ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N’UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N’UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA

Turujuje imyaka 25, Nyenicubahiro Prezida Sipiriyano NTARYAMIRA n’abashikiranganji babiri ba Reta yari arongoye, Berenarudo Ciza na Siriyako Simbizi bagandaguriwe mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Hari ku wa 06 Ndamukiza 1994, aho indege yari ireruye Prezida w’Urwanda, Juvénal Habyarimana, n’izindi ntumwa zari zimuherekeje, ari nayo izo ndongozi z’Uburundi zarimwo, yaraswa igisasu ca missile, kigahitana abarimwo bose, aho ata n’uwo kubara inkuru yarokotse.

Vyaragaragaye ko uwo mugambi mubi wo kugandagura Perezida Ntaryamira, wari mu mu rukurikirane ry’ubwicanyi ata kindi bwari butumbereye, atari ukunigira mu menshi demokarasi mu Burundi, kuko aho abansi b’Uburundi bagandagura Nyenicubahiro Prezida Melchior Ndadaye n’Abafasha biwe, ku wa 21 Gitugutu mu 1993, basa n’abatari bashitse ku ntumbero yabo nyezina, ico bahavuye bashikako batembagaje Prezida Ntibantunganya mu 1996, iyo ntumbero yari iyo kuzimanganya uwo wese yagize uruhara mu gukura Abarundi uruhumyi, bari barazingamitswemwo n’akagwi k’inkorabara, gashigikiwe n’abanyamahanga bashaka kuguma bapfukamye mu nda igihugu cacu.

Iri genekerezo rero, uyu munsi rishitse Uburundi buri mu kiringo gihambaye cane, aho turiko twitegurira amatora yo mu mwaka uza wa 2020, abenegihugu n’indongozi zacu tugasabwa kwama turikanuye, kuko uwutambana na mukeba adakubita urugohe, ubonako no muri kino gihe imigenderanire hagati y’Uburundi n’ubutegetsi bw’ico gihugu twaburiyemwo abacu atako yifashe, kubera ko n’ubu bataraterera hasi wa mugambi mubi wo gusubiza mw’ihumbi no kutwamiza mu marira, mwarabibonye kuva mu mwaka wa 2015, aho ata co batakoze, iyo badasanga Abarundi benshi turi maso, maze umuhoro bashaka kudutiza ngo twisamburireko, bafatanije n’abahemu bamwe batwinyegezamwo, tukawubata mu maso, baca baromoka bahumaguza.

None ko abirirwa bashaka guha abandi icigwa kuvyerekeye demokarasi n’ubutungane vyabananiye kurusokorora, ngo bereke Uburundi n’amakungu uruhara rw’uwo wese yikekwa muri ubwo bubisha, duhereye ku ndongozi z’ico gihugu, kandi ivyegeranyo vyinshi vy’abahinga bigenga vyarerekanye ata makenga ko ari bo baduhekuye, Abarundi tuhakura icigwa ikihe? Ivyo birateye agahinda, kuko vyaribonekeje ko ivyama bikora mu nda Abarundi biza biva mu Rwanda. Tubibutse ko ico giti nyene ari co cadukoze mu jisho mu 1965, aho Umushikirangoma wa mbere w’Uburundi, Petero NGENDANDUMWE yagandaguwe n’umunyarwanda, agatako akavyiyemerera, tutibagiye inkora bara zasasiwe indava muri ico gihugu, zihejeje gutikiza inganda muri wa mugambi wo gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu wabata ku w’amazi.

Dufatiye kuri ivyo vyose,

  1. Umugambwe CNDD-FDD wongeye kwifatanya umubabaro n’Abarundi bose, no guhoza imiryango yaburiye abayo muri kirya gitero;
  2. Uburundi twaramaze kuja mu nzira y’ukumenya ukuri kuri kahise n’ukunywanisha Abarundi, ari na co gituma, bitebe bitebuke, inyanduruko y’igandagurwa rya Nyenicubahiro Prezida Sipiriyano NTARYAMIRA  n’abashikiranganji bari kumwe itegerezwa kuja ahabona, hanyuma twubake kazoza atagukangarizako, kuko iki ntikikiri ca gihe c’uko umuntu umuhisha ko umwanka na we akaguhisha ko yabimenye!
  3. Amatohoza ataho yegamiye ategerezwa gukorwa, ubutungane buhabwe ijambo atakubutera igitugu, abagirwa n’ivyo vyaha bakubitwe intahe mu gahanga, bongere batange indishi y’akababaro ku babuze ababo no ku gihugu cacu;
  4. Umugambwe CNDD-FDD urarindiranye icizere ikizova mu birego Leta y’Uburundi imaze gushikiriza, mu nzego zinyuranye, ku mabi abenegihugu bayo bagiye barakorerwa n’ubutegetsi bw’Urwanda,  ukaba wizeye ko ubutungane bozohava bukifata mu jisho, bukisubiza umutamana, haba ku rwego rwa Afrika y’Ubuseruko, urw’akarere k’ibiyaga binini, urw’Ubumwe bwa Afrika n’urw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU;
  5. Mu kurindira, Umugambwe CNDD-FDD ubandanya utera ivyatsi amabi ubutegetsi bw’Urwanda bwakoze kandi bubandanya bukorera Uburundi, akarorero kukaba ari nk’uguha ibirwanisho abahekuye Uburundi muri ya migumuko yo mu 2015 mu gisagara ca Bujumbura, ugucumbikira inkozi z’ikibi zarwanije ishaka ry’abenegihugu mu  gutembagaza inzego bitoreye, kugirisha imyimenyerezo ya gisirikare n’uguha ibirwanisho impunzi ziganjemwo urwaruka, no kuziroha ku gisirikare c’igihugu c’Uburundi gisanzwe no kw’isi nzima kizwi ko ari karuhariwe, kuko ari bitumwako mu gutabara no kubanguranya abatase, mu bihugu bikigoye;
  6. Umugambwe CNDD-FDD usavye ushimitse Ubutegetsi bw’Urwanda gukurikiza akarorero k’ibindi bihugu bibanyi mu kurekura Abarundi bariyo bagatahuka, boye kubandanya babagira imbohe mu kangaratete, kandi bishakira gusubira iwabo, Prezida w’Urwanda nawe agasabwa guterera hasi ingendo y’agasotoro yamaze kugira nk’akaranda muri kano karere.
  7. Ka muyobozi w’ishirahamwe ry’ibihugu bihurikiye muri Afrika y’Ubuseruko, Umugambwe CNDD-FDD urasavye Prezida KAGAME kwikubita agashi, ivyamunaniye arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu mwaka uheze, aho ikiringo ciwe caranzwe n’urwanko rw’indenzarugero ku Burundi, kandi ataho ari bubushire, apfume agerageze kubikosorera muri EAC, kuko mu Kirundi barayamaze bari: ‘Umuntu yihitaramwo umugenzi, ntiyihitiramwo umubanyi’.
  8. Mu kurangiza, Umugambwe CNDD-FDD uraremesheje Abarundi bose, ukaba ubahamagariye kuguma barangwa n’inyifato n’ingendo runtu, muri kino gihe turiko tugana ibihe vy’amatora y’umwaka uza, kugira ntibahave bugururira umwansi, ata kindi kimuraje ishinga atari ugutoba.

 

Bigiriwe i BUJUMBURA,

Igenekerezo rya 6/04/2019

 

Evariste NDAYISHIMIYE

 

UMUNYAMABANGA MUKURU

 

6 avril 2019

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *