Amatangazo

ITANGAZO N° 042/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 19 MUNYONYO 2015

Kubera agahato Umushikiranganji wa mbere w’Ububirigi Charles Michel, umuhungu wa Louis Michel yagize kuri Didier Reynders umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu Ababirigi bose bari mu Burundi basabwe gusubira i wabo ubu nyene .

 

  1. Mw’itangazo rikomeye Umugambwe CNDD-FDD waheruka gusohora kw’igenekerezo rya 03 Gitugutu 2015 wari werekanye umwitwarariko ufise ku kababaro n’agahinda watewe kandi ubandanya uterwa n’abakoroni b’Ababirigi, ukaba usaba Abenegihugu bose kuja hamwe kugira ngo bitwarire igihugu c’Ububirigi imbere ya za sentare, hagati mu gihugu no mu makungu kugira ngo ubwo Bubirigi bwishure ku mabi bwakoreye kandi bubandanya bukokorera Abarundi n’Uburundi kuva Igihugu cikukira. Umugambwe CNDD-FDD waravuze neza ko ico gihugu gitegerezwa kwisigura imbere y’Abenegihugu bose ku mabi cabakoreye, ivyo navyo bikaba bizoca mu biganiro vyatangujwe na Reta muri ya mirwi CNDI na CVR ibijejwe, imbere y’uko sentare zishikirwa ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD uratangajwe cane no kumva umushikiranganji w’umubirigi ajejwe imigenderanire n’amakungu Didiers Reynders,  abicishije mu binyamakuru RTBF co mu Bubirigi na Iwacu co mu Burundi, kw’igenekerezo rya 13 Munyonyo 2015 yahamagariye Ababirigi bose kuva mu Burundi bidatevye yitwaje ko ngo hari amajambo mabi abavuga nk’ukuko Ububirigi budategerezwa na rimwe gucishwa mu kanwa ku mabi bwagiriye igihugu c’Uburundi n’Abarundi kuva cikukira gushika uno munsi. Ivyo bigaca vyumvikana ko uwo mushikiranganji yabikoze ku gitsure c’umushikiranganji amutegeka, uwo nawe akaba ari umuhungu wa Louis Michel, bikagaragara neza ko ba banyeporitike b’abakoroni b’Ababirigi bica bagakiza, iyo hageze ibibazo vy’Uburundi. N’ubwo biri uko, Umugambwe CNDD-FDD ubamenyesheje ko vya bikorwa vy’ibiganiro mu gihugu cose ku barundi bose baba abari mu gihugu canke abari hanze vyaraye bitanguye kandi n’Ababirigi bafatwa nk’Abarundi bategerezwa kuvyitaba kuko badutwaye imyaka myinshi ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD urabona ko iryo tegeko ryo gucura Ababirigi ku nguvu ari ingendo igayitse yo kubahungisha kugira ntibitabe ibiganiro vyaraye bitanguye kugira ngo ya mabi bakoreye Uburundi n’Abarundi ntavugirwe hejuru kuko uko vyogenda kwose, botegerezwa gusaba ikigongwe, hanyuma n’inshumbusho ku gihugu c’Uburundi igatangwa. Kubera iyo mvo, Umugambwe CNDD-FDD urabona ko imfashanyo igihugu c’Ububirigi cahora giha Uburundi ari uruhendo kandi ntizigikenewe, ahubwo nibazane iyo nshumbusho ibindi babireke ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD uramenyesha ko akababaro abakoroni b’Ababirigi n’abanyeporitike babo bashigikiye ivyo vyiyumviro bigayitse kashegeshe Abarundi biciye mu kubiba amacakubiri mu gihugu, imitima irasanzara, inganda ziratikira nabo bene gutera ako kabi bikubita ku matako, bishirira agati mu ryinyo ngo Abarundi baramaranye bagaca basimbira kw’isunzu ry’inzu ngo nibabafatire ibihano ngo babazanemwo n’igisoda mvamakungu aho hose kugira babandanye bategeka Uburundi inyuma y’ako kajagari bateza. Uretse n’ivyo, Umugambwe CNDD-FDD warababajwe kandi ubandanya ubabazwa n’ibimoko vyakubiswe abana b’Uburundi aho abagabo bakubitirwa imbere y’abakenyezi ,abana n’abakazana babo kugirango agateka k’Abarundi kazimangane . Ivyo ntawovyihanganira, harageze ko bavyishura. Ntibahunge ;
  1. Uko guhungira imvura mu muvo kw’Ababirigi ngo biyonjorore intahe itarabakubita mu gahanga birasigura ko impamvu imwe nyamukuru ituma baremarema akagwi k’abagumutsi bakora ibikorwa vy’iterabwoba mu makaritiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, bakagaha amahera n’ibirwanisho kugirango batembagaze ubutegetsi ivyo navyo bikaba vyabataye ku w’amazi , aho hose ni mu nzira y’uko Uburundi bwoguma mu ruhagarara ; inzego zigasenyuka gutyo ba Babirigi binkorabara bibagirwe, ntibakurikiranwe ku mabi bakoreye Abenegihugu. Muri uwo mugambi ugayitse wo guhonyanga ubwigenge bw’Uburundi bwokwitegeka no kwitunganiriza ivy’igihugu mu kwishiriraho inzego zitorwa n’Abenegihugu biciye mu matora, harakoreshejwe kandi n’ibinyamakuru bikorera hagati mu gihugu no mu makungu, aho hose bashigikira ka karwi bari bajeje gutembagaza inzego z’igihugu ku wa 13 Rusama 2015 bikabananira, uno munsi rero bakaba abo Babirigi nyene n’abo bafatanije basaba ngo abo bamenyeshamakuru ni babareke babandanye bakora ibara, naburya ari nabo bisamburiyeko nk’impene igihe bibananiye gutembagaza ubutegetsi bagahitamwo kwisamburirako amaradiyo yabo, imbere yo guhungira mu Rwanda n’ahandi aho mbere bashitse baronswa amaradiyo bakoreramwo;
  1. Umugambwe CNDD-FDD ntushobora kwumva ingene ibinyamakuru bikorera mu makungu bibandanya bivuga ngo mu Burundi hazanwe inteko mvamakungu za ONU n’Uburundi butagishijwe inama kandi ya ngingo No 2248 (2015) y’Inama y’Umutekano kw’Isi ya ONU iherutse kwemeza ko ubwigenge, ukwikukira, iyubahirizwa ry’imbibe n’Ubumwe vy’Uburundi bitegerezwa kwubahirizwa. None abo bandi banyeporitike babandanya bisunga vya vyipfuzo vy’Abakoroni b’Ababirigi,bahimiriza abamenyeshamakuru guca kubiri n’ingingo y’Inama y’Umutekano kw’Isi ya ONU nibo bahindutse abategetsi b’Isi yose ?
  1. Umugambwe CNDD-FDD urasavye abo banyeporitike bahemukiye Uburundi kwemera akabi kanatsinda inzira zo kwiyuhagira zarategekanijwe muri wa murwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR be no muri wa murwi ujejwe gutunganya ibiganiro mpuzabarundi CNDI. N’aho Ububirigi be n’abo bafatanije bahagaritse imfashanyo,Umugambwe CNDD-FDD ubamenyesheje ko Abenegihugu ari abantu beza, ko bazobumviriza, bakabatega amatwi kandi nibasaba ikigongwe bazokubitwa inkoni ngufi,mu gihe bokwemera kuvugisha ukuri, gutyo Uburundi n’Ububirigi bigaheraho bibana neza m’ukwubahana no mu kwubahiriza agateka k’Abenegihugu b’ivyo bihugu vyompi. Bitabaye uko Ububirigi ntibozogira amahoro mu mutima wabwo na burya akahise katahanagurwa ;
  1. Uretse ko n’ako kahise kadashobora kwibagirwa, Umugambwe CNDD-FDD urababazwa n’uko Ububirigi bwama bwongera ikibi mu kindi uko bukeye uko bwije mu guhimiriza nk’Ibihugu bigize Ubumwe bwa Buraya, ibigize Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU), eka no mu kudushuhurirako Igihugu kibanyi kandi twari dusanzwe turi abagenzi, aho hose bitwaje ngo ni uko badukoronije twempi, mu kurondera uburyo bwose inzego z’igihugu zitorewe n’abenegihugu zinigirwa mu menshi, maze ubutegetsi bukomoka ku mugambwe CNDD-FDD Iterabwoba ryo kudufatira ibihano mu vy’ubutunzi no mu vy’imigenderanire ntirisiba guca mu binyamakuru, eka no gusaba ko Uburundi burongorwa n’igisirikare mvamakungu ca ONU ntirisigara inyuma ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD urakurikirana ibintu n’ibindi ukabona ko nk’igihugu c’Ubufaransa cakoronije za Sénégal, za Côte d’Ivoire, za Burukina Faso n’ibindi, bukora uko bushoboye kugira buvugire ivyo bihugu iyo habaye ingorane iyi canke iriya . Igitangaza rero ni uko Ububirigi bwobwo butigeze buhengeshanya gusenyura inzego z’igihugu bwakoronije, kuva Uburundi bwikukira gushika uno munsi. Kandi igihe cose bagiye barema uturwi tw’inkorabara bakoresha kugira babangamire ubwigenge bw’igihugu. Ivyo vyarabaye igihe bagandagura Incungu yo kwikukira Umuganwa Rwagasore Louis mu 1961, igihe Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe yagandagurwa mu 1965. Ivyo vyarabaye igihe Umwami Ntare wa gatanu Ndizeye Karori yagandagurwa mu 1972 n’ubu tukaba tutazi iyo yahambwe, akaba yakurikijwe Abarundi ibihumbi n’ibihumbagiza bagandaguwe Ababirigi bitwengera kuko ari nabo bari barabiteye. Ntawokwibagira kandi Incungu ya Demokarasi Ndadaye Melchior n’abafasha biwe bagandaguwe mu 1993, aho hose hakaba harimwo ukuboko kw’Ababirigi . Ivyabaye kuva mu 2010 gushika mu 2015 bijanye no gutembagaza uburongozi bukomoka ku Mugambwe CNDD-FDD vyateguwe n’Ububirigi bishirwa mu ngiro n’akarwi katumwe nk’uko vyagiye biba kuva aho hambere;
  1. Twisunze ivyo twavuze aho haruguru, Umugambwe CNDD-FDD usaba Abenegihugu kubandanya bafatanye mu nda, bagize urunani kuko ari yo nkinzo yo gukinga amabi aterwa n’agatimatare k’igikoroni katarava mu mitima y’abanyeporitike b’Ababirigi bamwe bamwe. Bigasigura rero ko urugamba rwo kwiganzura rubandanya, Abenegihugu bakabandanya bari maso, bacunga na cane cane ko vya biganiro hagati y’Abarundi vyatanguye co kimwe n’ibikorwa vya wa Murwi Ujejwe Ukuri no Kurekuriranira ( CVR) bitaba nk’ibindi biganiro vyabaye mu bindi bihugu bitewe n’uko Ababirigi batigeze barengutswa na rimwe muri ivyo biganiro, haba i Arusha mu 2000, haba mu vyo guhagarika intambara mu 2003 akaba ari naco gituma bitagiye birama. Uno munsi rero harageze ko ukuri kuja ahabona, ibiganiro bifatire ku muzi w’ibibazo gutyo igihugu kibone kwikukira nyakuri, ubwigenge bwuzuye, iyubahirizwa ry’imbibe ridasubirwamwo co kimwe n’Ubumwe bw’Abarundi atari ubwo amayeri.

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 19/11 /2015,

                                  

Umushingamateka NYABENDA Pascal

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

20 novembre 2015

About Author

Willy


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *