IJAMBO RY’INTANGAMARARA RYO KU WA 25 RUHUHUMA 2020
Communiqués de presse, Communiqués et Déclarations, Espace Presse, Politique

IJAMBO RY’INTANGAMARARA RYO KU WA 25 RUHUHUMA 2020

 

  1. Tubanje gushimira Imana Mushobora vyose yadushikanye uwu musi turi bazima,twishira tukizana mu gihugu gitotahaye kirimwo amahoro n’amahonda, n’umutekano irakaninahazwa ibihe bidashira.

 

  1. Kuru uyu musi igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2020, Umugambwe CNDD-FDD uri n’akanyamuneza kenshi ko kumenyesha Aburundi n’Amakungu ko ko duhejeje gushikiriza Umugwi w’Igihugu ujejwe gutunganya Amatora CENI, ibisabwa n’amategeko vyose abahiganirwa iteka ryo kurongora igihugu, nk’uko biri mu mategeko agenga amatora, no muri ca kirangamisi c’ingene ibikorwa vy’amatora bikurikirana.

 

  1. Turashimiye Abagumyabanga bose, bo, baciye kubabaserukira mw’Ikoraniro Kaminuza batwizeye bakadushira Imbere ngo tubahagararire mw’ihiganwa mu Kibanza c’Umukuru w’Igihugu.

 

Tuboneyeho akaryo ko gushimira bivuye ku mutima abo bose babandanya bagaragaza umunezero ko badushigikiye, tugakengurukira Abarundi n’Abanyamahanga barungitse ubutumwa bwo kudukeza.

Ivyo bikaba vyaduteye intege ko tudatamba twirorera.

 

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa cane rero n’iki kiringo ciza turimwo, aho abanyamigambwe n’abigenga bose bariko bitegurira amatora bashize hamwe, batekanye, mu mwumvikano no kuja inama. Ivyo bikaba ari imbonekarimwe mugihugu cacu!

 

Ni naco ikimenyetso kitabesha ko demokarasi yashinze imizi mu gihugu c’Uburundi ubutagisubira inyuma kandi ko n’abarundi bakuze mu vyiyumviro vya poritike.

 

  1. Uwo mwumvikano kandi turawubona mu benegihugu, basenyeye ku mugozi umwe, biteguriye amatora bari ku kivi.

Birahimbaye kubona baguma bitabira imigambi y’iterambere rirama myinshi iriko irangurirwa mu ma koperative.

Tukaba tukaboneyeho gutera akamo abarundi bose kubandanya gukorera mu ma koperative kugira ngo Leta biyorohere gusahiriza muri iyo migambi.

Ntawutazi ko « imiti ikora ikoranye » kandi ko « nyamwigendako atarimira impeshi »

 

Turakeje reta y’Uburundi yashize inguvu zayo mu guteza imbere Abenegihugu, hisunzwe imigabo n’imigambi Umugambwe CNDD-FDD washikirije  abenegihugu mu matora 2015. Iyo migambi nayo ikaba yari ishimikiye ku ngingo ngenderwako mu karangamutima k’umugambwe CNDD-FDD : « Iterambere rikomoka ku mwenegihugu rikongera rikamugarukako ».

Ni intambwe ikomeye rero mu gushikira ubuzima bwiza bw’abenegihugu.

Bikaduha kandi n’icizere ko no muri iki kiringo buca gitangura Umugambwe CNDD-FDD uzoshikane abenegihugu ku zindi ntambwe mw’Iteka, Itekane n’Iterambere ridakumira.

Turi kumwe twese birashoboka.

  1. Ku kaba nkako, n’aho hari Imigabo n’Imigambi mishasha Umugambwe CNDD-FDD utegekanya kurangura mu kiringo c’imyaka indwi, turemera kandi turemanga ko tutaje kumena umushike kuko harakozwe vyinshi muri iyi myaka cumi n’itanu Umugambwe CNDD-FDD umaze uramutswa Uburundi.

 

Umugambwe CNDD-FDD ukaba uzobashikiriza ido n’ido ry’Imigambi washize imbere mu gihe categekanijwe n’umurwi w’Igihugu ujejwe amatora CENI mu gihe c’imyiyamamazo.

 

  1. Dushimiye kandi Reta ko mu ntumbero yo kwegereza ubutegetsi abenegihugu yafashe ingingo yo guhindura intara ya Gitega umurwa mukuru wa poritike, aho ibisata vyayo bizoca vyimurirwa, na cane cane ivyo abenegihugu bakenera kwitura gusumba ibindi.

 

Muri uwo mugambi nyene turashimira Reta ku ngingo yafashe yo guha imitahe amakoperative kugira ngo atangure ibikorwa vyo kugwiza umwimbu mu burimyi n’ubworozi.

 

  1. Muri iki kiringo rero, duhamagariye abanyeporitike n’abigenga gukora bisunze amategeko, babandanye baharanira umwumvikano no kubana neza mu butandukane bw’ivyiyumviro vya poritike. Kuko twese turi mu ngovyi imwe kandi dusangiye ubutumwa bwo gutunganiriza abenegihugu.

 

  1. Turashimiye kandi abaserukira abenegihugu biyumviriye bongera baremeza ko Umukuru w’igihugu ahari ubu yoterwa iteka ryo kuba Imboneza nkuru mu kuzirikana, gukunda no gukundisha igihugu. Ivyo bikerekana ko abenegihugu bashima ivyo yaranguriye Uburundi n’Abarundi, na cane cane twebwe abagumyabanga twari twamwizigiye tukamushira imbere kugira ngo abe ariwe arongora igihugu kuva mu 2005.

Natwe twongeye kumukeza. Kugira umuvyeyi w’igihugu ni akatabonabose.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’igikorwa c’iteka kiriko kirangurwa n’umurwi ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha Abarundi CVR, mu ntumbero yo kwubaka kazoza tuzi neza kahise kacu.

 

Ni ngombwa ko haboneka umuco ku mabi yanyoshe Uburundi. Abarundi babane , banywane bisunze Ukuri kubavuyemwo. Turashima ubuhinga, ubukerebutsi, ubwira n’ubwitonzi uwo murwi uriko urarangurana ibanga igihugu cawuhaye.

Aha abarundi bomenya ko bategerezwa kumenya kahise kabo ariko bakaguma bazirikana ko batoguma ari imbohe z’ivyabaye bibi mu gihugu cacu.

Twongeye guhamagarira abeneburundi kubandadanya bashigikira igikorwa c’abo bahinga mu gutanga amakuru yose  bafise kuri kahise.

Tukaba kandi dusaba Abarundi kuvavanura n’ingendo y’ugufatira ibintu mu kivunga.

Abo nabo bariko barwanya ibikorwa vy’uwo murwi, turabasavye bikubite agashi, bibuke amagorwa kino gihugu cagowe, amarira n’ingorane vyavyawe no gukangarizako. Ni duhaguruke twese, tugayire hamwe amabi yakorewe abarundi benewacu, gutyo n’abo ayo mabi yakozeko babone kurema.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimiye abenegihugu b’abarundi ko batahuye ko akamuntu kamara iyagwe, baterera atagahato amatora, uburyo bukwiye bukaba bukwiye turarinze kuzera inze.

Mu bumwe bwacu twitorere indongozi zidushikana kwiterambere rirama twimbure umusesekara.

Ubu biramaze kugaragara ko Abarundi bashoboye kwitunganiriza ivy’igihugu, harimwo no kwiteza imbere batarinze kuzera inze.

Igikorwa co guterera amatora carerekanye ko Abarundi bipfuza kwerekana ko igihugu cikukiye vy’ukuri, kandi ko ak’imuhana kaza imvura ihise. Ivyo kandi bibonekera mu ntunganyo y’amafaranga igihugu gikoresha ku mwaka ku mwaka  aho ubu 90% biva mu mwimbu w’igihugu, ivyo bikaba vyatanguye kuva aho bamwe mu bahora bafasha Uburundi bahagarikiye imfashanyo.

Twarabonya rero ko Turi kumwe twese vyose bishoboka.

  1. Turasubiye gutera akamo abarundi bari mu mahanga batahuke, nabo dusangire ikivi co guteza imbere igihugu dufatanye mu nda.

 

  1. Umutekano ni karahara mu ruganda ntibacure ; duhamagariye abarundi bose atawuvuyemwo kubandanya babumbatiye amahoro n’umutekano, bazibire ibihengeri vyose abansi ba demokarasi ntibaducemwo.

 

  1. Dusavye kandi abagumyabanga n’abarundi bose bakwije ibisabwa n’amategeko kwitaba amatora mu ntumbero yo kwihitiramwo indongozi biyumvamwo no gutsimbataza demokarasi.

 

  1. Duhamagariye abagumyabanga, abakenyererarugamba, Imbonerakure n’abahumure b’umugambwe CNDD-FDD kuguma bafatanye mu nda, babere akarorero abandi mu kubumbatira amahoro n’umutekano, mu kwirinda ababasotora, mu kubana neza n’abanywanyi b’iyindi migambwe, mu kwubahiriza amategeko y’igihugu, no kwama baba imboneza mu guharanira iterambere ry’igihugu.

Ku ruhande rwacu natwe, nk’uwuzoserukira abagumyabanga mw’itora ry’umukuru w’igihugu, tubemereye ko, nitwizerwa n’abarundi, kuzogendera akarangamutima k’umugambwe mw’iterambere ry’igihugu no kuzorangurana ubwira n’ubukerebutsi imigabo n’imigambi umugambwe CNDD-FDD uzoba washize imbere.

 

  1. Mu kurangiza, Umugambwe CNDD-FDD urasubiye kwibutsa ko uburongozi bwose buva ku Mana kandi ko hatorwa uwambere mu bangana, mu bazohiganwa mu bibanza bitandukanye, twibukanye ko uwipfuza kurungora Abarundi abisaba Abarundi bo bene Igihugu biciye mu matora, batabimwemereye agashira aho intahe ishize.

 

Murakoze.

 

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 25 Ruhuhuma 2020

UMUNYAMABANGA MUKURU

G-M NDAYISHIMIYE EVARISTE

25 février 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *