ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 19 RUHESHI 2023
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Politique

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 19 RUHESHI 2023

 

 

  1. Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yadushikanye kuri uyu musi turi bazima, tuyininahaza. Icubahiro ni icayo ibihe bidashira muri vyose na hose.

 

  1. Hari ku wa 18 Ruheshi 2020, Imyaka itatu irarangiye, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, arahiye imbere y’Imana n’Abarundi mu mabanga ahambaye y’iteka ryo kurongora Uburundi n’Abarundi. Twibuka kandi ko haciye iyo myaka itatu Umugambwe CNDD-FDD, usubiye kwizigirwa n’Abarundi isinzi aho bihitiramwo ata gahato ku mugaragaro imigambi Umugambwe w’Abagumyabanga washikirije, bagatora n’umukuru w’igihugu awukomokamwo. Abarundi bose bahunze amajwi CNDD-FDD na cane cane Abagumyabanga, turabakeje kandi turabashimiye cane.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD ufashe rero kano kanya kugira ngo ukeze vy’imvamutima Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu Varisto Ndayishimiye ku ntambwe agejejeko Abarundi n’Uburundi, mu bisata vyose ubwira ubukerebutsi n’umutima wo gukunda no kwubaka igihugu giteye imbere bimuranga yabisangije Abarundi n’amakungu. Ni abishimirwe.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urakenguruka intambwe igihugu kigezeko mu kubungabunga no guhagararira amahoro, umutekano no kwubahiriza agateka ka kiremwa muntu muri ya nyabune, ku kaba nkako Umutekano ni umushinge w’iterambere. Igihugu kiriko cubakwa ku murindi ukomeye, bigaragaza umwizero wa kazoza keza.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashima ku buryo bwiharije imigambi y’iterambere iriko iraranguka mu gihugu iha ubushobozi n’uburyo Abenegihugu bose na cane cane urwaruka n’abakenyezi, hakaba hariko hagaragara irya n’ino mu gihugu impano n’imigambi itari imenyerewe ituma abenegihugu bashika kw’iterambere.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa cane n’uko ibisata nk’uburimyi n’ubworozi vyahora bifatwa nk’ivyabenigihugu batobato bisigaye bihurumbirwa na bose na cane cane abize n’urwaruka bigaragaza ko batahuye ko ivyo bisata bishikana kw’iterambere vuba gutyo ca civugo-ntumbero ca Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, « umunwa wose ukaronka ico ufungura, umufuko wose ukaronka amafaranga yo kwikenura » kikaja mu ngiro

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urongeye gukeza no gushigikira Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu mu rugamba rw’iteka rwo kunagura ubutunzi bw’igihugu no guhasha ba kaboko n’abasinzikaza, abihagira n’abasesagura itunga rusangi. Twongeye kurarikira Abarundi bose na cane cane Abagumyabanga kuba inderetsi, nti hagire uwudindiza canke ngo aburabuze urwo rugamba ruzodushikana heza.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashima kandi ibiriko birarangurwa mu gisata c’inyubako, aho amabarabara, ibiraro, inyubako z’iteka z’amanama, ibitaro vy’amakomine, ibibuga vya kijambere, inyubako zo kwakira ingenzi biriko birwizwa ku rugero rwiza. Tugahamagarira Abagumyabanga gufata iya mbere mu kubibungabunga no kubikoresha neza babikamisha iterambere.

 

  1. Vyongeye kandi, nk’indongozi ibona kure, Nyenicubahiro Evariste NDAYISHIMIYE yarateye intege yongera arateza imbere igisata c’ubushakashatsi, aratsimbataza umuco w’impinduka no kutazera inze na cane cane mu rwaruka, bikaba vyazanye umusaruro uboneka mu mwanya muto. Ntawokekeranya ko amerekezo y’Uburundi nk’igihugu cifashe mu 2040 n’igihugu giteye imbere mu 2060, gishigikiwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu mu bwira bwiwe ndetse n’ishaka ryo gukangura Abarundi, kizoja mu ngiro ata nkomanzi. Na kare Turikumwe twese birashoboka.

 

  • Umugambwe CNDD-FDD uhamagariye Abarundi bose atanumwe avuyemwo kwama na ntaryo bashigikira Sebarundi, mu guteramira amahoro n’umutekano, gukomeza urunani rw’intamwenwa mw’iterambere, gukingira ibidukikije, kwitaho cane indero n’ubumenyi mu rwaruka, kwitaho amagara meza, gutandukanya imvyaro, isuku, kuziganya umwimbu n’itunga ry’imiryango.

 

  • Umugambwe CNDD-FDD urakenguruka intambwe ishimishije y’imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibindi bihugu, ituruka ku bwira n’ubukerebutsi bwa Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi, yafashe iya mbere mu kunagura no gutsimbataza imigenderanire myiza hagati y’Igihugu cacu c’Uburundi n’amakungu.

 

Ubwo bukerebutsi bushimwa mu gihugu no mu makungu, bibonekera mu kibanza ciza Nyenicubahiro aguma aronswa mu mashirahamwe y’akarere na mpuzamakungu. Abagumyabanga twongeye kumukeza no kumutera intege, twemerera Abarundi n’amakungu ko tutazohengeshanya gushira imbere poritike nziza yo gufashanya twuzuzanya mu bisata vyose, twigira kuri bamwe no ku bandi kugira dushigikire ineza y’abenegihugu Imana yaduteye iteka ryo kurongora.

 

  • Umugambwe CNDD-FDD urangije wongera gukeza Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu, Varisito Ndayishimiye umwipfuriza gutera imbere nk’umuzinga mu gushitsa imigambi yose yemereye Abaneburundi yo guhindura Uburundi igihugu cifashe, cigaba, cigabururira kandi cubashwe biturutse ku cemezo ciwe co gushigikira no gusasagaza amahoro n’umutekano mu Burundi no mu karere.

 

 

 

Bigiriwe i Gitega, ku wa 19 Ruheshi 2023

 

Nyeniteka Reveriyano NDIKURIYO

 

Umunyamabanga Mukuru.-

 

 

19 juin 2023

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *