Umugumyabanga wese asabwa kuguma mw’isezerano ry’Imana n’Umugambwe CNDD-FDD.
Actions de grâce, Arts & Culture, Kirundi, Politique

Umugumyabanga wese asabwa kuguma mw’isezerano ry’Imana n’Umugambwe CNDD-FDD.

Nk’Umugambwe washize Imana imbere, buri wa kane wa nyuma w’ukwezi, Umugambwe CNDD-FDD wama utunganya amasengesho mpuzamadini mu ntumbero yo kuzigama no kwibukanya isezerano ry’Imana n’Umugambwe CNDD-FDD.  Mu ngoro nkuru y’umugambwe CNDD-FDD iri mu Gisagara ca BUJUMBURA, amasengesho yo kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 26 Gitugutu 2023, yari yatewe iteka n’Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka Révérien NDIKURIYO ari kumwe n’Icegera c’iwe Hon Cyriaque Nshimirimana.   Ayo masengesho yari yatunganijwe ku civugo ngo : « Imana igirira neza abazigama isezerano», catowe hisunzwe ijambo ry’Imana riri muri Bibiliya nyeranda mu Gusubira mu vyagezwe 28:1-7,13-20.

Mw’ijambo ryiwe, Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo yahamagariye Abagumyabanga kugendera iragi ry’abitangiye igihugu,  kuko ari bo batumye uyu musi Uburundi bwitwa igihugu ; ati: « Iyo turiko turasesagura itunga canke tukirengagiza gutunganiriza Abarundi benewacu, tuba turiko turatoneka inkovu z’abatanze ubuzima bwabo ngo Uburundi bwogorore, Abarundi bidegemvye.»

Yasavye abagumyabanga kandi, umwe umwe wese kwirimbura akaraba ko akiri mw’isezerano ry’Imana kandi ko akirigendera, hanyuma akirinda gukora ivyaha, gutyo bikamufasha kumenya ko yakoze icaha iyo acumuye, akabona no kwihana. Arabasaba kwirinda guhemukira isezerano bemereye Imana n’umugambwe CNDD-FDD no kutatura amajambo mabi ngo bakwegere umuvumo igihugu c’Uburundi. Agasaba na canecane abahumure kutagenda baratura amajambo mabi ngo bakwegere amahano n’umuvumo igihugu n’uruvyaro rwabo (Imbonerakure) nk’uko abakurambere bo muri Isiraheli babigize mu gihe c’urubanza rwa Yesu, aho Pilato yamwejeje nabo bagasemerera bagarariza bati: « Amaraso yiwe arakadukurikirana twebwe n’abana bacu. »  Akavuga ko bitangaje kubona abatama bakwegera amahano urwaruka rw’abana atakibi bigeze bakora, ataco bazira kandi batari bazi n’ibiriko biraba muri ico gihugu ca Isiraheli.

Umugumyabanga mukuru yasavye abagumyabanga kuba intwari na bugingo ukukwezi kw’icumi kwahariwe incungu z’igihugu ; kandi hegereje guhimbaza indwi yahariwe Intwari ku rugamba rw’amahoro na demokarasi mu Burundi. Akavuga ko atawoshobora kuba intwari atagize igihugu umugenzi wa mbere, ari naco gituma abagumyabanga bategerezwa gukunda no kwigura igihugu, bakarengera imbibe z’imiryango batunze, bakagwanira igihugu, kikaba ari co bagira umugenzi wa mbere.

Umuvugabutumwa Pasteur Vénant Nahimana  yari yatumiwe muri ayo masengesho yatanze inyigisho afatiye kw’ijambo ry’urufatiro ry’ayo masengesho riri mu gitabo co Gusubira mu Vyagezwe : 28:1-7, 13 .

Uwo mukozi w’Imana yasavye abagumyabanga kwumvira isezerano ry’Imana no kwubahiriza ivyagezwe vyayo, kuko ari Imana yishura. Iyo abantu bumviye isezerano ry’Imana, bakubahiriza ivyagezwe vyayo, Imana irashitsa ivyo yabasezeraniye mu mwanya muto cane.

Abagumyabanga kandi basabwa kwubahiriza no gushira mu ngiro ivyo baba basezeraniye Imana. Akavuga ko iyo abantu badashize mu ngiro ivyo baba basezeraniye Imana biyaturiye bonyene ubwabo, Imana iheza ikabarandura mbere n’ababakomotseko bagashikirwa n’ayo mahano. Akaba yabasavye kwirinda kwatura amajambo mabi kuko ivyo abantu batura ku Mana ariwo mugabane wabo batorana.

27 octobre 2023

About Author

BANGEL


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *