Umugambwe CNDD-FDD watanguje icese isekeza ryo gutera ikawa n’amavoka mu ntara ya Butanyerera
Non classé

Umugambwe CNDD-FDD watanguje icese isekeza ryo gutera ikawa n’amavoka mu ntara ya Butanyerera

Bagiwe imbere n’Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo, n’abandi bagize Ubuserukizi bukuru bw’Umugambwe, abagumyabanga bo ku Mutumba Ngoma, zone Ngoma, muri komine Tangara yo mu ntara ya Butanyerera, ni bo batanguje umugambi wo gutera ikawa, aho bateye imivyaro y’ibiti vy’ikawa ingana 1892 yatewe k’uburinganire bwababa ihegitari, kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 9 Kigarama 2023.
Abagumyabanga bo kuri uwo mutumba bakaba bategekanya gutera igipimo c’ikawa gifise uburinganire bwa hegitari z’itatu (3).
Nyeniteka Ndikuriyo Reveriyano yamenyesheje ko umugambwe wahagurukiye uwo mugambi wo kurwiza igiterwa c’ikawa, mu ntumbero yo gukingira ibidukikije no kugwiza umwimbu w’ibiterwa njabukamazi. Kubwiwe, mu myaka itanu iri imbere, ikawa izoshoka hanze, amahera mvamakungu izokwijiza mu Burundi azoba ahuye n’ayo dushobora kugura ibitoro. Yagize ati: « Ikawa dutegerezwa kuyisubiza iteka ». Aca asaba abagumyabanga kugira uwo mugambi uwabo.
Inyuma yo gutera ibiti vy’ikawa ku mutumba Ngoma, Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yabandanirije ibikorwa ku mutumba #Gisuka muri komine Kiremba aho yifadikanije n’ mu bikorwa vyo gutera ibiti vy’amavoka y’akarorero 210. Ivyo biterwa bikazokurikiranwa neza mu buryo bwa kijambere kuko ayo mavoka azoshorwa hanze y’igihugu kugira ngo nayo nyene yinjize amafaranga mvamakungu, ikigega c’igihugu kibomboke. Kuri uwo Mutumba nyene bakaba bategekanya guha abagumyabanga imivyaro y’amavoka 590 bazotera ku matongo yabo.
Mwomenya ko muri ivyo bikorwa, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka Ndikuriyo Reveriyano yari yaherekejwe n’Umunyamabanga Ntunganyabisaba ajejwe Intwaro, poritike n’amategeko mu mugambwe CNDD-FDD Hon Muhirwa Jean Marie, Umunyamabanga Ntunganyabisaba ajejwe iterambere Hon Martin Nivyabandi, Umunyamabanga Ntunganyabisata ajejwe imibano, akaranga n’imico kama Mbarushimana Calinie n’umunyamabanga Ntunganyabisaba ajejwe imihari ikomoka k’umugambwe CNDD-FDD Hon Denis Karera. Umuhuza w’abarundi n’Umushikiranganji wo kwivuna abansi no gushigikira abahoze ku rugamba, basanzwe bavuka mu ntara ya Butanyerera, nabo nyene bari bahishikiye.
9 décembre 2023

About Author

BANGEL


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *