Umugambwe CNDD-FDD ubandanya uhurumbirwa na bose mu ntara ya Muyinga
Non classé

Umugambwe CNDD-FDD ubandanya uhurumbirwa na bose mu ntara ya Muyinga

 

Abagumyabanga ntibasiba kugaragaza umunezero wabo inyuma yaho Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe ry’Umugambwe CNDD-FDD ritoreye Gen Maj Varisito Ndayishimiye azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.Mu ntara ya Muyinga, muri komine Giteranyi kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2020, hari haramutse ibirori vyo kwiginana vyatunganijwe n’umuhari w’imbonerakure. Ivyo birori vyatewe iteka n’icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD umukenguzamateka Yozefu Ntakirutimana.

Hon Cyprien Sinzotuma umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Muyinga mw’ijambo ryiwe yarashikirije ubutumwa bwo gukeza Umunyamabanga Mukuru ati :῝Ubuserukizi bw’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Muyinga,kw’izina ry’abagumyabanga bose bo mu ntara buri n’iteka ntangere ryo gukeza umunyamabanga mukuru Gn Maj Evariste Ndayishimiye kw’iteka yaraye atewe akizigirwa n’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe CNDD-FDD ryabereye ku murwa mukuru wa poritike I Gitega kw’igenekerezo rya 26 Nzero 2020 ngo azoserukire mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuri 20 rusama 2020. Abagumyabanga bose bo mu ntara ya Muyinga bamenyesheje ko bamushigikiye bakazovyerekana mu guhunda amajwi umugambwe CNDD-FDD. Imana mushobora vyose izomuje imbere῎

Ivyo birori vyo kwigina umukandinda hamwe no kwiginana vyatangujwe n’urugendo rwatanguriye ku mutumba wa Mihigo gushika kw’ishure ryisumbuye  rya Giteranyi. Mu majambo yashikirijwe, indongozi zose zarashimye ingene umugambwe washinze imizi mu ntara, kandi ubandanya uhurumbirwa na bose, abakuze n’abato..

Mw’ijambo uwurongoye umuhari w’imbonerakure mu ntara ya Muyinga Shabani Nimubona yashikirije yamenyesheje ko imbonerakure zihagaze neza muri iyo ntara kandi ziri ku kivi co guteza imbere igihugu, yarashimye komu ntara ya Muyinga harangwa amahoro n’umutekano  kandi ko umubano n’iyindi migambwezifashe neza naho agasotoro katabura mugabo hakaba kwihangana.

Shabani Nimubona yarongeye ati : «  muri ino ntara nziza ya Muyinga  mbonerakure zirarima zikimbura zikorora ibitungwa bitandukanye, turaronka ivyo twifashisha mu miryango yacu eka tukanafasha na ba ntahonikora, n’abarwayi

Uwurongoye Imbonerakure mu ntara ya Muyinga yarangije  ijambo ryiwe ahanura imbonerakure kumenya ibihe bagezemwo ntihagire uwusamazwa n’ibi canke biriya ahubwo babandanye bicisha bugufi bategura neza amatora bari ku kivi.

Umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Muyinga Hon Cyprien Sinzotuma  yarashimiye icegera c’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe ku kigoro yagize ko kwifadikanya nabo muri ivyo birori,yongera arashimira nabaje bose.Yarashimiye Reta ku mugambi wo gushikiriza ingurane y’imiriyoni cumi y’amafaranga y’abarundi yashikirijwe amakoperative SANGWE ku mitumba  ati nta yindi reta yaribwigere ivyiyumvira ni imbonekarimwe mu buzima bw’igihugu c’Uburundi.

Hon Sinzotuma yaramenyesheje kandi ko mu ntara ya Muyinga mu ntumbero yo gushigikira ayo ma koperative, imvukira zagiye hamwe mu butandukane bw’ubuzi bakora baratanga intererano igera ku mafaranga y’amarundi 57 500 000. Akizera rero ko bizosahiriza abanywanyi bama koperative mu kurangura imigambi biteguriye.

Icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Hon Yozefu Ntakirutimana mw’ijambo ryiwe yashimiye ko iyo ntara yarungitse abaja mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe bashigikiye umunyamabanga mukuru mu gutorwa nk’umukandinda w’umugambwe mu matora ya 20 Rusama 2020 y’umukuru w’igihugu.Yamenysheje ko icatumye bashikira muri komine Giteranyi aruko hari abenegihugu benshi bangana nabo mu ntara zimwe zimwe zigize igihugu kandi hakaba hari abagumyabanga benshi.Yarabakeje kubera bimbura bakagaburira abandi benegihugu bo mu zindi ntara.

Icegera c’umunyambanga mukuru Hon Joseph Ntakirutimana yarahagarikiye igikorwa giteye igomwe co kwakira abanywanyi bashasha b’umugambwe CNDD-FDD muriyo komine. Abo bashasha binjiye bakaba bagizwe na 128 bavuye muri CNL,1 avuye muri FRODEBU,4 bavuye muri UPRONA hamwe 1074 basubijwe mu mugambwe inyuma yaho bahungutse bava mu bihugu bibanyi.

Mu gusozera ibirori vyuyo munsi haciye hatangwa imfashanyo y’ibifungurwa  kuri ba ntahonikora 100 bo muriyo komine.

Imbonerakure kubw’ibikorwa zikora bishimishije barashikirijwe nabo imyambaro yo gukina umupira w’amaguru.

21 février 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *