ITANGAZO RISOZERA IKORANIRO KAMINUZA RIDASANZWE RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KW’IGENEKEREZO RYA 24 NZERO 2021 RYABEREYE I GITEGA.
Amatangazo, Congrès, Evénements, Secrétariat Général

ITANGAZO RISOZERA IKORANIRO KAMINUZA RIDASANZWE RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KW’IGENEKEREZO RYA 24 NZERO 2021 RYABEREYE I GITEGA.

 

  1. Kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2020, Umugambwe CNDD-FDD watunganije Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe, rikaba ryabereye i Gitega, umurwa mukuru wa poritike. Ikoraniro ryabaye ku civugo :‘’BAGUMYABANGA, DUKOMEZE DEMOKARASI MU BURUNDI MU KWITORERA INDONGOZI’’
  • Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe riri mu rukurikirane rw’amateka mashasha y’Igihugu n’Umugambwe CNDD-FDD, ryabaye Abagumyabanga bamaze imisi itatu imbere y’Imana nkuko vyafunditswe mw’Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe ryo ku wa 24 Nzero 2020 ko Amakoraniro yose y’Umugambwe CNDD-FDD yo gutora indongozi hazohora habanza amasengesho y’imisi itatu.
  • Iryo Koraniro Kaminuza ryuguruwe n’igisabisho mpuzamadini cakurikiwe n’ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu c’Uburundi haherukira ururirimbo ruhayagiza umugambwe wacu CNDD-FDD.
  • Ku barekuriwe kwitaba Ikoraniro Kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD nkuko biri mu mategeko ntunganyamugambwe na ntunganyabikorwa, hitavye 983 kuri 1041 ni ukuvuga ibice 94,43%, birenga na kure ibisabwa n’amategeko kugira ikoraniro kaminuza risase.
  • Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD ahejeje kwugurura icese Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe, Abagumyabanga bagize Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe baciye baja mu bikorwa nyezina.
  • Nk’uko amategeko ntunganyamugambwe na ntunganyabikorwa abitegekanya, uwukuriye abandi mu nzego z’igihugu niwe arongora Inama Nkuru y’inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD. Hisunzwe iyo ngingo, vyamenyeshejwe Ikoraniro Kaminuza ko Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE EVARISTE ariwe arongoye Inama Nkuru y’Inararibonye.
  • Mu ntumbero yo kuzuriza inzego z’Umugambwe CNDD-FDD hisunzwe amategeko ntunganyamugambwe na ntunganyabikorwa, hatanguye igikorwa co gutora umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD hakaba hatowe umugumyabanga NDIKURIYO REVERIANO yaciye ararahira imbere y’Ikoraniro Kaminuza nkuko biri mu mategeko  ntunganyamugambwe na ntunganyabikorwa.
  • Inama Nkuru y’Inararibonye imaze kuzurizwa, abayigize bagenye Umunyamabanga Ntunganyabisata w’Umugambwe CNDD-FDD ajejwe iterambere ry’igihugu n’abenegihugu mu gihe uwahahora (Nyeniteka Emmanuel Sinzohagera) yashinzwe amabanga ahambaye mu gihugu (Umukuru w’Inama Nkenguzamateka). Umugumyabanga MVUYEKURE LAZARO yizewe bamweretse abari mw’ ikoraniro Kaminuza, akaba yaciye arahira imbere y’Inama Nkuru y’Inararibonye nk’uko bitegekanywa n’amategeko ntunganyamugambwe na ntunganyabikorwa.
  • Ikoraniro Kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD ryashikirijwe  ingingo y’Umurwi ujejwe kuraba inyifato ibereye mu Mugambwe CNDD-FDD, iyo nayo ikaba yemerera abagumyabanga Nyabenda Déo  ava mu ntara ya Ngozi na Sorongo Yollande ava mu ntara ya Ruyigi gusubizwa mu ruhongore. Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe ryaberereye i Gitega ku wa 24 Nzero 2021 ryabemereye  gusubizwa mu ruhongore rw’Abagumyabanga.

Ku bijanye naho Umugambwe CNDD-FDD uhagaze ku migenderanire hagati y’Igihugu c’Uburundi n’amakungu :

  1. Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe ryongeye kwemeza ko imigenderanire n’ibindi bihugu yisunga ubwigenge bw’ibihugu, ukwubahana hagati y’ibihugu no gufashanya guhagaze ku nyungu za bose ata bugunge.

Umugambwe urashima Reta y’Uburundi n’abayishigikiye mu rugamba yagize gushika aho Uburundi buvanwa ku rutonde rw’ivyirwa n’Inama y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU (Conseil de Sécurité des Nations Unies) hamwe n’ izugukuvanwako  ibihano vy’agahotoro  n’akarenganyo ku Burundi vyari vyafashwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ry’Umuryango w’Abavuga ururimi rw’Igifaransa (OIF)

  • Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’intambwe ugezeko mu guteza imbere imigenderanire n’iyindi migambwe mu bihugu bigenzi, ukiyemeza kubandanya na ntaryo urondera kwunga ubucuti n’iyindi migambwe.
  • Umugambwe CNDD-FDD uhamagarira ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyo mu biyaga binini CIRGL na SADEC guhaguruka kugira rikurikirane ikibazo c’Umutekano muke uri muri Mozambique.
  • Umugambwe CNDD-FDD urararikiye Abenegihugu bo muri Repuburika iharanira demokarasi ya Congo, nk’abavukagihugu gufata iyambere mu  gukinga kugira igihugu cabo ntikirwe mw’isanganya.
  • Ku kibazo c’ikiza kibangamiye isi Corona virusi, Umugambwe CNDD-FDD urashigikiye cane ingingo zose Reta Mvyeyi Reta Nkozi yafashe mu gukingira igihugu, Ikoraniro Kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD riboneyeho no gushimira cane isekeza ryabaye kirumara muri iryo hangiro ryo gukinga ico kiza muri ca civugo Ndakira, sinandura kandi sinanduza corona virus .

Ikoraniro Kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD ryashimiye bivuye ku mutima abagenzi ba Reta y’Uburundi bayifashije muri urwo rugamba rwo kurwanya ikiza ca corona virisi.

  • Ikoraniro Kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD rirashima ko Inzego z’igihugu zitorewe n’abenegihugu zagiyeho kandi zimaze kurama; Abarundi bose bakaba bari ku kivi co kugwanya ubukene.

Ikoraniro Kaminuza riranezerejwe kandi n’uko n’impunzi zitari zifise umwizero, ubu zamaze kubona ko ibintu vyagiye mu buryo zikaba ziriko zirataha ku bwinshi.  Umugambwe CNDD-FDD ukaba urarikiye abagumyabanga bose kwakirana urweze abahunguka.

  • Ku bijanye n’aho Umugambwe CNDD-FDD uhagaze ku migenderanire hagati y’Igihugu c’Uburundi n’Igihugu c’Urwanda,  Umugambwe CNDD FDD uramenyesheje Abarundi n’Amakungu y’uko Uburundi ata ngorane nyinshi bufitaniye n’ico gihugu gisanzwe ari Igihugu kibanyi c’Uburundi,mugabo kubera ivyabaye mu mwaka wa 2015, hari ibintu Uburundi busaba Urwanda kugira ngo icipfuzo co kunagura imigenderanire kije mu ngiro. Ivyo navyo ni :
  • Ukubandanya bworohereza impunzi z’Abarundi bahungiye muri ico gihugu kugira ngo bashobore gutahuka mu gihugu cabo amahoro, ivyo navyo bikaba biriko biraja mu ngiro.
  • Ugutanga abagirijwe gushaka gutembagaza ubutegetsi mu gihugu c’Uburundi bahungiye mu Rwanda, mu mwaka wa 2015, kugira ngo barenguke imbere y’Ubutungane mu gihugu c’Uburundi.
  • Ugutanga atagisabwe abicanyi 19 bateye Uburundi mu kwezi k’wicenda baca basubira iyo baje bava hanyuma barafatwa n’ico gihugu.

Umugambwe CNDD-FDD, ubineyeho gushima ingendo Reta y’Uburundi yafashe yo kwegera Reta y’Urwanda ikayereka y’uko ata kindi yipfuza atari umubano mwiza n’ugutunganirizwa mu vyo isaba. Umugambwe CNDD-FDD urashima intambwe ibiganiro hagati y’ivyo bihugu bibiri igezeko. 

  • Ku vyerekeye imigenderanire hagati y’igihugu c’Uburundi n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’intambwe yo kwegera Reta y’Uburundi kugira ngo bigire hamwe ingene imigenderanire y’Uburundi n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya yonaguka. Umugambwe CNDD-FDD urateye intege uwuserukira Iryo Shirahamwe ng’aha mu Burundi ari kumwe n’Abaserukira Ibihugu bihurikiye muri iryo Shirahamwe nyene kuri iyo ntambwe bateye.

Ukabandanya usaba Reta y’Uburundi gukomeza iyo ngendo kugira ngo ngo iyo migenderanire ishobore gusubira ku rugero yahozeko no gukomera birushirije. Muri iyo ntumbero Umugambwe CNDD-FDD ukaba wizeye ko vya bihanovy’agahotoro n’akarenganyo vyari vyarafatiwe Uburundi niryo shirahamwe rya Buraya mu mwaka wa 2016 vyokurwaho na bwango.

Ikindi Umugambwe CNDD-FDD usaba Reta y’Uburundi, ni uko hobaho ibiganiro (dialogue) hagati y’Uburundi co kimwe n’ibindi bihugu bihurikiye mu muryango wa Africa, Caraibes na Pacifique (ACP) n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya. Kubijanye  n’isubirwamwo ry’Amasezerano y’i Cotonou. Ayo masezerano y’i Cotonou kuko yamaze kurenza ikiringo c’imyaka mirongo ibiri yari yahawe kanadi akaba yategerezwa gusubirwamwo uko imyaka 5 itashe. Mu mwaka uheze wa 2020 yararangiye.

  • Ku bijanye n’ugukorera hamwe mu Mashirahamwe yo mu karere, Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’ingingo ya Reta y’Uburundi y’Ukwemeza ishirwa mu ngiro biciye mw’ibwirizwa ritomora ingene Uburundi buzohora bukorera mu Muryango ujejwe Ubutunzi w’Ibihugu vya Afrika yo hagati (CEEAC mu mpfunyapfunyo y’igifaransa). Akarusho Uburundi bukura mu kuba muri uwo muryango, kajanye n’ugukorera hamwe  be n’ugushikigikirana ; ukworoherezwa mu bijanye n’uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu mu bihugu bihurikiye muri uwo muryango , ugutera imbere kw’urudandazwa hagati y’ibihugu, ugushigikirana mu migenderanire myiza mu vya politike, n’ibindi. 

Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko gutera intege Reta y’Uburundi mu ngendo y’ukubandanya iteza imbere Uburundi mu bijanye n’imigenderanire n’Amashirahamwe yo mu karere, ukanashimira   Reta ivyo imaze kurangura mu kurondera kwinjizwa mu muryango w’Iterambere ry’Ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’amaja epfo (SADC mu mpfunyapfunyo y’icongereza).

Umugambwe CNDD-FDD uremera kandi urashigikiye ishirwa mu ngiro ry’isoko rusangi ku rwego rwa Afrika (Zone de Libre Echange Continental) kuko bifasha ihanahana ry’abantu n’ibintu, ivyo navyo bikaba ari bimwe mu bituma ubutunzi bw’Igihugu bunaguka.

Umugambwe CNDD-FDD urahimirije Reta y’Uburundi kubandanya igira akigoro ko kwitunganya, mu gutegura ibidandanzwa bizoshorwa mu karere mu gihe ikirindiriye y’uko Uburundi bwemeza ishirwa mu ngiro ry’amasezerano  agenga iryo soko(ratification).

  1. Ku bijanye n’amatora aherutse kuba mu bihugu vy’Ubuganda na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Umugambwe CNDD-FDD urakeje cane abizewe n’Abenegihugu b’ivyo bihugu, abo nabo akaba ari Perezida Yoweri Kaguta Museveni mu Buganda yari yashizwe imbere n’umugambwe NRM (National Resistance Movement) mu gihugu c’Ubuganda, hamwe na Perezida Joe Biden  yari yashizwe imbere n’umugambwe w’aba democrate muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umugambwe CNDD-FDD ukaba uteye intege Reta y’Uburundi kwegera abo batowe kugira ngo imigenderanire yari ihansanzwe ibe myiza kurushiriza. Gutyo ukizera ko n’ikibazo c’ibihano vyafatiwe Abarundi n’igihugu ca Amerika  gitorerwe inyishu burundu.

Muri iri koraniro kaminuza ridasanzwe, intumbero zitari nke zatanzwe :

  1. Abagumyabanga baronkejwe impanuro ku nyifato ibereye mu ntumbero yo gukomeza akarangamutima k’Umugambwe. Abagumyabanga bakaba basabwe kuguma bunze ubumwe  biciye mu runani rw’amashirahamwe y’iterambere ku kivi .
  2. Bibukijwe kandi kubandanya bikingira ca kiza corona virisi, bagakingira  imiryango ababanyi eka n’Uburundi bwose mu kwitwararika gukurikiza impanuro zitangwa n’abahinga bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.
  3. Abagumyabanga nabo bashimiye bimwe vy’imva mutima abagize Ubuserukizi Bukuru bw’umugambwe CNDD-FDD n’inzego zibukurira uko bagenda bitwararika kurangura mu bwira n’ubwitonzi ibikorwa vyo kuyobora abagumyabanga ata nkunzi, ata mpinga yanje na kamwana wa mama mu nzira yo kubategurira ukwitunganiriza ivyabo. Abagumyabanga bashimye kandi ingendo nziza y’inzego z’umugambwe yo kwegereza ubutegetsi abenegihugu bari mu mitumba no kubigisha ubwenge n’ubuhinga bibaha ububasha bwo kwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere.

Ku bw’Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe

ryabereye i Gitega, ku wa 24 nzero 2021

Hon Reveriyano NDIKURIYO

UMUNYAMABANGA MUKURU.-

24 janvier 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *