Umugumyabanga Reveriyano Ndikuriyo yatowe ngo abe  umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD
Non classé

Umugumyabanga Reveriyano Ndikuriyo yatowe ngo abe umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

Umugumyabanga Reveriyano Ndikuriyo, asanzwe yarizewe n’abenegihugu bo mu tara ya Makamba ngo abaserukire mu nama nkenguzamateka mu matora aheruka yo mu 2020, niwe Abagumyabanga bagize Ikoraniro Kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD batoye ngo abarongore nk’Umunyamabanga Mukuru. Aho hari mw’Ikoraniro Kaminuza ryatunganijwe n’Umugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa 24 Nzero 2020 ku civugo: «Bagumyabanga dukomeze Demokarasi mu Burundi mu kwitorera indongozi »

Abagumyabanga 983 ku 1041 bari babirekuriwe n’amategeko ntunganyabikorwa na ntunganyamugambwe nibo bitavye iryo koraniro Kaminuza ni ukuvuga ibice 94,43 % mugihe amategeko ategekanya 60% kugira ikoraniro Kaminuza risase, nk’uko biri mw’itangazo risozera iryo karaniro ryasomwe n’Umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe kumenyesha no guhanahana amakuru mu mugambwe CNDD-FDD, Nancy Ninette Mutoni.

Imbere  y’itorwa ry’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe habanje kumenyeshwa ko Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito ari we arongoye urwego rw’Inama Nkuru y’Inararibonye nk’uko amategeko abitegekanya ko Uwukuriye abandi mu nzego z’igihugu ari we arongora urwo rwego.

Iyindi ngingo yafashwe muri iryo koraniro n’Inama Nkuru y’Inararibonye ni ukwereka abitavye uwagenywe kuba Umunyamabanga Ntunganyabisata ajejwe iterambere ry’igihugu n’abenegihugu, Hon Mvuyekure Lazaro yasubiriye Nyeniteka Sinzohagera Emmanuel yizewe n’abakenguzamateka ngo abarongore muri iki kiringo ca 2020-2025. 

Iryo koraniro ryari ryatewe iteka n’abagenzi n’incuti z’Umugambwe CNDD-FDD zo mu Burundi no hanze y’Uburundi.

24 janvier 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *