Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yakeje Umwungere Mushasha wa Diyoseze ya Gitega
Non classé

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yakeje Umwungere Mushasha wa Diyoseze ya Gitega

Mu butumwa yarungikiye Nyenicubahiro Musenyeri wa Diyoseze ya Gitega, Umunyambanga Mukuru w’Umugambze CNDD-FDD yagize ati: 

“​​Umugambwe CNDD-FDD wakiranye agahimbare kenshi inkuru nziza y’ingingo ibagena mu mabanga yo kuba umwepiskopi mukuru wa Diyoseze ya Gitega inyuma yaho Nyenubweranda Papa Fransisko yemereye ko Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA aja mu karuhuko.

Kwizina ry’umugambwe CNDD-FDD turabakeje bimwe bivuye ku mutima kuri ubwo bwizigirwa Ekleziya Gatorika yaraye iberetse inyuma y’imyaka itari mike yari iheze murongoye neza Diyoseze ya Rutana.”

Muri iryo baruwa nyene, Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo yongeye ati:” Abagumyabanga twese twariboneye ibikorwa vyiza mwakoreye abakirisu bakukira Diyoseze ya Rutana. Nta nkeka rero ko iryo teka ari ikimenyetso kigaragaza ko ivyo vyiza mwakoreye Ekleziya, Diyoseze n’abakirisu Imana yabaragije mu vy’umutima bibonwa neza na benshi. Turizeye ko imigenderanire no gufashanya hagati y’abakirisu n’indongozi za Ekleziya i Gitega n’Intwaro hamwe n’Umugambwe turongoye  bizobandanya bitsimbataye nk’uko vyari bimeze muri Diyoseze mwahora murongoye. “

Aca arangiza amwifuriza kuroranirwa muri aya majambo:”Umugambwe CNDD-FDD urasubiriye kubakeza, Nyenicubahiro Musenyeri Mwungere Mukuru mwagenwe ngo murongore Diyoseze Nkuru ya Gitega, kandi tubipfuriza kubandanya muroranirwa mu butumwa bwanyu, maze ivyiza mugiye kurangura bize birangwe kw’isi yose, izina ry’Imana Rugiravyose ribandanye rininahazwa hose, mu Burundi harangwe amahoro, ubumwe, urukundo, n’iterambere rirama.”

20 février 2022

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *