Amatangazo

Umugambwe CNDD-FDD urashima ingingo yaraye ifashwe n’Inama Nkuru y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu (CSNU)

ITANGAZO NO 040/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 13 MUNYONYO 2015 

Umugambwe CNDD-FDD urashima ingingo yaraye ifashwe n’Inama Nkuru y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu (CSNU).

 

  1. Kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 2015, Inama Nkuru y’Umutekano kw’Isi yarakoranye aho yafashe ingingo ikomeye NO 2248 (2015)yo gufasha Uburundi kwogorora muri ibi bibazo vya Poritike n’umutekano burimwo inyuma y’ayandi manama menshi yagiye araba n’impari nyinshi ntagire ico ashikako. Abarundi na cane cane Umugambwe CNDD-FDD be na Reta iwukomokako bari barindiranye igishika cinshi inyishu iza kuva muri iyo nama yaraye ikoranye, bakaba bakenguruka ingingo yaraye ifashwe;

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashima kandi ko ibihugu vya rutura biserukiwe muri iyo Nama Nkuru y’Umutekano ya ONU eka hamwe n’ibindi bihugu kw’Isi vyatanguye kubona no gutahura mu nzira y’ukuri inyishu z’ibibazo bimaze igihe bibera mu Burundi. Iyo ni intambwe amakungu yaraye ateye mu nzira yo kumenya ibibazo nyakuri n’umuti nyakuri ubereye ;

 

  1. Iyo abaserukira ibihugu bimwe bimwe mu Burundi bagenda bihweza neza ibiba mu Burundi, izi ngorane ntizari gushika aha. Biragaragara neza ko ibihugu bimwe bimwe vyagiye birahabwa amakuru atari yo n’ababiserukira mu Burundi ; bikaba vyatumye navyo bifata ikibazo uko kitari n’inyishu hagafatwa izitari zo.Turakebuye ivyo bihugu kwitunganya neza kugira ngo ntibize vyongere guhendwa;

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urakenguruka ko mu ngingo yaraye ifashwe harimwo ukwubahiriza ukwikukira, ubwigenge n’ubumwe bw’Abarundi. Iyo ngingo ikaba yari yarahonyanzwe, noneho Abarundi bakabura ingene bitunganiriza ivyabo. Umugambwe CNDD-FDD urasaba kuyishimangira cane kugira Abarundi babe mu mwidegemvyo mu kwitorera inyishu ku bibazo bibega kandi ubushobozi barabufise.Bikaba nkako, Abarundi ubwabo nta bibazo bafitaniye hagati yabo kanatsinda n’ivy’amoko ni ababibatsindagiramwo, bivuye hanze bigatuma baryana ku nyungu atari izabo ;

 

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimira cane kandi ugakengurukira ibihugu vy’abagenzi vyitaye mu ziko bivugira Uburundi neza mu gihe hariho ibindi bihugu vyariko birarondera ingene inabi yoganza mu gihugu.Abasokuru barayamaze ko umugenzi abonekera mu magorwa. Igihe cose Abagumyabanga bazoba bakiriho ntibazovyibagira, eka n’abazovuka bazobibona;

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD nk’uko wiyemeje kuva kera inzira y’ibiganiro kuva ukiri n’Umuhari mu gutorera inyishu z’ibibazo biba bihanze igihugu, uremereye Abarundi n’Amakungu ko impanuro y’ibiganiro bisa n’uwakubise uwashaka kurira. Umugambwe CNDD-FDD urashimira reta iwukomokako kuba iyo nzira yayifashe nka nkama ikaba yaramaze gushinga umurwi w’igihugu uzotunganya kandi ugakurikirana ibiganiro hagati y’Abarundi bari mu gihugu eka n’abari hanze (CNDI) kandi iyo Reta ikazokurikirana ko ata n’umwe abifitiye uburenganzira azobikumirwamwo nayo amahoro, umutekano na Demokarasi bitsimbatare mu gihugu. Rero, Abarundi bose baba abari mu gihugu canke abari hanze n’abandi bose bagize uruhara mu vyabaye mu Burundi baratumiriwe kwitaba ivyo biganiro;

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD uranezerejwe n’uko iyo ngingo No2248 (2015) ifashwe mu gihe ishirwa mu ngiro ry’impanuro zari zatanzwe n’Abakuri b’ibihugu bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko eka n’abo mu muryango w’ibihugu vya Afrika mu manama atandukanye zo kwaka ibirwanisho ababitunze batabifitiye uburenganzira ririko rigenda neza mu mutekano ntangere atawurya urwara uwundi, abarongoye imigambwe yose baherutse kwibonera ingene igikorwa co gukura ibirwanisho mu gihugu kiriko kigenda neza, hubahirijwe agateka ka zina muntu, igihe baja kuraba ingene igiporisi kiriko kirabikora. Ivyo rero ata gukekeranya,  biragaragaza neza ko, nk’uko Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yabitangaje kuva kera nta honyabwoko rizongera kuba mu Burundi na cane cane igihe cose Umugambwe CNDD-FDD uzoba uri ku butegetsi ;

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urangije usaba Abenegihugu bose kumva iyo ngingo yaraye ifashwe no kuyifata nka nkama kugirango uwufise ijambo wese azorishikirize mu bwigenge nta ngere muri ivyo biganiro bigiye kuza kandi bizoba mu mutekano ntangere, mu mahoro no kwubahana. Umugambwe CNDD-FDD unaboneyeho n’akaryo ko gusaba Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU) Ban -Ki- Moon guhimiriza ibihugu vyahagaritse imfashanyo zari zigenewe Uburundi kuzirekura, kuko abantu ntiboja mu biganiro ngo babirangure neza hari imbugita kw’izosi yo kubicisha inzara.

 

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 13 Munyonyo 2015

Umushingamateka Pascal Nyabenda,

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

13 novembre 2015

About Author

Willy


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *