama 2015

Umushingamateka Pascal Nyabenda

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

15 décembre 2015

About Author

Willy


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *