Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo arabandanya kwishikira ku kivi mu ntumbero yo gusubiza akanovera ibikorwa rusangi, kuri munsi wagatandatu igenekerezo rya 05 Ntwarante 2022 yishikiye mubikorwarusangi mu Ntara ya Bujumbura muri komine Mutimbuzi, aho yifatikanije n’abenegihugu mu kubaka ingoro y’umugambwe CNDD-FDD ya komine Mutimbuzi.
Iyo ngoro y’umugambwe ikazokubakwa muburyo ba kijambere(étage), ikaba kandi izotwara uburyo bungana n’imiriyoni amajana ane z’amarindi (400.0000.000frs )zirenga.
Mwomenya ko umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yaherekejwe n’abanyabanga ntunganyabisata bashika kuri batatu hamwe n’umunyabigega Mukuru Zeno Ndaruvukanye ari mu nama Nkuru y’Inararibonye mu Mugambwe CNDD-FDD asanzwe ari n’imvukira n’umushingamateka yatowe muri iyo Ntara ya Bujumbura.
Laisser un commentaire