ITANGAZO RY’INAMA NKURU Y’INARARIBONYE Z’UMUGAMBWE CNDD-FDD
Actualité, Espace Presse

ITANGAZO RY’INAMA NKURU Y’INARARIBONYE Z’UMUGAMBWE CNDD-FDD

 

 

Muntumbero yo kurabira hamwe uko ubuzima bw’igihugu muri rusangi n’ubwo umugambwe CNDD-FDD vyifashe, Inama nkuru y’inararibonye z’umugambwe CNDD-FDD,yarakoranye kuri uyu wa 03 Mukakaro 2023 mu ngoro y’umugambwe i Gitega.
Kabaye akaryo ko gusuzuma aho ishirwa mungiro ry’ingingo zapfunditswe n’ikoraniro risanzwe ry’umugambwe CNDD-FDD ryabereye i Gitega ku wa 22 Nzero 2023 rigeze, kurabira hamwe ibikorwa vyimirije kurangurwa n’umugambwe CNDD-FDD, no guhanahana ivyiyumviro kutuntu n’utundi.

1. Inama nkuru y’inararibonye irashima aho ishirwa mungiro z’ingingo zafashwe n’ikoraniro kaminuza risanzwe riheruka kubera i Gitega rigeze, igasaba ubuserukizi bukuru bw’umugambwe CNDD-FDD kubandanya kumurindi buriko wo kwegera abagumyabanga no gusangira ibikorwa.

 

2. Inama nkuru y’inararibonye irashima ingingo ziriko zirafatwa n’urwego nshingwabikorwa rwa Leta muntumbero yo kurwanya ubukene igasaba abagumyabanga bose gukura amaboko mumpuzu bakijukira ibikorwa v’iterambere.

3. Inama nkuru y’inararibonye irashima uko umutekano wifashe mugihugu igahamagarira abarundi bose kuwuteramira na ntaryo

4. Inama nkuru y’Inararibonye irashima uko imigenderanire n’amakungu yifashe muri kino gihe.

5. Inama nkuru y’inararibonye ihamagarira indongozi zose n’abagumyabanga kurwanya bivuye inyuma ingeso mbi y’ubunyonyezi no kurya ibiturire

6. Inama nkuru y’inararibonye ihamagarira abarundi bose kwama bazirikana ko Uburundi ari impetso ya twese ko duhamagariwe kubutura amaboko, umutima n’ubuzima kugira kibe igihugu cifashe muri 2040, igihugu giteye imbere muri 2060.

Bigiriwe i Gitega ku wa 03 Mukakaro 2023

5 juillet 2023

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *