Kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 07 Kigarama 2023, Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yaragendeye amazone atandatu yo muri Komine Matana, mu ntara ya Burunga. Urwo rugendo akaba yarutanguriye muri zone Nyagasasa, abandaniriza mu mazone ya Kibezi, Kivumu, Mugamba, Mwumba ; aca aja kurusozerera muri zone Vyuya. Muri ayo mazone, Umunyamabanga mukuru yari yaherekejwe…