Amatangazo

Umugambwe CNDD-FDD urateye ivyatsi abicanyi bigenza nk’abihevyi ba Boko Haram, Al-Shebab na Al Qaeda

ITANGAZO NO 037 /2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 14 GITUGUTU 2015

  1.  Haraheze iminsi hari abicanyi barasa bakongera bagatera amagerenade abapolisi  mbere bakica n’abantu bamwe bamwe , rimwe na rimwe bakoresheje amapikipiki. Abo bicanyi kubera bashigikiwe n’ibihugu bimwe bimwe bibaha amahera n’ibirwanisho, baca basimbira ku maradiyo mpuzamakungu  bavuga ngo mu Burundi  hari ubwicanyi bufatiye ku moko. Uturorero ni nko kw’igenekerezo rya 08 Gitugutu 2015, abicanyi bishe umukwe wa Petero Karaveri Mbonimpa Pascal Nshimirimana bamurasiye i muhira iwe mu Ngagara , hanyuma abo mu muryango wiwe basaba ko ubutungane bworeka gukora amatohoza kuko ngo ari ingorane z’umuryango nayo amaradiyo mpuzamakungu  yahavuye  amenyesha ko ari ingorane z’abadandaza.  No kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015, muri Karitiye ya gatatu yo mu Ngagara  mu gisagara ca Bujumbura harabaye ukunyuruzwa kw’abapolisi batatu (03) ku muhingamo wo kuri uwo munsi wa kabiri. Umwe muri abo bapolisi banyurujwe yarashoboye kubatoroka aca aja kubimenyesha bagenzibe kugira baje kurokora abari basigaye mu vyara vy’ababisha. Ariko rero, igipolisi gicungera umutekano w’indongozi (API) cahashitse gisanga umwe yamaze kugandagurwa, uwundi nawe yakomeretse cane ;
  1.  Muri ico gikorwa co kubohoza abapolisi banyurujwe,umuryango w’umumenyeshamakuru  yahora afata amasanamu ya Televiziyo y’Igihugu, Christophe Nkezabahizi wari wagizwe inkinzo n’abo bicanyi warahasize ubuzima. Uwo mumenyeshamakuru, umupfasoni wiwe n’abana babiri  (02) bafise imyaka 14 na 16 baciye bahitanwa n’amasasu.  Abaguye muri ico gitero bose hamwe  ni abantu icumi (10) harimwo n’uwo mupolisi yagandaguwe be n’abihevyi. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje imiryango yabuze. Ariko ikibabaje  ni uko amaradiyo mpuzamakungu,akoresheje amakuru y’ibinyoma ahabwa n’abo basanzwe bakorana bari ino mu Burundi yaciye amenyesha ko igipolisi kijewe gucungera umutekano w’inzego caciye gisimbira mu nzu gutera  uwo muryango, abandi nabo bakavuga ngo ni ubwicanyi bufatiye ku moko ata n’insiguro batanze ;
  1.  Abafata ikibazo ca politike c’Uburundi uko bishakiye baguma bashaka  gukamisha  no gukoresha  ibibazo vy’amoko  nk’inzira yo gutahura neza amatati yo mu Burundi. Igitangaje cane kandi kitumvikana  ni uko i Arusha mu biganiro vy’amahoro vyagaragaye ko ikibazo c’Uburundi  ari ica politike ariko gifise ishusho y’amoko. Umugambwe CNDD-FDD nawo nyene mu biganiro wagiranye na Reta  y’Uburundi, ibiganiro vyasozerewe n’amasezerano yo guhagarika intambara burundu ku wa 16 Munyonyo 2003 vyarerekanye neza ko ibibazo vy’Uburundi atari amoko, ahubwo  ari ivya politike. Raba kandi ingene ayo maradiyo mpuzamakungu adasiba gushikiriza ibinyoma ngo ibibazo vy’Uburundi  ni ivy’amoko, bisigura ko rero abo bicanyi b’abihevyi bica benewabo b’Abarundi na cane cane abapolisi  badasangiye ubwoko, ivyo bikaba arivyo ivyo bihugu biriko birakora mu gushigikira abo bicanyi, rero bariko bemeza ko uwo mugambi w’amacakubiri ariwo bashigikiye  mu Burundi ;
  1.  Abakunzi ba demokarasi  si ibijuju namba  kandi ntibashobora guhisha umubabaro  bafise kubona, kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015, igihe bariko baribuka  imyaka 54 iheze Umuganwa Ludoviko Rwagasore, Incungu yaharaniye Ukwikukira kw’Uburundi agandaguwe, abo bicanyi buzuyemwo amacakubiri y’amoko nk’uko bavyivugira  ariho bihaye umugambi wo kugandagura abapolisi  bajejwe gucungera umutekano w’igihugu, mu gihe Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza  yasavye ko  umutekano woba wagarutse mu kiringo c’amezi abiri (02), bikagaragara ko abo bansi b’igihugu bashigikiwe na vya bihugu vy’Abakoroni bidashaka ko Uburundi kiba igihugu  ciyunze kandi kija mw’iterambere, biboneka ko ivyo bihugu vyipfuza na ntaryo  kugaruka gucura bufuni na buhoro igihugu c’Uburundi ;
  1.  Kuri iyi saha tugezeko, Abagumyabanga  b’Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako baramaze gutahura. Ivyo bihugu ntibishaka ko mu Burundi haba ibiganiro ari naco gituma bihereza amahera n’ibirwanisho abo bicanyi basanzwe bazwi ko ata birwanisho bashoboye guhingura canke kwigurira . N’aho abakunzi ba demokarasi na Reta birigwa baramenyesha ko hoba ibiganiro bihuza Abarundi bose, ivyo bihugu  vy’abakoroni vyovyo ntibishaka ko ivyo biganiro biba. Umugambwe CNDD-FDD  ubona kandi ko  ku bijanye n’imfashanyo ivyo bihugu vyahagaritse kuronsa Uburundi ari ugushaka kunigira Igihugu  mu menshi, ariko rero Uburundi ntaco buzoba kanatsinda kuri izo mfashanyo ivyo bihugu vy’abakoroni vyahora bitanga, ibice 80 kw’ijana vyasubira iwabo kandi Uburundi buzovyishura, ivyo bisa  no gutanga igitoke  ariko bitatu vya bine (3 /4) vyaco bigasubira i wabo. Ubu rero ntitukiri mu mpari z’izo mfashanyo kanatsinda igihugu c’Uburundi  Imana yakiremye irakibona naho  abo basensankuyoze babandanya bashigikira abicanyi mu ntumbero yo gusambura Igihugu. Abarundi barihanganye igihe kirekire, barihanganiye amabi menshi bakorerwa bene gushigikira abo bicanyi biraramiye, basokoza ubwanwa, bashize agati mu ryinyo, bibaza ko bazoguma bateranya Abarundi bobo badakorwako ; harageze ko bashengezwa imbere y’ubutungane mpuzamakungu;
  1.  Umugambwe CNDD-FDD urangije usaba  ko incabwenge  z’Abarundi zize ivy’amategeko zokwifatanya n’Abenegihugu, zigahaguruka kugira  zunganire igihugu mu gushengeza ivyo bihugu vy’abakoroni  bibandanya bitsindagira Uburundi mu kajagari no mu bwicanyi  hagati y’Abarundi   bibicishije mu gushigikira   abo bariko baradurumbanya igihugu c’Uburundi, kuko ntivyumvikana ingene UmugambweCNDD-FDD na Reta iwukomokako boba bariko barubaka abandi nabo basambura. Ukuri kuzoheza kuje ahabona, ivyo bihugu bikubitwe intahe mu gahanga n’abo Abarundi baronke amahoro n’umutekano vyo soko ry’iterambere.

Bigiriwe i Bujumbura ku wa 14 Gitugutu 2015
Umushingamateka Pascal Nyabenda

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

15 octobre 2015

About Author

Willy