Abarenga 4800 binjiye icese mu mugambwe CNDD-FDD muri Komine Mutimbuzi
Non classé, Politique

Abarenga 4800 binjiye icese mu mugambwe CNDD-FDD muri Komine Mutimbuzi

Kari akanyamuneza ku bagumyabanga bo mu Ntara ya Bujumbura neza na neza muri komine ya Mutimbuzi, kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 05 Gitugutu 2022, aho baramutse biyakirira Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo, aherekejwe n’Umunyabigega Zeno Ndaruvukanye ari munama y’Inararibonye mu Mugambwe CNDD-FDD, asanzwe ari n’imvukira yo mur’iyo Ntara ya Bujumbura, n’Abanyamabanga ntunganyabisata batatu.

Ibirori bikaba vyatangujwe n’ibikorwarunsangi vyo kubaka ingoro y’Umugambwe CNDD-FDD ya komine Mutimbuzi, aho bikaba biboneka neza ko abenegihugu bavyitavye banezerewe kubona indongozi zabasanze ku kivi.
Inyuma y’ivyo bikorwarusangi baciye bishikira ahabereye ibirori nyezina,vyo kwakira abanwanyi bashasha binjiye mu Mugambwe CNDD-FDD, bagera ku bihumbi bine n’amajana umunani (4800). Abo bagumyabanga bashasha bakaba bari abo mu makomine ya Mutimbuzi, Isare na Mubimbi. Bakaba baje bavuye mu migambwe itandukanye yemewe n’amategeko mu Burundi.

Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo mw’ijambo yashikirije yahaye ikaze abo bagumyabanga bashasha, yongera abahamagarira kuza baje ku kivi,kugira biteze imbere eka mbere bateze imbere n’igihugu.
Kubwiwe arashima ukuntu intara ya Bujumbura yifashe agashima n’umutekano ukuntu barushiriza kuwubumbatira, eka mbere akanabasaba kuguma bawucungera kubera umutekano ari karahara muruganda ntibacura. Yasubiriye arabasaba guha akanovera ibikorwarusangi kuko vyateye iteka Uburundi mu kubaka amashure, amavuriro,ibitaro n’ibindi kandi ari iragi rya sogokuru Petero Nkurunziza,aho yagireyeko abasaba kubakira ibikorwa vyabo kuri Sogokuru Petero Nkurunziza.
Yongeye arasaba kandi
Abagumyabanga bashasha kudakumira abo basize inyuma kubera nabonyene bazoza.
Yamenyesheje kandi abari ngaho ko umugambwe CNDD-FDD ari umugambwe wacunguye abarundi bose atanumwe avuyemwo biciye mu maraso y’abana b’uburundi bitanze kugira abarundi bidegemvye, biyumve ko bari mugihugu cabo.

Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo yarangije yemerera iyo Ntara ya Bujumbura ko azogaruka ku bagendera vuba binjiza abandi banwanyi narirya abashaka kwinjira ari beshi.

5 mars 2022

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *