Amatangazo

BURUNDI :Umushikiranganji w’Imigenderanire w’Ububirigi n’Amakungu Didier Reynders yasavye Ababirigi bose bari Mu Burundi ngo basubire i wabo, ariko uwuserukira Ububirigi ngo « uranguha ! »

ITANGAZO N° 043/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 24 MUNYONYO 2015

  1. Kw’igenekerezo rya 13 Munyonyo 2015, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’Amakungu yavugiye ku kinyamakuru RTBF co mu Bubirigi no mu kinyamakuru Iwacu co mu Burundi aho yasavye ko Ababirigi bose bava mu Burundi,yitwaje ko ngo Abarundi babavuga nabi. Inyuma y’indwi imwe gusa iryo tangazo ritanzwe, Ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi, bumaze kwinovora iyo nkuru y’incamugongo bwaciye bwiyamiriza iyo ngingo, kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2015, aho bwavuze ko Igihugu c’Ububirigi kitigeze gihamagarira Abenegihugu b’Ababirigi kuva mu Burundi. Naho umuntu atokwirirwa asesangura cane, biraboneka ko ico kibazo batakibona kumwe n’ubwo bose bakoresha inzira atarizo ;
  1. Muri iryo tangazo nyene ryo ku wa 20 Munyonyo 2015, Ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi bwaravuze ko bufata nkama amatangazo y’Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako kandi ko bwibutsa ko Ububirigi bufise intumbero itomoye ku bijanye n’ibiganiro hamwe n’inyishu zogarura amahoro mu Burundi. Umugambwe CNDD-FDD uribaza izo ntumbero Ububirigi butanga ku biganiro vyo mu Burundi nk’uko umengo ni bo bazovuga uko bizogenda. Ivyo rero bikerekana ko badashaka kwumva ko ahubwo Ububirigi ari bwo ngorane nyamukuru zituma Uburundi buburagizwa muri demokarasi bwiyemeje, bugatuma n’iterambere ritaba nk’uko Abenegihugu bavyipfuza. None karashize ingani umunyakibi abe ariwe aza kuba isoko ry’inyishu z’ivyiza ? Canke mu yandi majambo umuntu yovuga ati : « Mbega uwagirizwa ivyaha niwe yahinditutse isoko ry’ukuri akaba ariwe yerekana n’intumbero yo kumucira urubanza  » ? Ibi ntivyigeze bibaho. Kanatsinda, Umugambwe CNDD-FDD ntiwigeze wibagira kumenyesha mu matangazo yawo yose ko Ababirigi, mu maso y’Abarundi bafatwa nk ‘Abarundi kuko bategetse igihugu imyaka myinshi mu gihe c’Ubukoroni ;
  1. Ububirigi bugiwe imbere na Louis Michel hamwe n’umuryango wiwe ,hatibagiwe n’abo bafatanije ivyiyumviro vy’igikoroni bamuyoboka ntibwoshobora gusigura ingene Umushikiranganji wabwo ajejwe Imigenderanire n’Amakungu , Didier Reynders ,bukeye yaraye asavye ko Ababirigi bava mu Burundi, bukeye, abakora ibikorwa vy’iterabwoba baciye batera amabombe mu micungararo ya Radiyo na Tereviziyo vy’Igihugu be n’aho ishirahamwe Regideso rishingura amazi imbere yo kuyakwiragiza mu gisagara ca Bujumbura. Ayo mabombe yahitanye ubuzima bw’abantu ataco bazira. Ububirigi ntaco bwavuze kubera ko ari Abarundi bariko barapfa. Iyo ubwo bwicanyi bwari kubera ku butaka bw’ Uburayi na cane cane mu Bubirigi nta nkeka ko Amakungu yose yari kuvuza amaruru nk’uko biriko biraba mu Bufaransa. Umuntu yokwibaza igituma hari ako gacerere, aho kwiyamiriza iryo terabwoba rihitana ubuzima bw’Abarundi ?   Ariko rero, insiguro iroroshe : ni kuberako ari Ububirigi butanga amahera n’ibirwanisho bikoreshwa mw’iterabwoba ribera mu Burundi, nabo abagenzi b’Ububirigi bakishirira agati mu ryinyo ; bakinumira. Harageze nyabuna, nimba hatarengeranye, ko akarenganyo kagirirwa Uburundi gahagarara, maze iterabwoba rigirwa mu Burundi rirwanywe nk’uko biba n’ahandi, ababikora nabo, aho boba bari hose, bafatwe, bashengezwe imbere y’ubucamanza;
  1. Ugukoresha amajambo yambika iceyi Uburundi vy’agasakisaki ngo hari ihonyabwoko rigira ribe kurafise insiguro mu bikorwa vy’iterabwoba. Mu gihe abakora iterabwoba batera amabombe Abenegihugu bitekaniye be no mu gusambura inyubakwa rusangi, ivyo bikorwa mu gacerere k’Amakungu , nk’uko womenga Abenegihugu bo mu burundi nta gaciro bafise. Ivyo rero bituma abantu bemeza ko iryo jambo ry’ihonyabwoko ryateguriwe mu mitwe y’Abashigikira ivyihebe bikora iterabwoba mu Burundi. Ivyo bigaragarira mu manama mpuzamakungu no mu matangazo y’urutavanako ashikirizwa mu bimenyeshamakuru be n’abanyeporitike baguma bavuga ngo hagiye kwaduka ihonyabwoko mu Burundi, ivyo bakabivuga mu gihe abakora iterabwoba bashigikiye bariko baradurumbanya amakaritiye amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura. Barerekanye akabi kari mu mitima yabo n’uwutari abazi yarabamenye. Barahinyutse ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD, n’akababaro kenshi cane, ubona ko kuva mu 2010 iryo jambo ry’ihonyabwoko riguma rivugwa n’abo bakora iterabwoba be n’ababaha amahera. Igihe cose bakora ayo mabi y’ubwicanyi, haguma hitezwe ko habaho ugusubirizwa mu ndumane, ngo hakoreshejwe ihonyabwoko riri mu mitwe yabo, ngo hanyuma haboneke insiguro nyazo zo gusambura Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako. Eka n’agasomborotso k’ubwoko butandukanye ko gushira igihugu mu ngorane be no guhungabanya inzego karabandanije gushirwa mu ngiro naryo iryo honyabwoko bipfuriza Uburundi baririmba ubudahengeshanya ntirizokwigera riba. Ikindi naco ni uko gushika ubu, abanyeporitike b’abakoroni b’Ababirigi bari kumwe na Louis Michel badasiba kuvuga ngo hari ihonyabwoko mu Burundi, ivyo navyo bigaca vyerekana ko iciyumviro c’ihonyabwoko ari ikirwanisho ruhonyanganda nk’ibindi bafise kandi bakoresha mu ntumbero yo gusenyura Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD urangije umenyesha ko bishoboka ko igice kinini c’Abanyagihugu b’Ababirigi coba kidashigikiye iyo poritike y’ubugizi bwa nabi n’ububegito ya Louis Michel, ariko bibagora kuvyiyamiriza ku mugaragaro, aho naho bafatwa nk’uko boba bafashanya nawe. Rero si ivyo vyashikirijwe n’Ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi vyuzuyemwo igipfungu bizotuma Umugambwe CNDD-FDD ubazanako icizere. Kandi n’Umushikiranganji w’Imigenderanire y’Ububirigi n’Amakungu aguma ahishirira abicanyi   mu gutanga amategeko, hadaciye umwanya agaca yiyamirizwa n’Ubuserukizi bw’igihugu ciwe mu Burundi nta ciza Abenegihugu b ‘Abarundi bamwitezeko. Ahubwo,Umugambwe CNDD-FDD urindiriye ko Ububirigi butangaza ku mugaragaro ko buzitaba nyabuna ibiganiro bizohuza Abarundi. Kizoba ari igikorwa ciza bakoze kuko muri ivyo biganiro, niho hazovugirwa ivyo vyose bitagenda neza, maze bitorerwe inyishu. Intumwa z’Ububirigi zirahawe ikaze rero mu biganiro, bashikirize n’ingene bipfuza ko vyog enda, maze tubiharire, tuzogire ico dupfundika.

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 24/11 /2015,

Umushingamateka NYABENDA Pascal

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

25 novembre 2015

About Author

Willy


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *