Ruhuhuma: ukwezi kw’imigisha n’imihezagiro ku Bagumyabanga n’Abarundi bose
Actualité

Ruhuhuma: ukwezi kw’imigisha n’imihezagiro ku Bagumyabanga n’Abarundi bose

 

Umugambwe CNDD-FDD watunganije kuri uyu wa kane amasengesho asozera ukwezi  kwa Ruhuhuma 2022. Nyakubahwa Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Angeline Nyifatanije n’Abagumyabanga muri ayo masengesho yari ashimikiye kw’ijambo ry’urufatiro : « Imana niyo buhungiro nyabwo » Zab 118:6-9

Umunyamabanga Mukuru w’ Umugambwe CNDD-FDD mw’ijambo ryiwe yashimye ko ukwezi kwa Ruhuhuma kwabaye ukw’imigisha n’imihezagiro myinshi. Ashima umwete wibonekeza mu ntara zitandukanye kugira igihugu gitere imbere, ahanura abakozi ba Reta gukora ibintu bikava mu nzira vuba nk’uko abikorera utwabo babikora bigakunda.

Umunyamabanga Mukuru yashimiye abarwizatunga bafata nkama ibibazo abenegihugu bagafasha mu gushira imitahe yabo mu mahinguriro asahiriza mu gutora inyishu y’ivyo bibazo.

Mu nyigisho ziwe Bishop Seth Nkeshimana yahanuye Abagumyabanga kutadohoka kw’isezerano ryo gushira Imana imbere no kugendera muvyo Itegereza. Abahanura kwirinda, kwishira hejuru, guhahamira amaronko no gusitana mu bibanza vy’uburongozi.

Umunyamabanga Mukuru yifurije Abari ngaho ukwezi kwiza gushasha kw’ibikorwa yon gerako ati ko kwahariwe abakenyezi ari ukwitwararika na ntaryo ko bubahirizwa mu bibanza bahabwa n’ibwirizwa nshingiro ahubwo n’ibirenga 30% bibonetse babironswe. 

Yagiriyeko amenyesha Abakenyererarugamba ko ku wa 26 Ntwarante ku murwa mukuru wa Poritike i Gitega hazohimbazwa Umusi wahariwe Abakenyererarugamba #AbakenyererarugambaDay, abahamagarira kuwitaba no kuwiginana urweze n’Abagumyabanga n’Imbonerakure bose gushigikira uwo musi wagakura

24 février 2022

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *